Infantino yatumyeko inama y’urwego nshingwabikorwa rwa FIFA mu gihe hari abamusaba gutanga imihoho
Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, Gianni Infantino, yatumyeko inama y’abagize urwego nshingwabikorwa rw’iri shirahamwe, yiteze kubera muri Maroc ku mugoroba wo kuri uno wa gatatu.
Hari haciye uwundi musi umwe Infantino aneguwe bikomeye cane hamwe n’umugambi wiwe wamaze gufutwa, wo kugurisha imitahe mu Gikombe c’Isi ku banyamitahe.
Mu bamuneguye bikomeye harimwo Arsène Wenger, umukuru w’igisata ca FIFA kijejwe iterambere ry’umupira w’amaguru kw’isi yose.
Wenger, yigeze kuba umumenyereza w’umurwi wa Arsenal wo mu gisagara ca Londres mu Bwongereza, yaravuzwe mw’ibaruwa Ishirahamwe ry’Umupira w’Amaguru i Bulaya (UEFA) ryarungikiye FIFA, rigabisha ko rishobora kwitwarira FIFA mu butungane.
Wenger yatangaje ku mugaragaro ko atigeze agira uruhara na rumwe muri uwo mugambi wiyamirijwe bikomeye, kandi ko ingingo yo kuwufuta yari nkenerwa cane.
Uwo mugambi wahagaritswe utarashirwa mu ngiro watumye haba abasaba ko Gianni Infantino, atanga imihoho mu mabanga yiwe.
Umunyamabanga Mukuru wa FIFA, Mattias Grafström, na we nyene ari mu bantu batangaje ku mugaragaro ko batemera uwo mugambi.
Ibi vyatumye bamwe batangura gusaba ko Infantino yotanga imihoho mu mabanga yiwe.
Infantino ari mu gitsure gikomeye kubera uno mugambi wiwe vyabaye ngombwa ko ahagarika wo kugurisha imitahe mu Gikombe c’Isi no mu yandi mahiganwa y’umupira w’amaguru.
Ikinyamakuru The New York Post kivuga ko yasavye Perezida Donald Trump wa Amerika ko yomushigikira, ariko Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’amakungu bwarahakanye amakuru yavuga ko Infantino yari yategekanije inama na Marco Rubio.
Ayandi makuru ushobora gusoma: