Inyamaswa 10 ziri mu zibonwa ko ari mbi gose kurusha izindi kw'isi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Si ibiremwa vyose bishobora kuba vyiza ku maso. Ariko, ukwo vyoba bimeze kwose, bifise inkuru ziryoshe gutera.
Bivanye n'ingene uzibona, ushobora kuzita inyamaswa zifise mu maso habi canke hatagaragara neza. Ikiri ukuri co, ni uko kw'isi hariho ubwoko bwinshi bw'ibikoko bitangaje.
Ibi, ushobora no kuba utavyemera. Ratira ijisho, wirabire zino nyamaswa bamwe n'abandi bavuga ko ari mbi rwose.
Inyamaswa yitwa 'Aye-aye'

Ahavuye isanamu, Nomis Simon/Wikipedia Commons
Nta zina ry'ikirundi ifise. Ariko iyi nyamaswa iri mu muryango w'inkende, igakomoka muri Madagascar. Kubera intoke zayo ndende zimeze ukuntu kutamenyerewe, inzara ndende, ubwoya bwirabura buvanze n'amabara yera, amenyo agomba kumera nk'ay'imbeba, n'amaso manini y'ibara ry'umucungwe uhiye, 'aye-aye' kiri mu murwi w'ibikoko bibonwa na bamwe ko ari kibi rwose.
'Proboscis' - Ubwoko bw'inkende

Ahavuye isanamu, Charles J Sharp/Wikipedia Commons
Ni imwe mu nkende zifise ishusho itangaje kandi itwengeje kuruta izindi kw'isi. Si kubera gusa izuru ryayo rinini rishobora gukura rikagera ku masantimetero 17. Ifise inkuki, ikagira n'ubwoya bw'amabara atandukanye. Ku mutwe amaja mu ruhanga hari ubwoya butukura, umutumba ufise ubw'ibara ry'inginagina, mu gihe amaboko n'amaguru bifise ubwoya bw'ibara ry'ivu. Ivyo bituma isa n'inkende yambaye neza kandi ifise akaranga yisangije.
'Naked mole rat' - Imbeba itagira ubwoya

Ahavuye isanamu, Getty Images
Iyi mbeba ingomba kumera nk'iyo bita mushushwe. Ariko yo ifise urukoba rutagira ubwoya kandi rwuzuye iminkanyari, ikagira n'amenyo manini y'umuhondo. Rero, biragoye ko yotsindira agashimwe k'igikoko ciza mu maso.
Yamara, kuyicira urubanza ukurikije gusa uko isa vyohava bituma usanga wirengagije ibintu vyinshi bitangaje biyiranga. Nk'akarorero, iyi mbeba isanzwe yimba igashika kure cane mu kuzimu. Ikindi, ntiyigera irwara kansere. Iraramba cane rwose. N'iyo ishaje, irashobora kubaho igihe kirekire ifise amagara meza ugereranije n'izindi mbeba.
'Blobfish' - Ubwoko bw'ifi

Ahavuye isanamu, Robert Zugaro/Museums Victoria
Ubu bwoko bw'ifi, bumenyekanira cane ku mutwe munini usa n'uwufyataraye, n'iminwa yagutse. Ifise amaso agomba gusa n'ubururu. Mu bisanzwe, 'blobfish' iba mu gice c'ibahari citwa 'Midnight Zone', ku burebure buri hagati ya metero 600 na 1.200 munsi y'amazi. Aha ni ahantuhari amazi aba afise inguvu zidasanzwe, hatoroshe kuba. Ni co gituma umubiri w'iyi fi wahindutse cane rwose : ifise umusoso n'amagufa vyoroshe hamwe n'imitsi mike.
'Requin-lutin' - Ubwoko bw'ifi nini cane

Ahavuye isanamu, Getty Images
Requin-lutin ni imwe mu fi za kera cane. Ifise umubiri ugaragara nk'igishambara c'impuzu, mw'ishusho iteye ubwoba. Ni ifi iboneka gake cane, kandi umuryango wayo umaze imyaka irenga imiriyoni 125 uriho.
'Purple frog' - Ubwoko bw'igikere c'ibara ry'ikiremve

Ahavuye isanamu, Alamy
Iki gikere kizwi kandi nka 'pig-nose frog' gifise izuru risa n'iry'ingurube. Uruhande rw'inyuma ni runini rwose. Hari abavuga ko gifise 'ibisusu'. Ariko ivyo bifise imvo yumvikana. Imitsi ikomeye yo ku ruhande rw'inyuma rw'umubiri waco, igiha inguvu zo kwimba kigashika kure mu kuzimu, aho kimara hafi ubuzima bwaco bwose cibera.
Ingiri - Ingurube yo mw'ishamba

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ingurube yo mw'ishamba irashobora nayo nyene kuba itari mu bikoko vyiza. Cane cane kubera iminwa yayo isongoye no mu maso hayo hariko ibishunduri n'ibindi bintu bisongoye womengo ni amahembe matoya. Yama icafuye nk'uko umengo yivayanga mu vyondo imisi yose.
'Bald uakari' - Inkende y'ubuhanza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Iyi nkende iba mu mashamba yo ku ruzi Amazon. Izwi cane kubera mu maso hayo hatukura. Umengo ni nyamwema, ikama isa n'iyifise umwitwarariko. Ku mutwe wayo na ho, nta bwoya buharangwa nk'uko biri ku bindi bice vy'umubiri. Bamwe n'abandi bayita 'inkende y'ubuhanza'.
'Hammerhead bat' - Inyamaswa ifise umutwe umeze nk'inyundo

Ahavuye isanamu, Dr Sarah Olson/WCS
Iyi nyamaswa bamwe bayitazira 'nyundo'. Bafatira ku mutwe wayo umeze nk'inyundo. Ikindi gitangaje ni uko inyamaswa y'igitsina gabo usanga isumba cane ingore, ikagira n'umutwe munini rwose. N'ubwo ari agakoko gatoya, gafise ijwi ridasanzwe kandi riri hasi.
'Alligator snapping turtle' - Ikinyamasyo co mu muryango w'ingona

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inzu yaco yo ku mugongo irakomeye gose, igasa kandi n'icuma. Iyi nyamaswa ifise amahwa manini, umutwe ufyataraye hamwe n'umunwa umeze nk'uw'inyoni. Yamuka muri Amerika.













