Trump yakangishije kurasa Iran 'bikomeye nanone iri joro' nyuma yo kuvuga ko agahenge 'karangiye'

Umutegetsi wo muri Iran avuga ko ayo magambo ya Trump yerekeza "akarere ku muriro" – ndetse yaburiye ko imitwe yitwaje intwaro ikoreshwa na Iran yo muri ako karere yashyize "urutoki ku mbarutso".

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Aha ni ho dusoreje amakuru y'uyu munsi yo mu buryo bw'aka kanya. Mwakoze kubana natwe. Ni ah'ejo ku kane.

  2. Videwo igaragaza inkongi y'umuriro ku cyambu cy'uburobyi mu majyepfo Irani nyuma y'ibitero bya Amerika

    Insiguro ya video, Videwo igaragaza inkongi y'umuriro ku cyambu cy'uburobyi mu majyepfo Irani nyuma y'ibitero bya Amerika
  3. Trump yakangishije kurasa Iran 'bikomeye nanone iri joro' nyuma yo kuvuga ko agahenge 'karangiye'

    Perezida w'Amerika Donald Trump arimo kuvuga. Yambaye ikositimu y'umukara, ishati y'umweru na karuvati yiganjemo ibara ry'umuhondo.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Perezida Donald Trump yakangishije gutera Iran “bikomeye” iri joro, nyuma y’amasaha avuze ko atekereza ko agahenge hagati y’Amerika na Iran “karangiye”.

    Trump – uri mu nama y’umuryango wo gutabarana w’Uburayi n’Amerika (OTAN/NATO) muri Turukiya – mbere yavuze ku butegetsi bwa Iran agira ati: “Sinshaka kongera gukorana na bo, ni umwanda. Ni abarwayi, bategetswe n’abarwayi.”

    Trump yongeyeho ko abari mu biganiro bo ku mpande zombi bashobora gukomeza kuganira ariko agira ati: “Ntekereza ko barimo guta igihe cyabo.”

    Umutegetsi wo muri Iran avuga ko ayo magambo ya Trump yerekeza "akarere ku muriro" – ndetse yaburiye ko imitwe yitwaje intwaro ikoreshwa na Iran yo muri ako karere yashyize "urutoki ku mbarutso".

    Trump abivuze nyuma yuko ibihugu byombi bigabanyeho ibitero. Mu ijoro ryo ku wa kabiri, Amerika yavuze ko yarashe ku hantu harenga 80 ho muri Iran.

    Mu gusubiza, Iran yavuze ko yari irimo kurasa ku bigo bya gisirikare by’Amerika byo muri Bahrain no muri Kuwait.

    Ibitero by’Amerika byo ku wa kabiri byakurikiye ibitero ku mato atatu atwara ibikomoka kuri peteroli mu muhora wa Hormuz. Iran ntiyigambye ibyo bitero mu buryo butaziguye.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Misiri isaba FIFA kwirukana mu gikombe c'isi abahagarikiye urukino yatsinzwemwo na Argentine

    Abakinyi ba Misiri bariko baharira n'umuhagarikizi mu rukino rwaraye ruhuje umurwi w'igihugu cabo na Argentine.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Misiri ryatangaje ko ryasavye FIFA kwirukana– mu nkino zisigaye – abari bahagarariye urukino rwaraye ruhuje iki gihugu na Argentine, mu gice c’umunani gishira ica nyuma c’inkino z’igikombe c’isi.

    Iryo shirahamwe rivuga ko ryatanze ikirego muri FIFA. Risaba ko hakorwa amatohoza ku vyo ribona ko umurwi w’abari bahagarariye urukino bafashe iyo mirwi ibiri ugutandukanye mu kibuga iryo ryise ‘double standards’.

    Abajejwe ubuhinga bwo gukurikiranira urukino kuri za mudasobwa buzwi nka ‘VAR’ baranse igitsindo ca kabiri c’umukinyi wa Misiri Mostafa Ziko, inyuma y'uko Marwan Attia ahaniwe guhonyora ku kirenge ca Lisandro Martinez wa Argentine, mu ntango y'ukwivyukiranya kwari kwaviriyemwo Misiri ico gitsindo.

    Ni mu gihe Misiri yari isanzwe ifise igitsindo kimwe ku busa bwa Argentine (1-0).

    Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Misiri rivuga kandi ko Mohamed Salah yakorewe ikosa ryari rikwiye gutangirwa penariti, amasegonda make imbere y'uko abakinyi ba Argentine batangura igitero cabavyariye igitsindo, bica bituma urukino rurangirira ku ntsinzi ya Argentine y'ibitsindo 3 kuri 2.

    Mw'itangazo ryasohoye, iryo shirahamwe ryagize riti: "Hany Abo Rida, umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Misiri, yajanye ikirego muri FIFA asaba ko hakorwa itohoza ku muhagarikizi w'Umufaransa François Letexier, kubera amakosa akomeye yakozwe n'umurwi w'abari bahagarariye urukino hamwe n’uguhengama mu ngingo bafashe, ivyo bikaba vyatumye umurwi nserukiragihugu wa Misiri utsindwa kandi ugasezerwa mu nkino z’igikombe c'isi."

    Izindi nkuru wosoma:

  5. DR Congo: Intara ya Kivu y'Epfo imaze iminsi 41 itarangwamo Ebola mu gihe mu zindi ntara bituranye ho yiyongereye

    Umukozi wo mu rwego rw’ubuvuzi arimo gupima umuriro umugore, mu ngamba zo kurwanya Ebola, i Goma mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, ku itariki ya 24 Kamena (6) mu 2026.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Umukozi wo mu rwego rw'ubuvuzi arimo gupima umuriro, mu ngamba zo kurwanya Ebola, i Goma, mu kwezi gushize (ifoto mbarankuru)

    Intambwe ikomeye yatewe mu ntara ya Kivu y’Epfo muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC), aho iminsi 41 ikurikiranye imaze gushira nta murwayi mushya wa Ebola uhagaragaye.

    Iyo ntambwe, ijyanye n’imibare yatangajwe ku wa mbere w’iki cyumweru, iharuriye inzira iki kiza ngo kibe cyatangazwa ko cyacitse muri iki gice cyo mu burasirazuba bwa DRC.

    Ubwandu bwa nyuma buheruka kugaragara muri Kivu y’Epfo ni ubwo ku itariki ya 26 Gicurasi (5) uyu mwaka, mu karere k’ubuvuzi ka Miti-Murhesa, ubwo abantu batatu batangazwaga ko banduye naho undi umwe agatangazwa ko yishwe na Ebola.

    Ariko ishusho rusange yo muri ako karere iracyateye inkeke. Iki kiza cyagaragaye ndetse cyemezwa mu ntara eshatu: Ituri, Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo. Cyibasiye cyane intara ya Ituri, ikaba yihariye nibura 90% by’ubwandu bwose bwamaze gutangazwa.

    Raporo iheruka gutangazwa yuko iki kiza gihagaze ivuga ko kuva cyatangazwa ko cyongeye kwaduka muri iki gihugu ku itariki ya 15 Gicurasi, ubu bimaze kwemezwa ko abantu 1,708 banduye, 580 bapfuye, 280 bakize, naho abarwayi 680 bakaba barimo kwitabwaho.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Trump avuga ko amasezerano yo guhagarika intambara ‘yarangiye’ inyuma y’uko Amerika na Irani basubiye kurasana

    Trump na JD Vance

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Abajijwe ibijanye 'ibiganiro, Trump yishuye ati: 'Barashobora kuganira, ariko nibaza ko bariko bata umwanya'

    Mw’ijambo yashikirije mw’ikoraniro rya OTAN ririko ribera muri Turukiya, Donald Trump yavuze ko ubutegetsi bwa Iran bugizwe n’“abantu babi”, kandi ko ari ubutegetsi bw’ “abasazi”.

    Yafatiye ku bitero ku mato mu Muhora wa Hormuz ejo ku wa kabiri, hamwe n’ibitero vyagabwe ku bibanza vyo muri Kuwait na Bahrain.

    Abajijwe ku bijanye n’amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Amerika na Iran, Trump yishuye ati: “Nibaza ko ivyayo vyarangiye”.

    Ati: “Sinshaka gusubira kugirana na bo ico ari co cose, ni abantu b’imburakimazi. Murazi ico ari co imburakimazi? Ni imburakimazi. Ni abarwayi. Bayobowe n’abarwayi. Kandi ni ababisha, inkozi z’ikibi”.

    Trump yashimangiye aho Amerika ihagaze ko IranI idashobora kwemererwa gutunga ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.

    “Ni nka kanseri, kandi urazi ico utegerezwa gukora: kanseri utegerezwa kuyikuraho hakiri kare.

    “Ari nka hamwe boramuka baronse ikirwanisho ruhonyanganda c’ubumara, bogikoresha”.

    Trump avuga ko abaganiraku mpande zompi “bashobora kubandanya baganira” ariko ko “bariko bata umwanya”.

    Ati: “Jewe ntaco bimbwiye. Ni ababeshi. Turagirana amasezerano. Hanyuma bo [Iran] basohotse, bakavugana n’abanyamakuru, bababwira bati ‘ico ntaco twigeze tuganirako’. Hategerezwa kuba hari ikintu kitagenda neza muri bo. Ni abasazi. Ku bwanje, vyarangiye.”

  7. Igisirikare ca Ukraine kivuga ko casambuye amato y’igitoro c’Uburusiya akorera mu gifuri

    Ubwato bw'igitoro

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Nk’uko bitangazwa n’umukuru w’Ingabo za Ukraine zikoresha ubuhinga bw’indege zitajamwo abadereva, Robert Brovdi, azwi ku kazina ka gisirikare ka Madyar, muri iri joro ku wa 8 Mukakaro (7), ingabo za Ukraine zarashoboye gusambura amato icenda atwara igitoro akora rwihishwa mu Kiyaga ca Azov.

    Avuga ko mu masaha 72 aheze ingabo za Ukraine zarashe amato 21 yose hamwe: amato 19 atwara igitoro akorera mu binywabi, ubwato bw’imizigo isanzwe, hamwe n’ubwato bumwe bwambutsa abantu n’imizigo ahitwa Kerch.

    Umukuru w’intara ya Rostov, Yuri Slyusar, yanditse ku rubuga rwa Telegram ko amato abiri atwara igitoro yariko aja i Rostov-on-Don yononekaye mu gitero ca drone cagabwe mu karere ka Taganrog Bay kari mu Kiyaga ca Azov.

    Aya mato yari gusa, kandi nta gitoro camenekeye mu mazi. Avuga ko ata muntu yasize ubuzima muri ico gitero, uretse abantu babiri gusa bakomeretse bukebuke.

    Ntibizwi neza nimba ayo mato abiri ari mu yo Robert Brovdi yavuze ko yatewe n’ingabo za Ukraine.

  8. Umugwa mukuru wa Ukraine wasubiye guterwa ibisasu vya misire mu gatondo k'uno wa gatatu

    Ingaruka z'ibiturika

    Ahavuye isanamu, t.me/mvs_ukraine

    Mu gatondo ko kuri uno wa gatatu, Uburusiya bwasubiye kurekurira ibisasu vya misire na za ndege zitajamwo abadereva (drone) ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv.

    Humvikanye urukurikirane rw’ibiturika muri iki gitero abategetsi bavuga ko cahitanye nibura umugore.

    Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere kivuga ko Uburusiya bwarashe ibisasu vya misire bitanu vya ballistique vyo mu bwoko bwa Iskander-M/S-400, ibisasu bibiri vya misire vyo mu bwoko bwa Kh-31P bisambura ama-radar, hamwe n’ama-drone 169.

    Kivuga kandi ko 139 muri ayo madrone yarashwe, ariko ko muri izi misire za ballistique zitanu ata n’imwe yatangiriwe, mu gihe izo zindi zibiri zahushije ibibanza zari zitumberejweko.

    Umukuru w’igisagara, Vitali Klitschko, avuga ko ibi bitero vyateje umuriro mu turere tubiri tw’ico gisagara.

    Abategetsi bo mu gisagara ca Kharkiv, kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine, na bo nyene batangaje ko habaye ibitero vy’Uburusiya. Umukuru w'iki gisagara, Igor Terekhov, avuga ko abantu babiri bishwe, abandi bashika 20 barakomereka, inyuma y'uko inzu y'uburaro iguweko n'igisasu.

    Ibi bitero bishasha bije bikurikira ibindi vyabaye ku wa mbere, aho ibisasu bitari bike vy’Uburusiya vyahitanye abantu bashika mirongo itatu muri Ukraine.

    Ibi bitero biriko biba mu gihe Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ari mw’ikoraniro ry’urunani rwo kwivunira umwansi hamwe OTAN/NATO ririko ribera muri Turukiya, aho ariko arasaba ko igihugu ciwe coronswa uburyo bugezweho bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere.

    Ibindi vyinshi kuri iyi ntambara fyonda hano: Intambara Russia-Ukraine

  9. Amerika na Irani vyasubiye kurasana inyuma y’ibitero ku mato y’igitoro mu Muhora wa Hormuz

    Insiguro ya video, Habonetse imbeya z'umuriro inyuma y'ibitero vya Amerika

    Amerika yagavye ibitero “bikomeye cane” kuri Irani mu kwishura ibitero vyagabwe ku mato atatu atwara igitoro mu Muhora wa Hormuz.

    Ubuyobozi Bukuru bw’Ingabo za Amerika mu karere (CENTCOM) buvuga ko ejo ku wa kabiri ko bwakubise ibibanza birenga 80, harimwo amato mato arenga 60 y’Ishami ry’igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (IRGC) yari muri uwo muhora.

    Ibinyamakuru vyegamiye reta ya Irani bivuga ko ivyo bitero vyagabwe kw’izinga rya Qeshm, no mu turere twa Bandar Abbas na Sirik, hakaba hari abakomeretse bazize ibisigarira vy’amasasu n’ibiturika. Irani ntiremanga ku mugaragaro ko ari yo yateye ayo mato atatu mu gitero catumye Amerika igaba ibitero.

    IRGC itangaza ko yakoze ibitero vyo kwihora ku bibanza vya gisirikare vya Amerika biri muri Bahrain no muri Koweit mu masaha ya kare yo kuri uno wa gatatu.

    IRGC ivuga kandi ko yarekuriye ibisasu vya misire na za ndege zitajamwo abadereva (drones) ku cicaro c’Ingabo za Amerika zirwanira mu mazi, hamwe no ku kigo c’ingabo zirwanira mu kirere muri Koweit.

    Ejo ku wa kabiri, icegera c’umushikiranganji w’imigenderanire ya Irani n’ayandi makungu yari yavuze ko ibitero vya Amerika bihonyanze amasezerano hagati ya Amerika na Irani yashizweko umukono mu kwezi guheze, kandi akagabisha ko Irani “izofata ingingo ruhasha”.

    Amerika yari yavuze ko hategerezwa kuba ingaruka ku bitero ivuga ko “bidashobora kwihanganirwa na gato” vyagabwe kuri ayo mato atatu atwara igitoro.

    CENTCOM yavuze kandi ko, uretse aya mato matoya 60, yateye ibibanza birasirwamwo ibisasu vya misire hamwe n’ibigo vy’ubuyobozi bwa gisirikare vya Irani. Ntiyatangaje aho ivyo bibanza biherereye.

    Qatar na Arabia Sawudite vyiyamiriza ivyo bitero, kimwe cose kikavuga ko ubwato bwaco bwatewe mu gihe bwaca muri uwo muhora canke hafi yawo, bikagiriza Irani.

    Ayandi makuru:

  10. Igikombe c'Isi 2026: Umubabaro n'imyidogo kuri Misiri yaraye isezerewe na Argentine mu minota yanyuma

    Messi

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Igitsindo ca Messi camutumye aba umukinyi wa mbere muri kahise k’igikombe c’isi yinjije ibitsindo mu nkino zitandatu zikurikirana zo mu gice co gukuranamwo

    Umubabaro ni mwinshi cane muri Misiri inyuma y’uko iki gihugu gitsinzwe mu minota ya nyuma y’urukino rwa nijoro rwayihuje na Argentine, mu gihe gushika ku minota 11 y’imbere y’uko rurangira Aba-Pharaohs/ Pharaons ba Misiri bari bamaze kwinjiza bibiri Argentine ifise ubusa.

    Iyo minota 11 yabaye akaga gakomeye kuri Misiri, kuko urukino rwagiye kurangira batsinzwe, kandi basa n’abari bafise ibintu mu minwe.

    Ku munota wa 79, Cristian Romero yateye ica mbere, inyuma y’aho, ibintu vyahindutse ku muvuduko uteye ubwoba, kandi mu buryo bubabaje cane.

    Igihe Romero yinjiza iki gitsindo, vyasa nk’aho Misiri yari igisigaje gusa kuzibira kugira ngo ikingire intzinsi yayo. Ariko vyaboinetse ko bari batekewe n’ubwoba igihe kizigenza Lionel Messi – yinjiza ica kabiri, inyuma y’iminota ine, ni ukuvuga ku munota wa 83, baba baranganije.

    Iki gitsindo ca Messi camutumye aba umukinyi wa mbere muri kahise k’igikombe c’isi yinjije ibitsindo mu nkino zitandatu zikurikirana zo mu gice co gukuranamwo.

    Mu gihe buri murwi wariko urondera igitsindo c’intsinzi, amahirwe yatahiye Argentine, aho Enzo Fernandez yateye ica gatatu n’umutwe ku mupira yari ahawe na Lautaro Martinez.

    Muri kahise k’Igikombe c’isi, ni bwo bwa mbere aho umurwi wari umaze gutsindwa ibitsindo bibiri wivyukiranya ugatsinda urukino ata na wa mwanya w’inyongera (prolongation) uhawe.

    Mostafa Zico

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Ku munota wa 58, Mostafa Zico yari azi ko yinjije igitsindo kigira kabiri ca Misiri, ariko umuhagarikizi yaracanse yifashishije ubuhinga bwa VAR. Gusa, inyuma y'iminota icenda, ni ukuvuga ku munota wa 67 yahavuye yinjiza ica kabiri coco cemewe

    Abanyamisiri babona ko umuhagarikizi yabarenganije. Yifashishije bwa buhinga bwa videwo (VAR), umuhagarikizi yaranse igitsindo ca kabiri bari binjije, VAR ikaba yerekanye ko cinjiye habanje kuba ikosa. Aho hari imbere y’uko Mostafa Zicoyinjiza igitsindo ca kabiri ku munota wa 67, coco cemewe.

    Baratewe n’uburakari kandi igihe umuhagarikizi yanka kubaha penalty kw’ikosa ryari rikorewe Mohamed Salah, akanya gato imbere y’uko Fernandez yinjiza igitsindo c’intsinzi ca Argentine, aba-Pharaohs baba barasezeye ihiganwa.

    Gushika ubu, Maroc ni co gihugu conyene ca Afrika kigisigaye muri iri higanwa, aho izohura n’Ubufaransa mu gice ca kane gishira ica nyuma.

    Ayandi makuru y'igikombe c'isi 2026:

  11. Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.