IKIBIRIRAHO, Ukraine: Igitero rutura ca misire za ‘ballistique’ c’Uburusiya kuri Kyiv cahitanye abantu 14, abandi 22 barakomereka

Uburusiya bwagavye igitero kuri Ukraine bukoresheje ibisasu vya misire za ballisque n'ama-drone, gihitana abantu 14, abandi 22 barakomereka, muri kimwe mu bitero rutikizabantu kuri Kyiv uno mwaka.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira

  1. Umugabo afise inkoho yafatiwe hafi y’ikibuga ca golf ca Trump imbere y’urugendo rw'uno muperezida

    Kajugujugu ya Trump iboneka iriko irururuka ku kibuga ca golf i California ejo k uwa kabiri

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Kajugujugu ya Trump iboneka iriko irururuka ku kibuga ca golf i California ejo k uwa kabiri

    Abategetsi bo mu ntara ya California bafashe umugabo yabonetse hafi y’ikibuga ca golf ca Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere ka Los Angeles, imbere y’urugendo rw’uno mukuru w’igihugu aho yategerezwa kwitaba ikoraniro ryo kwegeranya uburyo.

    Abajejwe amatohoza bavuga ko Jeanine John Taele w’imyaka 38 yasanganwe inkoho ntoya (pistolet) n’amasasu atemewe n’amategeko ku Kibuga ca Golf ca Trump kiri ahitwa Rancho Palos Verdes.

    Nk’uko igipolisi ca Los Angeles cabitangaje, uwo mugabo “yabonywe azunguruka muri ico kibuga ca golf afata amafoto n’amavidewo kandi asa n’uwariko arakurikirana ingene integuro z’umutekano zariko ziragenda”.

    Yafashwe ku mugoroba wo ku wa Mungu. Trump yari mu rugendo muri California aho yategerezwa kwitaba ibirori vyo kwegeranya intererano y’umugambwe w’Abarepubulikani vyabaye ejo ku wa kabiri.

    Taele arapfunzwe yagirizwa ivyaha vyo kwitwaza ikirwanisho gicira umuriro yanyegeje no gutunga amasasu abujijwe n’amategeko.

    Nk’uko Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu) yabivuze, Trump yari yitezwe gushikiriza ijambo rinenga buramatari wa California Gavin Newsom, uwo benshi babona ko ashobora kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yo mu 2028, inyuma y’ikiringo kigira kabiri ca Trump kizoba kirangiye.

    Ku wa gatatu, Trump yari ategekanijwe kuja i Las Vegas gushikiriza ijambo muri kimwe mu bibanza bikinirwamwo urusimbi (casino).

    Izo ngendo ziriko ziba mu gihe ibikorwa vya poritike vyashushe imbere y’amatora yo hagati ya manda ategekanijwe muri Munyonyo (11).

    Uno mugabo yahagaritswe inyuma y’uko abajejwe umutekano bari bambaye impuzu zisanzwe bamenyesheje abategetsi b’aho hantu ko hari umuntu ateye amakenga.

    Igihe abapolisi bamuhagarika, basanze yari ariko araronderwa n’igipolisi co mu gisagara ca El Segundo kiri ku birometero 25 mu buraruko bwa Rancho Palos Verdes, ku bijanye n’icaha c’ubusuma.

    Muri iyi myaka ya vuba, Trump amaze guhakwa kwicwa incuro zitatu.

    Abategetsi ntibaravuga nimba uno mugabo yafatiwe i Rancho Palos Verdes yari afise umugambi wo kugirira nabi Trump, kandi nta vyaha nk’ibi yari bwagirizwe.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  2. Ukraine: Igitero rutura ca misire za ‘ballistique’ c’Uburusiya kuri Kyiv cahitanye abantu 14, abandi 22 barakomereka

    Umuriro inyuma y'igitero c'Uburusiya kuri Kyiv

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Uburusiya bwagavye igitero kuri Ukraine bukoresheje ibisasu vya misire za ballisque n’indege zitajamwo abadereva (drone), gihitana abantu 14, abandi 22 barakomereka, muri kimwe mu bitero rutikizabantu kuri Kyiv uno mwaka.

    Muri iki gitero cabaye inyuma y’isaha zitandatu muri iri joro ryakeye, umukuru w’ubutegetsi bwa gisirikare bwa Kyiv, Timur Tkachenko, yavuze ko “umwansi yasubiye kugaba igitero gikomeye cane ku ntara ya Kyiv”.

    Inzamba zo kugabisha zamaze ikiringo kirenga isaha igihe ibisasu vya misire za “ballistique” vyariko birakoragurikira kuri iki gisagara n’imicungararo yaco. Ubutegetsi bwa gisirikare bwa Kyiv buvuga ko ibi bitero vyononye inyubakwa z’uburaro hamwe n’iz’ububiko.

    Tkachenko yavuze ko abantu icenda bishwe mu karere ka Boryspil, bane bicirwa mu karere ka Bucha, mu gihe umuntu umwe yiciwe mu karere ka Fastiv.

    Gushika ubu, ntaco Uburusiya buravuga kuri iki gitero.

    Umukuru w’igisagara ca Kyiv, Vitali Klitschko, yavuze ko hari ubwoba ko hari abantu bamwe bashobora kuba bakizibiriwe munsi y’ibihomoka mu bitero vyagabwe hagati mu gisagara.

    Yanditse ku rubuga rwa Telegram ko abantu bane mu bakomeretse bababaye cane.

    “Umwansi yasubiriye gutera n’ibigirankana abasivire n’ibikorwa remezo vya gisivire”, ni ko ubuyobozi bwa gisirikare bwa Kyiv bwavuze.

    Kuva muri izi ndwi za vuba, Uburusiya bwarongereje akariro mu bitero vyabwo kuri Kyiv.

    Ukraine isaba ibihugu biyishigikiye ko vyoyironsa izindi misile zo mu bwoko bwa Patriot zihingurwa na Amerika kugira ishobore kwivuna ibisasu vya misire za balistique z’Uburusiya.

    Ibi bitero kuri Kyiv bije mu gihe Ukraine nayo yongereje akariro mu bitero vyayo ku bikorwa remezo vya gisivire mu Burusiya, harimwo n’ibigo ntanganguvu.

    Bimwe mu bibangamiwe n’ibi bitero vya Ukraine ni inyubakwa z’ububiko bw’ikompanyi y’Uburusiya Wildberries idandariza ku mbuga ngurukanabumenyi. Ku wa kabiri mu gitondo, abantu batanu barishwe abandi 10 barakomereka mu ntara ya Moscou, mu bitero vya vuba vyabagwe kuri ubu bubiko bwa Wildberries.

    Umusi umwe imbere y’aho, abategetsi b’Uburusiya bavuze ko abantu indwi bishwe, abandi 58 barakomereka mu gitero c’ama-drone ku mweha usanzwe wakira ingenzi nyinshi mu ntara ya Krasnodar mu bumanuko bw’Uburusiya.

    Hagati aho, Ukraine yarakajwe na videwo yerekana drone y’Uburusiya iriko yiruka ku mugabo asanzwe yidandariza imboga mu ntara ya Kherson, ivuga ko ari akamaramaza kubona ingene amadrone y’Uburusiya yiruka ku nzirakarengane z’abasivire.

    Uno mugabo yarokotse ico gitero cari kigabwe kuri we ariko akaba yakomerekejwe n’ibirombora vy’ikibombe carekuwe n’iyo drone yariko iramuhiga.

    Impande zompi zirahakana ko ata basivire zitera n’ibigirankana.

    Mushobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  3. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.