Igisirikare ca Israel gitegekanya kuguma muri Liban ata kiringo ntarengwa – Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Israel

Ahavuye isanamu, Israel Defense Forces
Igisirikare ca Israel (IDF) gitegekanya kuguma gifise abasirikare baco muri Libani ata kiringo ntarengwa, nk'uko vyatangajwe n’ umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Israel, Israel Katz.
Ibi bikurikiye itangazwa ry’amasezerano y’ibanze y’amahoro hagati ya Amerika na Iran, yahujujwe n’abahuza bo muri Pakistan, bavuga ko ayo masezerano ategekanya ko “ibikorwa vya gisirikare ku mpande zose , harimwo n’iyo muri Liban, bizohagarara”.
Mw’itangazo yanditse mu giheburayo, Katz yavuze ko Israel idashigikiye ko IDF iva muri Liban naho hoba “igitutu gisanzwe kiriho canke kizokwiyongera mu gihe kiri imbere”.
Uwo mushikiranganji ajejwe kwivuna abansi yavuze ko vyumvikanyweko n’umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, IDF izoguma iri mu “turere tw’umutekano” muri Libani, hamwe no muri Syria no muri Gaza , kandi ko ata kiringo ntarengwa vyahawe.
Yavuze kandi ko “ibikorwa vyose vy’iterabwoba n’ibikorwa remezo vyavyo” bizosamburwa kugira ngo “harindwe imbibe za Israel”, yongerako ko Israel yamaze kumenyesha Amerika aho ihagaze kuri iyo ngingo.
Katz yarongeye avuga ati:
“Nimba Iran yotera Israel kubera ivyabaye muri Liban, tuzoyisubiriza inyuma dukoresheje inguvu zose dufise kandi twerekane neza itandukaniro rinini riri hagati y’ubushobozi bwacu n’ubwayo.”
Izindi nkuru wosoma:









