Kubera iki bimwe mu bihugu vya Afrika vyanka imfashanyo ya Trump?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Barbara Plett Usher
- Igikorwa, BBC Africa
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 9
Inyuma yo guhagarika ikigo ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika gitanga imfashanyo mu makungu (USAID), ubutegetsi bwa Trump bwabandanije gutanga amamiriyoni y'amadolari ku bihugu vya Afrika kugira ngo afashe inzego zavyo z'ubuvuzi no kurwanya indwara.
Ariko iyo mfashanyo izanana n'amabwirizwa mashasha yatumye ibihugu bimwe bimwe biyiyamiriza.
Igihe Perezida wa Kenya William Ruto yasinya amasezerano ya mbere i Washington mu kwezi kwa 12 guheze, umushikiranganji w'imigenderanire wa Amerika, Marco Rubio, yavuze ko yizeye ko ari amasezerano ya mbere muri menshi agiye kuza.
Rubio yagize ati: "Twiteze gusinya, sinzi, 30, 40, canke angahe? Mirongo itanu? Aya ni aya mbere. Tuzokwama twibuka ibi ... kandi twibaza ko twahisemwo umufatanyabikorwa abikwiye."
Ni amasezerano y'agaciro ka miliyaridi 2.5 z'amadolari yagiranye na Kenya. Ariko yaratevye kubera abaharanira uburenganzira bituye sentare kugira iyahagarike, n'ubwo abashikiranganji bahavuye bayemeza mu kwezi guheze.
Inyuma gato yo gutangura amabanga yiwe mu kiringo kigira kabiri, Perezida Donald Trump yategetse ko ikigo USAID cugarwa. Yacagirije gukoresha amafaranga y'umurengera, mu gihe we asanzwe agendera ku murongo wa "America first", politike ishira Amerika imbere ya vyose.
Ico kigo caratanga imfashanyo ku bihugu vya Afrika, mu bisata bitandukanye, harimwo mu gisata c'amagara.
Ubu, umukenyuro mushasha w'ubushikiranganji bwa Amerika bw'imigenderanire, ni ugusaba reta zihabwa imfashanyo kwongereza na zo nyene amafaranga zikoresha mu gisata c'amagara, hagamijwe kwubaka ubushobozi bwazo bwo kubeshaho ico gisata.
Nk'akarorero, Amerika itegekanya guha Kenya miliyaridi 1.6 z'amadolari ku gihe kirekire, ariko na Kenya yiyemeje gushiramwo imiliyoni 850 z'amadolari ku kiringo c'imyaka itanu.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Rubio yabwiye inama nshingamateka ya Amerika mu kwezi guheze ati: "Imfashanyo yacu kuri ivyo bihugu ntizoba ari amafaranga gusa atangwa ku mashirahamwe atari aya leta kugira ngo yinjire mu bihugu gurtyo vyirangurire imigambi."
"Ntituvura indwara zikomeye gusa, ahubwo tunabafasha kwubaka ubushobozi bwo kuvyikorera ubwabo."
Ubu buryo bwo gufashanya aho buri ruhande rugira ivyo rwiyemeza, ni impinduka ikomeye umuntu agereranije n'ingene vyari vyarategekanijwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara OMS.
Amerika yaravuye muri OMS mu ntango z'uyu mwaka, aho yasiguye ko ari akarenganyo kuba Washington yagiye itanga imfashanyo isumba iyitangwa n'ibindi bihugu. Ikindi, Amerika yagirije OMS ko yavyifashemwo nabi mu gihe c'ikiza ca COVID19, kandi ko itakoreye ku mugaragaro hamwe n'uko yagiye yivanga mu bibazo vya politike.
Amasezerano asinywa hagati ya Amerika n'ibindi bihugu mu gisata c'amagara, ategekanya ingingo zishira imbere ibigo bikora imiti n'amashirahamwe y'ubuvuzi vyo muri Amerika kugira bibe ari vyo bitanga ubufasha buba bukenewe.
Muri iyi politike nshasha y'imigenderanire, abategetsi ba Amerika bagira bati: "Intumbero yacu y'ubufasha mu gisata c'amagara ku rwego mpuzamakungu si ugutanga imfashanyo gusa. Harimwo n'imigambi yo guteza imbere inyungu zacu kw'isi yose."
Mu kwezi kwa gatanu, ibihugu 32 vyaremeje amasezerano y'ugufashanya na Amerika mu gisata c'amagara. Muri vyo, harimwo Amerika y'Epfo, Karayibe n'ibihugu 20 vya Afrika.
Yamara, bimwe mu bihugu vyo ku mugabane wa Afrika harimwo Ghana, Zimbabwe na Zambia, vyaranse iyo mfashanyo ku mvo zitandukanye.
Muri Zambia, umushikiranganji w'imigenderanire Mulambo Haimbe yanenze ico yavuze ko ari amayeri ya Amerika yo gufatanya amasezerano y'imfashanyo z'amagara y'abantu n'inyungu z'ubutunzi zayo bwite biciye mu kwinyegeza inyuma y'ayandi masezerano atuma Amerika ishikira amabuye y'agaciro nkenerwa.
Yabwiye BBC ati: "Bagenzi bacu [Abanyamerika] bibaza ko [ayo masezerano yompi] akeneye kuganirirwa hamwe."
Yamara, ashimangira ko reta ya Zambia yipfuza kuyaganirako amwe yose ukwayo, ku nyungu z'igihugu.
Agira ati: "Amerika ibona ko ari ngirakamaro rwose guhitamwo inzira iteguwe neza yo gucukura amabuye y'agaciro nkenerwa. Kandi biraboneka ko uwo mukenyuro ari aho watera werekeza."
Umushikiranganji w'imigenderanire wa Amerika BBC imubajije kuri ivyo bibazo bibiri yagiye avyishurira hamwe mu gutanga inyishu imwe ifatiye kuri "America first" (Amerika imbere ya vyose).
Ashimangira ko imfashanyo mpuzamakungu itangwa n'ubutegetsi bwa Trump atari iy'ubugiraneza, ahubwo ko ari umutahe ukeneye gushorwa mu buryo bw'ubwenge kugira ngo uteze imbere inyungu za Amerika.
Abandanya avuga ko yizeye ko "abafatanyabikorwa bacu bose n'ibihugu bigenerwa imfashanyo bazofata nk'ikintu gihambaye umugambi w'ubucuruzi wa Amerika."
Mu kwezi guheze, habonetse ibindi bimenyetso bigaragaza ko Amerika ishaka gufatanya ibijanye no gutanga imfashanyo ku rwego mpuzamakungu n'inyungu zayo bwite. Muri iyi ntumbero, ivuga ko ishobora no guhagarika burundu imfashanyo itanga mu gisata co kurwanya Sida muri Afrika y'Epfo.
Umwe mu bategetsi ba Amerika yavuze ko ibi biriko biterwa n'uko Pretoria "itashoboye gutera intambwe igaragara mu vya politike", harimwo no kunanirwa gutorera inyishu ikibazo c'aba Afrikaner, abazungu bo muri ico gihugu.
Amerika ivuga ko hariko haraba "ubwicanyi bw'abazungu" muri Afrika y'Epfo kandi ko bwirengagijwe cane.
Ku bihugu bimwe bimwe vya Afrika vyari mu masezerano ajanye n'igisata c'amagara y'abantu hagati ya vyo na Amerika, impungenge zavyo zijanye n'uko Amerika ishobora gutwara umutungo kamere n'ayandi mukuru y'ibanga yerekeye abanyagihugu bavyo.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Ubwa mbere, Sentare ya Kenya yari yabanje guhagarika ayo masezerano inyuma y'uko hatanzwe ikirego ku makenga ko uwo mugambi ushobora gutuma amakuru y'ibanga yerekeye amagara y'abarwayi adakingirwa.
Arnold Kavaarpuo, umuyobozi mukuru w'ikigo kijejwe gukingira amakuru y'ibanga muri Ghana, yabwiye BBC ko reta y'ico gihugu na yo nyene yanse ayo masezerano kubera izo mpamvu nyene.
Yagize ati: "Twari dufise amakenga ku bwinshi n'ubwoko bw'amakuru twasabwa kwegeranya."
"Twasabwa kuyashikiriza inzego za Amerika ata cemezo dufise ko amakuru y'ibanga y'abanyagihugu ba Ghana hamwe n'ubutavogerwa bw'igihugu cacu vyoba bikingiwe."
Arangiza agira ati: "Twabonye ko ayo makuru amaze kurenga imbibe za Ghana, tuba tutagifise ububasha bwo kumenya canke kugenzura ico azokoreshwa."
Na Zimbabwe yavuze ko impungenge zayo zari zishingiye ku gusabwa gutanga amakuru yerekeye amagara y'abarwayi, ayo na yo akaba ashobora guca ashirwa mu maboko y'amashirahamwe y'Abanyamerika akora imiti. Ni vyo vyatumye ico gihugu na co nyene gica ciyamiriza uwo mugambi wa Amerika.
Umuvugizi wa reta yavuze ko ata cemezo cari kihari c'uko imiti canke incanco zokorwa hakoreshejwe izo ndemamubiri zitera indwara (pathogens) zizoronswa abanyagihugu ba Zimbabwe.
