Umukuru w’igisirikare ca Amerika i Buraya no muri Afrika yirukanywe

Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock
Jenerali Christopher Donahue, yari arongoye igisirikare ca Amerika kirwanira ku butaka i Buraya no muri Afrika, akaba kandi yari arongoye ingabo za OTAN (NATO) zirwanira ku butaka, yakuwe inyuma y’amezi 18 gusa ari muri ayo mabanga.
Amakuru y’uko agiye kuva muri ayo mabanga yatangajwe mu mpera za Ruheshi(6), ariko yagumye akora gushika ku wa Kane, igenekerezo rya 2 Mukakaro (7).
Igisirikare ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika ntikiratangaza icatumye haba iyo mpinduka. Mu kurindira ko hagenwa uwundi zosubirira Donahue, Majoro Jenerali Christopher Norrie ni we yagenywe kurongora vy’agateganyo igisirikare ca Amerika kirwanira ku butaka i Buraya no muri Afrika.
Uku gusezererwaa kwa Donahue kuje mu gihe umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi, Pete Hegseth, ariko arashira mu ngiro ihindagurika rikomeye mu butegetsi bukuru bwa Pentagon. Amakuru kandi avuga ko ico kibanza gishobora guhindurwa kigatwarwa n’umujenerali afise inyenyeri zitatu aho gutwarwa n’uwufise inyeneyeri zine.
Mbere yo kurongora igisirikare ca Amerika Iburaya no muri Afrika, Jenerali Donahue yari yararongoye imirwi itandukanye ya gisirikare.
Azwi cane nk’umusirikare wa nyuma w’umunyamerika yavuye muri Afghanistan mu gihe ingabo za Amerika zariko zirahava mu mwaka wa 2021.
Izindi nkuru wosoma:




