Wari bwumve iyi miyabaga ikora akazi ko kwica ikabihemberwa ku mugabane wa Buraya?

Ahavuye isanamu, Swedish Police
- Umwanditsi, Daniel Sandford
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu Bwongereza
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 7
Ku nkengera z'igisagara ca Stockholm (umurwa mukuru wa Suède), hadutse umugabo yari yagerageje kwiyoberanya, akaba yari yambaye impuzu zirabura. Hari mw'ijoro, mu gihe co gukanya. Uwo mugabo yari afise inkoho ntoya yo mu bwoko bwa 'pistolet', aca atera yegera Murad Abdelkader, umunyeshure w'imyaka 20 yariko arataha avuye ku kazi.
Ata guteba, uwo mugabo aca atangura kurasa. Abandanya arasa. Arasubira ararasa. Ukwo yegereza uwo yashaka kwica ni ko yaguma arekura amasase y'umwungikanyo. Yamurashe urusasu rwa nyuma mu mutwe, igihe uno munyeshure yari yamaze kurambarara hasi ata gitabara.
Uwakoze ubwo bwicanyi yari Atilla Azimov, umusore w'imyaka 18. Ariko rero, muri iryo joro ryo muri Ruhuhuma (2) umwaka wa 2025, yari ahejeje kwica umuntu atari we.
Yabikoze kubera amafaranga. Yari yahawe akazi n'umurwi w'abagizi ba nabi witwa Foxtrot Network. Ni umurwi ufitaniye isano n'ubutegetsi bwa Irani, ukaba kandi umaze kumenyekana cane kubera imikenyuro ukoresha mu bikorwa vy'ubwicanyi.

Ahavuye isanamu, Swedish Police
Kuva mu mwaka wa 2022, bikekwa ko umurwi Foxtrot Network ari wo wagize uruhara mu bwicanyi bugera kuri 35, hamwe n'ibitero (canke amagerageza y'ibitero) vyagabwe ku bibanza n'inyungu vya Israel ku mugabane wa Buraya, harimwo n'ibitero bibiri vyakoreshejwemwo ibiturika n'amagerenade.
Uwo murwi w'abagizi ba nabi ugerageza gukwega imiyabaga ukayiha akazi biciye ku mbuga ngurukanabumenyi kugira ngo ishire mu ngiro ivyo bitero ikanabihemberwa. Ariko kenshi iyo misoresore ntinashika ku rugero rwo guhembwa kuko ica ifatwa n'inzego z'umutekano imbere y'uko ironka utwo dufaranga.
Muri abo bakoreshwa harimwo Johannes Natland, umusore wo muri Norvège, aherutse gukatirwa umunyororo na sentare y'i Londres ku caha co kugira uruhara mu mugambi wo kwica umuntu muri West Yorkshire.
Nk'uko bivugwa na 'Operational Taskforce' (OTF) GRIMM, umurwi wa Europol washinzwe kugira uhangane n'iyo ngorane, iyo miyabaga ikwegerwa muri ubwo bugizi bwa nabi biciye ku mbuga ngurukanabumenyi, hanyuma igahabwa amabwirizwa mu buryo busa n'ubw'inkino zo kuri mudasobwa (video games), kugira ngo yiyumve nk'uko ari urukino.
Andy Kraag, arongoye ikigo ca Europol kijejwe kurwanya ivyaha bikomeye, avuga ko iyo ngendo ari "ugutanga akazi ko kwica ku bandi mu buryo bwateguwe neza", aho hakoreshwa urwaruka rworoshe guhenda.
Ubu OTF GRIMM ihurikiyemwo ibihugu 11 vyakozweko n'ubwo bugizi bwa nabi, ari vyo: Ububiligi, Danemark, Finlande, Ubufaransa, Ubudagi, Islande, Ubuholandi, Norvège, Espagne, Suède n'Ubwongereza.

Ahavuye isanamu, Swedish Police
Umukuru wa Foxtrot Network, Rawa Majid, yarahunze Suède, mu nyuma ahunga na Turukiya, aho yari yarimuriye ibikorwa vyiwe. Ubu asigaye aba i Tehran, umurwa mukuru wa Irani.
Abapolisi bemeza ko bimwe mu bitero bigirwa n'abantu babitumwa hama bakabihemberwa, bikorwa ku nyungu z'ubutegetsi bwa Irani. Harimwo n'igitero c'igerenade cagabwe kuri ambasade ya Israel i Copenhague. Ariko ibindi bitero bifitaniye isano n'intambara hagati y'imirwi y'abadandaza b'ibiyayuramutwe.
Diamant Salihu, umumenyeshamakuru agira amatohoza ku mboneshakure SVT yo muri Suède, amaze imyaka itatu agira ubushakashatsi kuri Foxtrot Network n'isano ifitaniye n'ubutegetsi bwa Irani.
Yagize ati: « Ubutegetsi bwa Irani butegeka umukuru wa Foxtrot Network gukoresha umurwi wiwe kugira ngo ugabe ibitero ku bantu bufata nk'ababurwanya. »
Yongerako ati: « Abo bashobora kuba abarwanya ubutegetsi, abanyamakuru batavuga rumwe na bwo, canke mbere n'ibibanza bifitaniye isano na Israel. »
Nk'uko Salihu abivuga, isano hagati ya Foxtrot Network n'ubutegetsi bwa Irani ryatanguye kwigaragaza inyuma y'ukwezi kwa 10 umwaka wa 2023, igihe Rawa Majid yahungira i Tehran.
Ati: « Yabwirijwe kugirana amasezerano n'ubutegetsi kugira ngo yemererwe kuba muri Irani mu mwidegemvyo. Ico yasabwa ni uko we n'umurwi wiwe bokorera ubutegetsi bwa Irani. »
Muri Ndamukiza (5) 2025, reta y'Ubwongereza yarafatiye ibihano Foxtrot Network hamwe na Rawa Majid.
Ivyo vyabaye inyuma y'ukwezi kumwe hafashwe Johannes Natland, yari afise imyaka 18 ico gihe. Yari yagiye mu Bwongereza kugira ngo ashire mu ngiro ubwicanyi bwari bwatunganijwe na Foxtrot Network, mu karere kegereye Huddersfield.

Ahavuye isanamu, Counter Terrorism Policing
Urubanza rwa Johannes Natland rwerekana neza ukuntu uburyo bwo kwica hakoreshejwe abantu babihemberwa bumeze.
Natland ni umuhungu w'abamenyeshamakuru babiri baba i Stavanger muri Norvège. Yakuriye mu muryango ubayeho neza, ariko mu nyuma yahavuye atangura kwihereza ibiyayuramutwe, bimuviramwo indwara yo mu mutwe. Ivyo vyatumye aja kuvurirwa mu kigo gifasha abiziziwe n'ibiyayuramutwe.
Aho ni ho yamenyaniye n'uwundi musore yakoresha izina ry'ibanga ku mbuga ngurukanabumenyi rya UnknownHustler.
Ni UnknownHustler yabanje kurungikira Natland ubutumwa bwo kuri internet burondera uwokwemera gushira mu ngiro ubwicanyi mu Bwongereza. Bwagira buti: "Killing in England 270k", bisobanura ko uwokora akazi ko kwica mu Bwongereza yorihwa amakoroni ya Noruveje 270.000, ni ukuvuga ibihumbi birenga gato 28 vy'amadolari ya Amerika.
Ubwo butumwa bwari bwaturutse ku wundi musore yakoresha izina ry'ibanga rya Generalen. Uwo Generalen, yari afise imyaka 16 ico gihe kandi yari amaze imyaka itatu aba mu kigo cakira abana. Ni we yaciye yinjiza Natland muri uwo mugambi wo kwica.
Mu nyuma, Natland yaciye ashirwa mu maboko y'umwe mu bagize Foxtrot Network, yakoresha izina ry'ibanga rya Agent 47, izina ryakuwe mu rukino rwa videwo ruzwi nka Hitman. Abapolisi bo muri Suède bagiriza Ali Shehad Ahmed, umwe mu bantu ba hafi ba Rawa Majid, kuba ari we yakoresha iryo zina rya Agent 47.
Agent 47 ni we yaguriye Natland itike y'urugendo rw'indege rw'inzira imwe imushikana ku kibuga c'indege ca Manchester, kandi aranamufasha kuronka pasiporo y'agateganyo yihutirwa. Abicishije ku rubuga rwo guhanahana ubutumwa rwa Signal, yamuhaye amabwirizwa ku ntambwe yose y'urugendo rwiwe, hanyuma amushikiriza uwundi muntu ajejwe ivy'ugutunganya ibikorwa, yakoresha izina ry'ibanga rya "1".
Mu kumufata nk'umuntu ariko akina urukino rwo kuri videwo, "1" yarungikiye Natland ikarata y'aho aja, hamwe na videwo zimwereka aho yosanga inkoho zari zanyegejwe mw'ishamba riri i Huddersfield. Mu nyuma, yaramurungikiye n'iyindi videwo imwereka aho yosanga amafaranga yari yanyegejwe mu gashamba hafi y'umuhora wo mu kuzimu uca munsi y'ibarabara.
Natland amaze gushika muri hoteli yiwe i Huddersfield, afise izo nkoho, Agent 47 yarongeye amurungikira ubutumwa bugira buti:
"Ejo dufise ibintu vyinshi vyo gukora."
Ariko Natland yafashwe n'abapolisi bukeye bw'aho mu gitondo. Ico gihe ntiyari bwamenye uwo yari agiye kwica, kandi abatohoza bo mu gisata kirwanya iterabwoba baracagerageza kumenya nimba yari agiye kugira ubwicanyi bw'ivyaha bisanzwe canke ubwa politike bwari bwatumwe n'ubutegetsi bwa Irani.
Umusoresore yakwegeye Natland muri ubu bugizi bwa nabi yari umuntu akora bigashimwa. Uretse kwinjiza Natland mu mugambi wo kwica umuntu, yari yarashoboye gukwega n'abandi bantu babiri bakoreshejwe ubwicanyi muri Suède.
Muri abo harimwo Atilla Azimov, yakatiwe gufungwa ubuzima bwiwe bwose azira kwica umuntu atari we yari yatumwe kwica, hamwe n'uwundi musore w'imyaka 17, yarashe akica Ahmed Zamzam i Lund, mu bumanuko bwa Suède, indwi zitatu n'igice imbere y'ubwo bwicanyi.
Nta n'umwe muri abo bicanyi yaronse amafaranga yari yemerewe, kuko bose bafashwe n'abapolisi imbere yo guhembwa. Nk'uko umumenyeshamakuru Diamant Salihu abivuga, ubwo ni bumwe mu buryo Foxtrot Network ikoresha.
Yagize ati: "Ntibitaho na gato ifatwa ry'iyo miyabaga. Kuko iyo imaze gufatwa, ntiba igishobora gusaba amafaranga yari yemerewe. Kandi nta karorero na kamwe twigeze tubona kerekana ko ayo mafaranga yigeze ahabwa abo bicanyi bakiri bato."
Yongerako ati: "Bafashe ingingo yo kuja barakoresha abakiri bato n'imiyabaga kuko boba batigera biyumvira ku ngaruka z'ivyo barimwo canke izo gutabwa muri yompi. Kandi baba biteguye gukora ibintu vy'akaga kurusha abakuze."
Amaherezo, Generalen yarafashwe igihe yariko arategura umugambi wo kwica umuhungu w'umupolisi wo muri Norvège yari afise imyaka 14.
Yari yakoresheje umwana w'imyaka 15 hamwe n'uwundi w'imyaka 17 kugira ngo bagire ico gitero bakoresheje imbugita. Ariko uwo w'imyaka 15 yarabwiye abapolisi uwo mugambi.
Igihe Generalen yafatwa, abatohoza basanze muri telefone yiwe amakuru ajanye n'umugambi wo kwica umuntu i Huddersfield. Ayo makuru ni yo yafashije abapolisi bo mu Bwongereza gufata Johannes Natland hakiri kare, imbere y'uko ashira mu ngiro uwo mugambi.
Generalen yakatiwe muri Rusama (5), akaba ariko ararangiza igihano c'ugupfungwa imyaka 14.

