Umuriro wazuye ibisasu vyo mu Ntambara ya Kabiri y’Isi vyari bihambwe mu kuzimu mu Bufaransa

Ahavuye isanamu, EPA
Imiriro y’icaduka iriko iratema itongora mu bumanuko bushira uburengero bw’Ubufaransa yazuye ibisasu vyo mu ntambara ya Kabiri y’Isi yose vyahambwe mu kuzimu mu kigwati cari cimuwemwo abakibamwo.
Abanyagihugu bo mu gisagara ca Le Porge baramaze gusubira mu ngo zabo inyuma y'aho abahinga mu gutegura ibisasu bamariye iminsi myinshi begeranya ibisasu bishika amajana ane, birimwo ibisasu vya muzinga n’ibindi vyo gusambura ibimodoka vy'intambara bitamenwa n’amasasu asanzwe.
Umukuru w'igisagara ca Le Porge, Martial Zaninetti, yavuze ko ubushuhe bwinshi n'ubukomezi bw’uno muriro vyatumye bimwe muri ibi bisasu biturika, kimwe muri vyo kigatoboranya n’inzu.
Abahinga bavuga ko ibi biturika vyari uruvangatirane rw’ibisasu vy'Abadagi n'ivy’Abafaransa.
Umuriro wari ugize imisi uriko uranzaganya mu ntara ya Gironde ubu waramaze kuzimwa inyuma yo kurigita akarere Kangana na kirometero kwadarato 420 mu kiringo c’imisi yababa cumi.


