Rwari rumwe mu nkino zikomeye kandi ziryoheye ijisho. Berekanye
ko bari biteguriye urugamba, ukwihangana, intego yo gutsinda, eka n’ibindi vyose umuntu yipfuza kubona ku mugwi
w’Ubwongereza, ibi vyose bavyerekanye mu gaturuturu ko kuri uno wa mbere.
Hari mu rukino rwo mu gice c’umunani gishira ica nyuma
hagati ya Mexique iri mu bihugu vyakiriye iri higanwa be n’Ubwongereza, urukino
rwarangiye mu mwanya uheze Mexique isezerewe, Ubwongereza na bo bukabandanya mu gice ca kane
gishira ica nyuma.
Ntivyari vyoroshe
igihe umukinyi Jarell Quansah w’Ubwongereza yahabwa ikarata itukura ku munota
wa 54. Ariko abakinyi b’inyuma bari kumwe n’umunyegori Pickford bakoze
akazi kadasanzwe.
Imbere y’iyi karata, Ubwongereza bwaboneka ko ari bwo bufise
urukino mu minwe, ariko ibintu vyahindutse cane, Mexique irasatira bikomeye,
gushika ku munota wa nyuma ariko urukino ruza kurangira Ubwongereza butsinze
3-2.
Stephen Warnock yahoze akinira umurwi nserukira
gihugu w’Ubwongereza arakeza cane umumenyereza Thomas Tuchel: “Utegerezwa
kumenya ingene uca ukenyura, kandi ugategerezwa guhindura umukino.
“Iki ni co Thomas Tuchel yazanye muri uno murwi. Utegerezwa
kumenya igihe co gusatira n’igihe co kuzibira. Ndibaza ko ibi bariko barabikora neza muri iri higanwa ryose.
“Imikenyuro yiwe
n’ingene ahindura bivanye n’urukino birakora neza, kandi ico ni ikintu
gihambaye cane ku mugwi.
“Ni iyindi
ntsinzi ikomeye cane kuri Tuchel muri iri joro”.
Hagati aho,
Brezili yaraye isezeye muri iri higanwa inyuma yo gutsindwa na Norvège 2-1, ibitsindo vyompi bikaba vyinjijwe na wa musatirizi rurangiranwa Erling Haaland wa Manchester City, ku minota ya 79 na 90, ku
mipira yompi ahawe na Andreas Schjelderup.
Neymar ni we
yinjirije Brezili iki gitsindo kimwe, kuri penalty yateye ku munota ugira cumi
wa ya minota y’agasunuzo.
Norvège n’Ubwongereza
bizoca bihura mu gice ca kane gishira ica nyuma, hazoba ari ku wa 11 z’uku kw’indwi.
Urundi rukino
abatari bake babona ko ruza kuba rutoroshe ni uruza guhuza Portugal na Espagne ku
mugoroba wo kuri uno wa mbere, aho hari ababona ko ruza kuba rusa na ‘finale’.