Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kubera iki inzahabu zo muri Afrika zidatungisha uwu mugabane?
Afrika ifise inzahabu nyinshi cane. Buri mwaka, ibihugu nka Afrika y'Epfo, Ghana, Mali, Sudani, Tanzaniya na Burkina Faso, bicukura amatoni aharurwa mu majana y'ayo mabuye y'agaciro. Kandi birazwi ko, kw'isi yose, inzahabu zikoreshwa cane muri banki nkuru z'ibihugu nk'ububiko bufasha mu gukingira ifaranga kugira ntirite agaciro canke ngo rihungabane.
Zirashobora kugurishwa ku masoko ahingura ibintu vy'agaciro harimwo ibisharizo vyo kwambara (nk'imiringa, amasaha agezweho...) no ku masoko akora ibikoresho vy'ubuhinga bwa none.
Ariko rero, iyo ugeze mu burere buri hafi y'ibirombwe bicukurwamwo inzahabu muri Afrika, nta bisagara biteye imbere uhasanga. Nta n'amashure meza canke amavuriro agezweho aba ahari. Ahubwo mbere usanga hari ubukene budasanzwe, uguhumana kw'ibidukikije n'ukwononekara kw'ibikorwaremezo.
Abahinga mu vy'ubutunzi bita iyo ngorane "umuvumo w'ubutunzi kama". Bisigura ko ibihugu bifise ubutunzi kama bwinshi kenshi bitaronka iterambere. Mbere kenshi, usanga birangwa n'ubutegetsi bwiziziwe rwose n'igiturire gikabije hamwe n'ubukene budasanzwe mu banyagihugu, ugereranije n'ibihugu bidafise mwene ubwo butunzi bwinshi.
None ni kubera iki inzahabu zidashobora kuzanira Afrika iterambere?
Ingaruka z'ubukoloni
Kugira umuntu atahure neza ikibazo c'inzahabu muri Afrika, ategerezwa kubanza kwihweza kahise. Mu gihe c'ubukoloni, ubucukuzi bw'amabuye y'agaciro kuri uwu mugabane bwari bwatunganijwe mu ntumbero yo kurungika ayo mabuye hanze gusa.
Ibikorwaremezo nk'indaraye, amabarabara, ibivuko, ... ntivyubatswe kugira ngo bihuze uburere n'amasoko canke ngo biteze imbere ubudandaji vy'imbere mu bihugu vya Afrika. Ahubwo vyubatswe kugira ngo gusa bifashe kuvana ayo mabuye y'agaciro mu birombwe biyashikana ku bivuko, gurtyo agaca yinjizwa ubwayo akajanwa mu bisagara bikuru vy'i Buraya.
Inyuma y'intahe y'ukwikukira hagati mu kinjana ca 20, ibihugu vyinshi vya Afrika vyarazwe iyo migambi y'ubucukuzi bidafise uburyo bw'amahera, ubumenyi, ibikorwaremezo canke ububasha bw'amategeko bwo gushira mu minwe ya reta ibirombwe. Ivyo bihugu ntivyari bifise n'ubushobozi bwo guhingura ayo mabuye y'agaciro imbere yo kuyashora.
Ni co gituma amashirahamwe mpuzamakungu acukura amabuye y'agaciro asa n'ayaciye asubirira abakoloni. Ivyo vyatumye habandanya ivya kera, aho ubutunzi n'inyungu vya Afrika biguma bija hanze, mu gihe amadeni hamwe n'ingaruka ku bidukikije bikomeza kuremera ibi bihugu vya Afrika.
Ukunanirwa kwa Afrika
Ukudatera imbere kw'ibihugu vya Afrika bifise inzahabu nyinshi guterwa ahanini n'uko izo nzahabu zidatunganywa canke ngo zongererezwe agaciro imbere yo gushorwa mu mahanga. Ibihugu vyinshi bizishora zifise agaciro ko hasi cane.
Inyungu, kurwiza ubuzi, hamwe no kwongerekana kw'ubutunzi bikomoka ku nzahabu biva ahanini ku kuyitunganya no kuyihingura ikavamwo igicuruzwa c'agaciro kanini.
Ibigo bikomeye bitunganya bikanasukura inzahabu biri mu Buswisi, muri Emirats Zunze Ubumwe z'Abarabu, mu Buhindi no mu Bwongereza. Ivyo bihugu ni vyo bitunganya inzahabu ziva muri Afrika, bikazungukiramwo cane, bikongera bikagurisha ku bindi bihugu ibicuruzwa vyakozwe mu nzahabu ku nyungu y'umurengera.
Ibihugu vya Afrika bishoye hanze inzahabu zidatunganije, mu bisanzwe biba bijanye hanze amahirwe yo kuzitunganiriza, ayo kurwiza ubuzi bwari kuba bujanye no kuzitunganya, bikanahomba amafaranga y'amakori. Ivyo bituma ivyo bihugu biguma biri ku rwego rwo hasi cane mu bijanye no kuronka inyungu z'ubudandaji mpuzamakungu bw'inzahabu.
Ikinywabi n'ububeshi
Igice kinini c'inzahabu ziva muri Afrika nticigera candikwa mu bitabu vy'ubudandaji n'ivy'amakori mu bihugu ziba zavuyemwo. Amashirahamwe mpuzamakungu akurikirana iyo ngorane avuga ko buri mwaka inzahabu zifise agaciro ka miliyaridi z'amadolari zisohorwa Afrika mu buryo butemewe n'amategeko.
Abantu amamiliyoni bakoreshwa mu bikorwa vyo gucukura kuri uwu mugabane bakoreshwa mu buryo budakurikije amategeko. N'ubwo iyo mirimo ibafasha kuronka udufaranga two kubeshaho imiryango yabo, izo nzahabu zikunda kugurwa n'abadandaza batemewe, zikajabukanwa imbibe z'ibihugu biciye mu kinywabi, hanyuma zikarungikwa ku masoko mpuzamakungu ata cemezo na kimwe c'inkomoko yazo.
Vyongeye, amashirahamwe amwe amwe n'abadandaza bamwe batanga amakuru atari yo ku bitigiri n'urugero rw'ubuziranenge vy'izo nzahabu baba basohoye. Ivyo babigira kugira bagabanye amatagisi yo kuzisohora, bigatuma reta zibura amafaranga menshi yari kwinjira mu kigega.
Ukuzana imitahe gushingiye ku bunyonyezi
Mu myaka ya 1990 no mu ntango z'imyaka ya 2000, kubera ukuremerwa n'umuzigo wo gushaka gukweka ningoga abarwizatunga n'abanyamitahe, reta nyinshi zo muri Afrika zarasinye amasezerano y'igihe kirekire yerekeye ugushira imitahe mu gisata co gucukura amabuye y'agaciro.
Ariko ayo masezerano yarushirije kugirira akamaro amashirahamwe na sosiyete vy'abanyamahanga.
Kugira ayo mashirahamwe yemere kuzana imitahe, reta zahitamwo kuyaha uburusho zigahitamwo kuronka n'inyungu iri ku rugero rwo hasi cane. Rimwe rimwe ayo mashirahamwe yaranaheberwa amakori amwe amwe, iyi ngingo ikaba iy'igihe kirekire nk'imyaka 20 canke 30. Ibi vyatuma reta zibura isaganirizo.
Ni co gituma, iyo ibiciro vy'inzahabu biduze kw'isi yose, amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu gisata co gucukura yaca aronka inyungu y'umurengera mu gihe reta zaba zaronse intica ntikize.
Uguhumana kw'ibidukikije
Uretse ko inyungu rusangi iva mu bucukuzi bw'inzahabu ari nto, hari n'izindi ngaruka mbi, nyinshi cane, zishikira ikibano n'abanyagihugu. Kenshi gucukura inzahabu mu buryo bwagutse, bisaba kwimura abanyagihugu, bikonona ibidukikije. Mbere biranahonya n'amasoko y'amazi.
Aho gukura abanyagihugu mu bukene, ubucukuzi bw'inzahabu kenshi burushiriza guca intege imiryango itunzwe n'uburimyi, mu kwonona ibidukikije n'amatongo yabo.
N'ubwo biri uko, izo ngorane zugarije Afrika si ibintu bidashobora guhinduka. Ni ingaruka z'ivyabaye muri kahise, harimwo ingingo za politike zafashwe, vyatumye haba ubusumbasumbane mu bucuruzi mpuzamakungu.
Kugira ngo inzahabu zibe koko isoko ry'iterambere n'ubutunzi bw'imbere mu bihugu vya Afrika, harakenewe impinduka zikomeye kuri uwo mugabane.