Iskander: Misire ikomeye kurusha izindi muri Afrika muri iki gihe?

Ahavuye isanamu, MWM
Igisirikare ca Algeriya caremeje ku ncuro ya mbere ko gifise misire za Iskander z'umuvuduko usumba uw'ijwi. Carerekanye n'amafoto y'ukuntu izo misire zarashwe mu myimenyerezo ya gisirikare.
Bikekwa ko izo misire zimaze igihe kitari gito Algeriya izifise n'ubwo ata kivyemeza cari bwaboneke. Igisirikare ca Algeriya gisanzwe kidakunda gutangaza ibijanye no kugura ibigwanisho bishasha.
Iskander ifatwa nk'imwe muri misire zikomeye cane kw'isi. Birazwi ko Uburusiya bwayigurishije gusa kuri Arumeniya na Algeriya. Ariko biravugwa ko Koreya ya Ruguru na Koreya y'Epfo na zo zifise misire zisa na Iskander, zikekwa ko zubakiye ku buhinga bwa gisirikare bw'Uburusiya.
Iyo misire irashwe ishobora gushika ku ntera y'ibirometero 500, kandi ikagema neza ico itumberejweko. Ifise n'ubushobozi bwo guhindura inzira iri mu kirere, kandi umuvuduko wayo uri ku rwego rwo hejuru cane utuma kuyitangira canke kuyihagarika biba bigoye rwose.
Misire 'Iskander'

Ahavuye isanamu, MWM
Iskander ni yo misire yo mu bwoko bwa 'balistique' igezweho kuruta izindi imaze gushika ku mugabane wa Afrika canke mu bihugu vy'Abarabu. Kandi ni kimwe mu bisasu bihanitse cane Uburusiya bwakoze mu myaka ya vuba.
Mu bindi bisasu bikomeye Algeriya ifise harimwo ibikorana n'uburyo bwo kwivuna ibitero vy'indege bwa S-400 bishobora gushika ku ntera ndende, ibimodoka mutamenwa vyo mu bwoko bwa T-90, ibimodoka vyo kwikingira ibitero vyo mu kirere vyitwa Pantsir-SM, ubwato bwo munsi y'amazi bwitwa Kilo Class, hamwe na misire zo mu Bushinwa zo mu bwoko bwa CX-1, n'ibindi.
Birakekwa kandi ko Algeriya yagiranye amasezerano n'Uburusiya yo kugura indege z'intambara zo mu bwoko bwa Su-57, n'ubwo ico gihugu kitaravyemeza ku mugaragaro.
Algeria yarongereje cane ibigwanisho vyayo inyuma y'uko ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe ry'ibihugu vy'uburengero OTAN/NATO rigavye ibitero ku gihugu kibanyi ca Libiya mu 2011. Ico gihe, Libiya ntiyari yarateje imbere neza igisata c'ingabo zo mu kirere canke uburyo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere, ivyo bikaba vyatumye itoroherwa.
Ivyo vyatumye Algeria na Misiri bishira amafaranga menshi mu gukomeza ubushobozi bwavyo bwa gisirikare, kugira ngo vyirinde ibitero vyose vyoshobora guturuka ku bihugu vyo mu Burengero.












