DR Congo: Abakozi bo kwa muganga i Bunia baratanguye guhabwa urucanco rwa Ebola

Ahavuye isanamu, Reuters
Abakozi bo kwa muganga i Bunia, ahasinzikajwe cane n’ikiza ca Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, baraye batanguye guhabwa urucanco rwa Ervebo.
Abahinga bariko bararaba nimba urwo rucanco rushobora gukingira ubwoko bwa virusi ya Ebola bwitwa Bundibugyo, ari bwo buriko buratera ico kiza.
Uwo mugambi watangujwe ku wa gatandatu na Buramatari w’intara ya Ituri, Maj. Gen. Gaby Kasongo Mulumba. Na we nyene yahawe urucanco ari kumwe na bamwe mu bakozi bo kwa muganga.
Yavuze ko abo bakozi bari imbere mu bikorwa vyo kurwanya ikiza, ari co gituma kubakingira ari ngirakamaro mu rugamba rwo guhagarika ico kiza .
Urucanco rwa Ervebo rwemejwe gukoreshwa mu gukingira ubwoko bwa Ebola bwitwa Zaire. Kubera ko ata rucanco rwemejwe ruraboneka rwa Bundibugyo, Ervebo iriko iratangwa mu buryo budasanzwe kubera ko ico kiza kiriko kirwakwiragira cane.
DR Congo yaronse incanco za Ervebo zigera ku 70.000. Muri zo, 50.000 zigenewe abakozi bo kwa muganga n’abandi bari imbere mu kurwanya ikiza ca Ebola. Incanco 20.000 zisigaye zizokoreshwa mu bushakashatsi bwo kumenya nimba Ervebo ishobora gukingira ubwoko bwa Bundibugyo.
OMS ivuga ko ikiza cibasiye ahanini uburaruko bushira ubuseruko bwa DR Congo, ariko ko kibandanya gukwiragira no guhitana abantu.
Abategetsi bavuga ko abantu barenga 7.500 bamaze kwandura, 3.639 muri bo bakaba barapfuye. OMS isaba ko hoboneka ubundi buryo bwo gufasha guhagarika ico kiza.
Izindi nkuru wosoma:
