IKIBIRIRAHO, Burnham avuga ko Ubwongereza buzoha Arabia Saoudite imfashanyo ya gisirikare ‘yo kwikingira’

Andy Burnham yavuze ko Ubwongereza buzoha Arabia Saoudite imfashanyo "yo kwikingira" mu guha igitoro indege z’intambara zikiri mu kirere, inyuma y’ibitero ico gihugu cagabweko n’aba Houthi bo muri Yemen bashigikiwe na Iran.

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Didier Bikorimana

  1. Burnham avuga ko Ubwongereza buzoha Arabia Saoudite imfashanyo ya gisirikare 'yo kwikingira'

    Indege y'igisirikare c'ubwongereza yo mu bwoko bwa voyager iriko iraguruka

    Ahavuye isanamu, NurPhoto via Getty Images

    Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Andy Burnham yavuze ko Ubwongereza buzoha Arabia Saoudite imfashanyo "yo kwikingira" mu guha igitoro indege z’intambara zikiri mu kirere, inyuma y’ibitero ico gihugu cagabweko n’aba Houthi bo muri Yemen bashigikiwe na Iran.

    Bivugwa ko iyo mfashanyo ishobora gutangura mu misi iri imbere, kandi ko izotangwa hakoreshejwe indege imwe y’Ubwongereza yo mu bwoko bwa Voyager, iri ku birindiro vy’igisirikare kirwanira mu kirere c’Ubwongereza, RAF, biri i Akrotiri muri Chypre.

    Umushikiranganji wa mbere yavuze ko iyo ngingo yafashwe inyuma y’aho Arabia Saoudite isabiye Ubwongereza "imfashanyo ya gisirikare", akaba yayemeye abigiriwemwo inama n’umushikiranganji w’ukwivuna abansi Wes Streeting hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Ed Miliband.

    Abategetsi bo muri reta y'Ubwongerezabavuze ko iyo mfashanyo "izotangwa mu gihe gito", kandi ko mu ntango ishobora kumara igihe giharurwa mu "ndwi".

    Aba Houthi bari mu ntambara yo hagati mu gihugu na reta ya Yemen, ishigikiwe na Arabia Saoudite.

    Mu misi iheze, aba Houthi bo muri Yemen bavuze ko bagavye ibitero bakoresheje indege zitajamwo abadereva hamwe na misile zo mu bwoko bwa ballistic ku murwa mukuru wa Arabia Saoudite, Riyadh, no ku bibanza vy’amasoko ntanganguvu biri ku nkengera y’Ikiyaga gitukura.

    Abategetsi b’Ubwongereza bavuga ko imfashanyo "yo kwikingira" ishobora kuba irimwo gufasha indege z’igisirikare kirwanira mu kirere ca Arabia Saoudite kurasa no gusambura misile n’indege zitajamwo abadereva z’aba Houthi ziba ziriko ziraza gutera.

    Indege imwe yo mu bwoko bwa Voyager izokoreshwa muri ico gikorwa iri mu ndege icenda zo muri ubwo bwoko zikoreshwa n’igirikare kirwanira mu kirere c’Ubwongereza (RAF). Umunani muri zo zanditswe nk’indege za gisirikare, iyindi imwe ikaba yanditswe nk’indege ya gisivile.

    RAF kandi ifise izindi ndege zitanu zishobora guhamagarirwa ibikorwa vya gisirikare igihe bikenewe.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.