Yasubiriye kwibutsa ko Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu (OMS/WHO) risanzwe rifise uburyo ibihugu birigize bisangira amakuru kandi bikungukira hamwe ku miti canke ku ncanco zose zikorwa iyo haba hadutse ibiza bishasha.
Ibihugu vya Afrika bisanzwe bitanga amakuru yerekeye amagara biciye mu migambi isanzwe ihari harimwo USAID canke PEPFAR, umugambi mukuru wa Amerika ujejwe kurwanya Sida.
Amerika ishimika ko gusangira amakuru muri iki gisata ari ngirakamaro kugira ubushakashatsi bubandanye gutera imbere.
Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire wa Amerika yavuze ko amakuru yasabwe ari ya makuru nyene amaze imyaka akoreshwa mu kurwanya indwara zandukira, kandi ko ari amakuru yakuwemwo ibimenyetso vyose bishobora gutuma hamenyekana uwo yavuyeko.
Ku bwa Nelson Aghogho Evaborhene, umuhinga wo muri kaminuza a Roskilde muri Danemark, akaba ariko agira ubushakashatsi ku gisata c'amagara y'abantu kw'isi yose, ahanini icahindutse si ayo makuru ubwayo, ahubwo ni uburyo ayo masezerano abonwa.
Agira ati: "Mu bisanzwe, yari imigenderanire irimwo ugusumbasumbana, ariko ku rwego rwa politike vyari gushobora kwemerwa, kuko vyari gushobora gusigurirwa abanyagihugu mu kubereka ko ari mu ntumbero yo guteza imbere igisata c'amagara."
Yongerako ati: "Ubu ibintu vyarahindutse cane, kuko vyabaye nk'ubudandaji aho uruhande rumwe rugerageza kwumira ku nyungu kurusha urundi."
Ni mu gihe ibihugu vyinshi vya Afrika vyakuye icigwa gikomeye ku kiza ca Covid-19. N'ubwo amakuru yerekeye uturemangingo dutera indwara (pathogens) yerekanye akamaro kayo mu gukora incanco, Afrika yarasigaye inyuma mu kuronka izo ncanco ku banyagihugu bayo.
Aggrey Aluso, umuyobozi mukuru w'ishirahamwe RANA (Resilience Action Network Africa), yavuze ati:
"Niyumvira ko kimwe mu vyiza bikomeye Afrika ifise ari uko dufise amakuru y'agaciro ashobora gufasha kwubaka uburyo bukomeye bwo gukingira amagara kw'isi yose."
RANA ryifatanije n'ayandi mashirahamwe y'abanyagihugu arenga 50 mu gushira umukono ku rwandiko rwuguruye rwaburiye abakuru b'ibihugu vya Afrika ko ivyo Amerika isaba bidahuye n'inyungu z'ibihugu vya Afrika, ibi bikaba vyashigikiwe kandi na Afrika y'Epfo.
Umushikiranganji w'Amagara y'Abantu wa Afrika y'Epfo, Dr Aaron Motsoaledi, yabwiye BBC ati: "Mu vy'ukuri, nta gihugu na kimwe ciyubaha kw'isi gishobora kwemera ayo mabwirizwa."
Yongeyeko ati: "Bisigura ko Amerika yoguma iza gutora uturemangingo dutera indwara igihe cose hoba hadutse ibiza mu gihugu cabo."
Mu ndwi ziheze, ibiganiro ku bijanye na dipolomasi ishingiye ku magara y'abantu vyaragabanutse cane kubera ikiza gishasha ca Ebola giherutse kwaduka muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (RDC).
RDC ni kimwe mu bihugu vya mbere vyemeye gusinya amasezerano mashasha ya Amerika yerekeye amagara. Amerika ivuga ko ayo masezerano afasha mu gutunganya neza ingene reta ya Kinshasa ihangana n'ico kiza.
Ariko rero, nk'uko bivugwa n'abakozi b'amashirahamwe ajejwe gutabara imbabare hamwe n'abahoze ari abakuru mu rwego rw'amagara muri Amerika, igabanywa ry'imfashanyo za Amerika kuri RDC no kuri OMS (WHO) ryaragabanije cane ubushobozi bwo kurwanya ibiza.
Amadou Bocoum, aserukira ishirahamwe Care International muri RDC, yavuze ko yabwirijwe guhagarika mu kazi abakozi 36, bangana n'ica gatatu c'abakozi bose b'iryo shirahamwe muri ico gihugu, inyuma y'uko imfashanyo za USAID zigabanijwe. Muri abo harimwo abari bajejwe guhimiriza abanyagihugu, gutanga inyigisho z'amagara, no gukinga ikiza ca Ebola.
Yagize ati: "Igihe iki kiza gishasha ca Ebola caduka, abo bakozi ntibari bakihari, kandi n'ingingo zo gutabara vyihutirwa na zo ntizari zikiriho."
Yongeyeko ati: "Iyo haza kuboneka amafaranga akwiye, twari gutegura vyose hakiri kare maze tugaca dutangura gukwiragiza ibikoresho vya nkenerwa nk'ivyambarwa bikingira abakozi bo kwa Muganga kuva ku musi wa mbere. Ariko twatanguye kurwanya ico kiza ata na kimwe dufise, bituma dutakaza imisi cumi."
Abanegura politike ya Trump bavuga ko ifutwa rya USAID ryabaye intambamyi ikomeye mu gutahura hakiri kare ikiza ca Ebola no mu kwihutisha uburyo bwo kukirwanya. Bashimika ko iryo shirahamwe ryari rifise uruhara runini mu gutanga ibikoresho no gushikira ababa mu turere two mu mitumba.
Ariko Amerika irahakana ko igabanywa ry'imfashanyo zayo ryagize ico ryononye kuri izo ngingo zo kurwanya ikiza. Ivuga ko ubufasha bwayo ubu bwatunganijwe neza kandi bukora kurushiriza, biciye mu mugambi mushasha yashizemwo imiliyoni 270 z'amadolari zo gufasha kurwanya ico kiza.
Kimwe mu bituma Amerika isaba ayo masezerano mashasha ni ubushake bw'ubutegetsi bwayo bwo guhimiriza ama reta gukoresha, mu gisata c'amagara, amafaranga yazo ava imbere mu gihugu. Ariko abahinga bavuga ko ibihugu vyinshi vya Afrika bitarakurikiza neza iyo ngingo, n'ubwo vyari vyiyemeje kubikora kuva mu mwaka wa 2001.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ariko hari abandi baburira ko ikiza ca Ebola cerekanye neza akaga gashobora guterwa n'umugambi hagati y'ibihugu bibiri gusa ku gisata c'amagara ku rwego rw'isi.
Dr Kevin DeCock, yahoze ari umuyobozi mu kigo c'Amerika kijejwe gukinga no kurwanya indwara (CDC) kandi yamaze imyaka myinshi ari ku rugamba rwo kurwanya indwara zandukira, yavuze ati: "Amasezerano hagati y'ibihugu bibiri gusa akenshi yirengagiza ingorane zihuriweko n'ibihugu vyinshi."
Abandanya ati: "Amagara y'isi yose, nk'uko izina ryavyo ribivuga, ni ikibazo c'isi yose. Arenga imbibe z'igihugu kimwe kandi ntashobora gutorerwa umuti n'igihugu kimwe conyene. Ibibazo vy'amagara kw'isi bisaba inyishu zifatirwako n'amakungu yose, kandi nta gihugu na kimwe gishobora kwikwiza ukwaco."
Hari abasesanguzi bamwe mu vya politike y'amagara n'imigenderanire bavuga ko bikwiye gutanga, ku butegetsi bwa Amerika, akaryo ko gushiraho ingamba nshasha.
Mu cegeranyo casohowe n'ikigo c'ubushakashatsi c'abagendera ku vyiyumviro vy'aba "Conservateurs" , American Enterprise Institute, Brett Schaefer na Roger Bate baremera ko kwikura mu migambi mpuzamakungu, na cane cane muri OMS (WHO), bishobora gutera ingorane.
Ariko banditse bati: "Ibi ntibisigura iherezo ry'uruhara rwa Amerika mu kuyobora ibikorwa vy'amagara kw'isi yose. Ahubwo ni intango y'igerageza ryo kwihweza nimba ubuyobozi bushobora kurushiriza gukora neza biciye mu masezerano afise ibisabwa vyumvikanyweko, ku nzego zisubirira izisanzwe, no ku bufatanye budashingiye kw'ishirahamwe ryagumye rinanirwa kwigira ku makosa yaryo."
Ico bimaze kwerekana gushika ubu ni uko, n'inyuma y'amezi menshi Marco Rubio asinye amasezerano ya mbere y'ubwumvikane n'ibihugu bitandukanye, hakiri ukudatahura neza nimba ayo masezerano azoshobora gushirwa mu ngiro neza muri Afrika.
Tanzania yaramaze kuyasinya, mu gihe ibindi bihugu bitari bike vya Afrika vyahisemwo kutayemera.
Ubu igisigaye, ni ukurindira ko hamenyekana ico izi ngamba nshasha za Amerika mu bijanye n'amagara kw'isi yose zizovamwo.













