Amnesty yagiriza AFC/M23 kwica abacukuzi no gutwara ubutare mu Rwanda
Icegeranyo gishasha c’ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International kivuga ko abarwanyi ba AFC/M23 bashigikiwe n’u Rwanda bagiriye nabi abacukuzi bato bato b’ubutare mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Ico cegeranyo kivuga ko abo barwanyi bakoze ubwicanyi, batoteza abantu, barabapfunga ata mategeko akurikijwe, babakoresha ku nguvu bongera binjiza bamwe mu mirwi yabo yo kurwana.
BBC Gahuzamiryango yarondeye uruhande rwa M23 ariko ntibaragira ico babivugako.
Amnesty ivuga ko ivyo vyabereye ahacukurwa coltan hafi ya Rubaya, muri Kivu ya ruguru, no ku birombwe vy’inzahabu vya Lomera, muri Kivu y’epfo.
Bamwe mu bacukuzi ngo bategekwa kumara indwi irenga munsi y’ubutaka bariko baracukura.
Iryo shirahamwe rivuga ko ryamenye abacukuzi 18 bishwe i Rubaya n’i Lomera. Cumi ngo bakubiswe gushika bapfuye, babiri bararaswa, abandi batandatu bari banyurujwe baza gutorwa bapfuye.
Icegeranyo kivuga kandi ko inzahabu na coltan vyakuwe muri utwo turere vyinjizwa mu Rwanda mu buryo bwa magendu, rimwe na rimwe bifashijwemwo n’Abanyarwanda bari kuri ivyo birombe.
Turondeye reta y’Urwanda, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ataco babivugako.
Iryo shirahamwe ryasavye ibihugu n’amashirahamwe guhagarika kugura inzahabu na coltan biva mu Rwanda, gushika Kigali yerekanye ko ubwo butare butakiva muri DR Congo mu buryo bwa magendu.
Amnesty yavuze ko yabajije abantu 26 yongera isuzuma amafoto n’amashusho yafatiwe kuri ivyo birombwe.
Izindi nkuru wosoma: