IKIBIRIRAHO, Flávio Bolsonaro watsinzwe mu matora ya perezida yageze muri Amerika nyuma yuko Brésil iburijemo pasiporo ze

Uko kugera muri Amerika kw'uwo mukandida watsinzwe mu matora ya perezida kubaye hashize amasaha adashyikirije pasiporo ze abategetsi ba Brésil.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Zimbabwe: Uwahoze ari umugore w'icegera ca perezida yarekuwe inyuma y'imyaka apfunzwe

    Ifoto ya Marry Mubaiwa yo mu 2018.
    Insiguro y'isanamu, Ifoto ya Marry Mubaiwa yo mu 2018 igihe yari acubakanye na Constantino Chiwenga

    Marry Mubaiwa, uwahoze ari umugore w’icegera ca Perezida wa Zimbabwe, yararekuwe inyuma y’imyaka indwi yari amaze apfunzwe mu gihe yariko aburana ku caha co kugerageza kwica uwo bahoze bubakanye.

    Mubaiwa yagirijwe ico caha mu 2019, inyuma y’uko uwari umugabo wiwe ico, Jenerali Constantino Chiwenga, amwagirije kugerageza kubuza ko ahabwa ubuvuzi yari akeneye muri Afrika y’Epfo.

    Ikinyamakuru The Herald ca reta ya Zimbabwe kivuga ko umucamanza yategetse ko Mubaiwa arekurwa, aho yasiguye ko runo rubanza rwamugizeko ingaruka mbi haba ku magara yiwe yo mu mutwe, haba mu bijanye n’inyifato no mu vy’ubutunzi.

    Iyo ngingo yafashwe inyuma y’uko ubushikirizamanza busavye ko urubanza rwigizwa inyuma ukwezi kumwe kugira ngo bubanze kuvugana n’ivyabona.

    Umushingwamanza wiwe avuga ko iyo ngingo ari intsinzi ije itevye cane. Yemeza ko uburenganzira bw’umukiriya wiwe bwari bwarahonyanzwe kubera uguteba kw’urubanza.

    Avugira hanze y’inyubakwa ya sentare mu murwa mukuru Harare ku wa kabiri, uwo mushingwamanza yongeyeko ko niyo ubushikirizamanza bwasaba ko urubanza rusubira kuburanishwa, bazovyihweza ico gihe.

    Mubaiwa yagirijwe ko yagerageje kwica Chiwenga igihe yari mu bitaro i Pretoria. Inyuma y’aho, ico cegera ca Perezida yahavuye aja mu Bushinwa aho yamaze amezi ane ariko aravurwa.

    Mubaiwa yari yaciye apfungwa mu kurindira ko urubanza rwiwe ruburanishwa, kandi bari baranse kumurekura vy’agateganyo.

    Urubuga rw’amakuru rwa New Zimbabwe ruvuga ko Mubaiwa yashimye irekurwa ryiwe, avuga ko ubutungane bwashitse, yongera ashimira umushingwamanza wiwe.

    Mu 2017, Chiwenga yagize uruhara rukomeye mu guhirika Robert Mugabe wari Perezida wa Zimbabwe ico gihe.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Mbappé yasavye imbabazi ku majambo 'atabereye' yavuze kuri Mao, inyuma y'ukwiyamirizwa mu Bushinwa

    Kylian Mbappé ari mu kibuga
    Insiguro y'isanamu, Ku mbuga ngurukanabumenyi zo mu Bushinwa, abantu benshi bariyamirije amajambo yashikirijwe na Mbappé ku "munyagitugu w’Umushinwa"

    Kylian Mbappé yasavye imbabazi ku majambo “atabereye” yavuze ku wahoze ari umukuru w’igihugu w’Ubushinwa, Mao Zedong, yatumye kompanyi zikomeye zo muri ico gihugu zimuheba.

    Bivugwa ko Mbappé yavugiye mu kiganiro co ku mboneshakure y’Abafaransa citwa The Bridge, ati: “ ‘meme’ intwenza kurusha izindi… ni imwe ya videwo ubonamwo umugabo, nibaza ko ari umunyagitugu w’Umushinwa...." Mbappé yaciye atwenga, maze iyo videwo ica ihagarara ku gicapo cerekana isura yiwe yageretswe kw’ifoto isa n’iya Mao.

    Iyo ‘meme’ iri mu rukurikirane rw’izindi zikunda gukorwa ku bijanye n’umukinyi atera imbere mu mupira w’amaguru mu ntumbero yo gutwenza, aho uwo musatarizi wa Real Madrid n'Ubufaransa afatwa nk''umunyagitugu' kubera ububasha n’ijambo bikomeye afise mu mupira w’amaguru.

    Mu butumwa yashize ahabona, Mbappé yagize ati: “Amajambo navuze ntiyari abereye, kandi ubu ndatahura ko yababaje abantu benshi mu Bushinwa, hamwe n’Abashinwa baba mu bindi bice vy’isi.”

    Yongeyeko ati: “Ndasavye imbabazi uwo wese amajambo yanje yababaje.”

    Shampiyona y’umupira w’amaguru muri Espagne, La Liga, na yo nyene yasavye imbabazi, ivuga ko yicuza cane "ibikomere amajambo ya Mbappé yateye ku bafana b’Abashinwa."

    Ukwo gutebura ntikwakiriwe neza mu Bushinwa, aho Mao yubashwe cane n’Umugambwe w’aba ‘Communistes’ uri ku butegetsi, n’ubwo ubutegetsi bwiwe bwaranzwe n’umukazo watumye abantu amamiliyoni bahasiga ubuzima.

    Hari abantu bake bagaragaje ko bashigikiye Mbappé ku mbuga ngurukanabumenyi zo mu Bushinwa. Ariko ico ni ikintu kidakunze gushika, kubera ko internet yo mu Bushinwa igenzurwa cane, kandi abantu bakaba bahatirwa kugendera ku murongo w’umugambwe n’uw’intwaro ku bibazo bifatwa nk’ibikomeye.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Flávio Bolsonaro watsinzwe mu matora ya perezida yageze muri Amerika nyuma yuko Brésil iburijemo pasiporo ze

    Flávio Bolsonaro areba muri 'camera' yambaye ishati y'umweru. Akikijwe n'abagabo batatu.
    Insiguro y'isanamu, Flávio Bolsonaro ntiyemeye ko yatsinzwe mu matora ndetse yasabye ko amatora aburizwamo

    Flávio Bolsonaro, watsinzwe mu matora ya perezida muri Brésil, yageze muri Amerika, nyuma y’amasaha igihugu cye kiburijemo inzandiko z’inzira (pasiporo) ze, nkuko abantu babibwiye BBC.

    Uwo mukandida, wo mu murongo w’ibitekerezo bya politike byo gukomera ku bya kera, yavuye mu gihugu cye nyuma yuko urukiko rw’ikirenga rwa Brésil rutegetse ko atanga pasiporo ze, mu gihe hari gukorwa iperereza ku rivugwa ko ari iyezandonke. Bolsonaro nta birego yashyiriweho ndetse yahakanye ibyo ashinjwa.

    Pasiporo ze zateshejwe agaciro ku wa kabiri nyuma yuko adakurikije igihe ntarengwa cyo kuziha abategetsi, bituma habaho guhwihwisa henshi ko ashobora kuba yavuye muri Brésil.

    Abantu babwiye amashami ya BBC ya BBC Brasil – itangaza amakuru kuri Brésil – na BBC Mundo – itangaza amakuru mu rurimi rw’Icyespanyole – ko Bolsonaro yahuye na murumuna we, Eduardo, muri leta ya Florida muri Amerika – nubwo inzira nyirizina yanyuzemo ava muri Brésil ajya muri Amerika idasobanutse.

    Nta n’umwe muri abo bavandimwe wahise uboneka ngo agire icyo abivugaho.

    Uko kugera muri Amerika kwe kuvugwa kwabaye hashize amasaha umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru mu butegetsi bw’Amerika yemeje ko minisiteri y’ububanyi n’amahanga y’Amerika izaha viza (visa) Bolsonaro n’umuryango we kugira ngo bashobore kwinjira muri icyo gihugu.

    BBC yasabye ibiro bya perezida w’Amerika (White House), minisiteri y’ububanyi n’amahanga y’Amerika hamwe n’ambasade zombi zo muri Amerika no muri Brésil kugira icyo zibivugaho, ntizasubije.

    Ku wa mbere, urukiko rw’ikirenga rwa Brésil rwategetse Bolsonaro gutanga pasiporo ze akaziha polisi mu gihe kitarenze amasaha 24, bijyanye n’iperereza ryayo ku rivugwa ko ari iyezandonke.

    Flávio Bolsonaro ntiyemeye ko yatsinzwe mu matora na Luiz Inácio Lula da Silva ndetse yasabye ko amatora aburizwamo.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.