Amerika yagavye ibitero kuri Iran imbere y'amatora yo hagati mu kiringo

Ahavuye isanamu, Reuters
Abategetsi bo muri Amerika babwiye CBS, ikimenyeshamakuru co muri Amerika gikorana na BBC, ko igisirikare ca Amerika cagavye ibitero kw’izinga rya Qeshm riri mu muhora wa Hormuz, muri Irani.
Itororokanirizo ry’amakuru rya reta muri Irani, IRNA, ryatangaje ko ku wa mbere humvikanye uguturika incuro nyinshi.
Abategetsi ba Amerika badondoye ivyo bitero nk’ibitagutse, bakavuga ko vyari inyishu ku gitero ishami rya gisirikare ricungera ubutegetsi bwa kiislam muri Irani (IRGC) ryagavye ku ndege ya Amerika.
BBC yasavye CENTCOM, bumwe mu buyobozi bw’igisirikare ca Amerika, kugira ico buvuze kuri ivyo bitero.
Ibi bibaye mu gihe hasigaye umwanya muto ngo habe amatora yo hagati mu kiringo muri Amerika. Ayo matora ni yo agiye kugena abazogenzura inama nshingamateka na nkenguzamateka hagati y’aba Républicains n’aba Démocrates.
Trump asugerejwe n’igabanuka ry’abamushigikiye, hamwe n’igitsure c’imbere mu mugambwe wiwe kugira arangize intambara yatanguye muri Ruhuhuma (2), igihe Amerika na Israel vyatera Irani.
Ku wa mbere, imbere y’aho, Trump yari yabwiye abamenyeshamakuru ko “ata kwihutira” kwongereza ibitero kuri Irani.
Yabwiye ikinyamakuru Axios ati: "Uko biri kwose tuzogira ico dukoze, ariko nta vyo kwihuta. Twarabasinzikaje mu vy’ubutunzi.”
Yabandanije ati: "Nta mafaranga bafise, nta gitoro, kandi abanyagihugu bararambiwe cane n’ibi."
Mu kiganiro yahaye imboneshakure Fox News, ku mugoroba w’imbere y’amatora, Trump yavuze kandi ko Amerika "ishobora gukenera kugaba igitero ku kibanza citwa Pickaxe", gifitaniye isano na porogarama ya Irani ya nikleyere.
Yashimangiye ko ico gikorwa atari ikintu kigoye cane kandi ko coshobora gukorwa “mw’isaha imwe".
Mu misi iheze, hagiye havugwa cane ko Amerika ishobora gusubira kugaba ibitero bikomeye kuri Irani inyuma y’amatora yo hagati mu kiringo. Ariko ku wa mbere, igihe umumenyeshamakuru yamubaza nimba ivyo ari vyo bitegekanijwe, Trump yishuye ati: "Oya".
Imbere y’aho, umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Abbas Araghchi, yari yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Irani, IRNA, ko ibiganiro bikomeye cane biriko biraba hagati ya Irani na Amerika, biciye ku bihugu bibahuza, mu ntumbero yo kurondera ingene intambara ihagarara.
Izindi nkuru wosoma:

