Abahuza bariyamiriza Israel ku gitero cayo cahitanye abantu 18 muri Gaza
Qatar, Misiri na Turukiya, ibihugu bihagarariye amasezerano yo guhagarika intambara muri Gaza, biriyamiriza Israel inyuma y’ibitero bishasha bivugwa ko vyahitanye n'imiburiburi abantu 18 muri ako karere.
Ntibiramenyekana neza nimba abishwe bari abarwanyi canke abasivire.
Abahuza bavuga ko ivyo bitero vya Israel bije guhonyanga amasezerano y’agahengwe.
Hamas igenzura igice c'inkombe yo mu burengero bwa Gaza, mu gihe umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi, Israel Katz, avuga ko ingabo ziwe ubu zigenzura hagati ya 60 na 70 kw'ijana vy'ubutaka bwa Gaza, mu mugambi wo gusambura imihora yo mu kuzimu ikoreshwa na Hamas.
Ku wa Mungu, yavuze ko ingabo za Israel zidashobora kuva muri Gaza imbere y'uko Hamas yemera gushira hasi ibirwanisho.
Hamas yo ivuga ko ibitero vya Israel bitegerezwa kubanza guhagarara imbere y'uko itangura gushira hasi canke gukuraho ibirwanisho vyayo.