Ahavuye isanamu, Iraq National Intelligence Service
Mu mezi 15 aheze kuva hashinzwe OTF GRIMM, uwo murwi umaze gushika ku bitari bike. Abapolisi bamaze gufata abantu barenga 280, harimwo n'abikekwa bakomeye.
Umwe mu bafashwe bahambaye ni Ali Shehad Ahmed, akekwa ko ari we yakoresha izina ry'ibanga rya Agent 47.
Yafatiwe mu gisagara ca Sulaymaniyah, kiri mu karere k'Abakurdi muri Iraki, kandi ubu Suède yasavye ko arungikwa muri iki gihugu kugira aburanishwe.
Icegera c'umukuru wa Polisi y'igihugu muri Suède, Stefan Hector, yavuze ko bariko baragura ugukorera hamwe n'ibindi bihugu, kugira ngo bereke imirwi y'ivyaha vyateguwe ko ata hantu na hamwe kw'isi ishobora kwiyumvira ko itekanye.
Muri Rusama (5), Mohamed "Moewgli" Mohdhi, yahoze ari umuririmvyi wa rap agafatwa kandi n'abapolisi bo muri Suède nk'umwe mu bantu bakomeye muri Foxtrot Network, yafatiwe muri Tuniziya.
Ariko umukuru wa Foxtrot Network, Rawa Majid, aracari muri Irani, aho adashobora gufatwa.
Umumenyeshamakuru Diamant Salihu agira ati: "Aracabandanya ubugizi bwa nabi. Kandi igihe cose uwo murwi uzoba ugikora, ndafise ubwoba ko tuzobandanya kubona ibitero bigabwa ku bantu ubutegetsi bwa Irani bufata nk'abansi babwo."
Gushika ubu ntibiramenyekana neza urugero amatohoza n'ifatwa ry'abakekwa vyagabanije ubushobozi bwa Foxtrot Network.
Ariko iyindi mirwi y'ubugizi bwa nabi, harimwo Dalen Network, usanzwe ari uwuhiganwa na Foxtrot, na wo waramaze gucakira ubwo buryo bwo gukoresha imiyabaga mu bikorwa vyo kwica ikabihemberwa.
Ni co gituma iyo ngorane ikihari cane. Yatanguriye muri Suède, none iriko ikwiragira mu bindi bihugu vya Scandinavie n'uburaruko bwa Buraya, kandi nk'uko urubanza rwa Johannes Natland rubigaragaza, uwo mugenzo washitse no mu Bwongereza mu mwaka uheze.













