Kenya: Ingenzi mu bibazo kubera ihagarikwa ry’akazi

Ahavuye isanamu, Reuters
Ingenzi amajana zabuze uko zigira ku kibuga mpuzamakungu Jomo Kenyatta, JKIA, i Nairobi, inyuma y’aho abakozi bo mu gisata c’indege babandanirije guhagarika akazi ku munsi wabo ugira kabiri.
Abanywanyi b’ishirahamwe ry’abakozi bo mu vy’indege muri Kenya, KAWU, batanguye guhagarika akazi ku w’Imana. Ivyo vyahungabanije ibikorwa ku kibuga mpuzamakungu Jomo Kenyatta no ku bindi bibuga vy’indege hirya no hino mu gihugu.
Iryo shirahamwe rivuga ko Reta n’inzego zijejwe ivyo indege, bananiwe gutorera umuti ibibazo birimwo amasezerano ajanye n’akazi n’imishahara atarashirwako umukono.
Umukuru wa KAWU, Walter Ongeri, yavuze ko Reta itashize mu ngiro amasezerano bari bumvikanyeko mu kwezi kw’indwi, yari yatumye ihagarikwa ry’akazi riba rirabangiriye.
JKIA ni kimwe mu bibuga vy’indege bikuru bihuza ingendo z’indege mu karere. Ku munsi w’Imana, ikigo kijejwe ibibuga vy’indege muri Kenya hamwe na Kenya Airways vyari vyagabishije ko indege zishobora gucerezwa.
Abakozi bo mu gisata c’indege muri ico gihugu bariko barakora buhorobuhoro, basaba kunagurirwa uburyo bakoramwo n'ishirwa mu ngiro ry’amasezerano bari barumvikanyeko.
Ibiganiro hagati y’amasendika n’abayobozi b’ibibuga vy’indege bitegekanijwe kubandanya kuri uyu munsi wa mbere, inyuma y’uko ibiganiro vyo ku w’Imana birangiriye ata mwumvikano ubonetse.
Kenya Airways yavuze ko ihagarikwa ry’akazi ry’abagenzura uruja n’uruza rw’indege ryatumye ingendo zimwe zicerezwa amasaha arenga atandatu, izindi zirahagarikwa. Yemereye ingenzi guhindura amatariki y’ingendo atamande babarihishije.
RwandAir na yo nyene yahagaritse ingendo zibiri kuri uyu wa mbere, inyuma y’izindi zari zahagaritswe ku w’Imana.
Ingenzi yitwa Mendel Goldman yabwiye Reuters ati: “Ndahamaze amasaha 12 ndindiriye,” inyuma y’uko indege yiwe ihagaritswe.
Umwaka uheze, JKIA yakiriye ingenzi imiliyoni icenda, nk’uko abategetsi ba Kenya babivuga.
Iri hagarikwa rikurikiye irindi ryamaze imisi ibiri mu kwezi kwa kabiri , mu gihe abakozi babandanya gusaba ko uburyo bakoramwo bunagurwa.
Izindi nkuru wosoma:





