Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Ukraine: Uburusiya bwaraye bucucagiye ibisasu kuri Kyiv, mu gihe hasanzwe hari ubwoba bw'igitero rutura

Abategetsi ba Ukraine bavuga ko abantu batanu bishwe mu gitero c’Uburusiya cabaye muri iri joro ku mugwa mukuru Kyiv, mu gihe Zelensky agabisha ko igendereza ryerekana ko Putin ariko ategura igitero rutura ku wa 7 z’uku kw’indwi.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Gildas Yihundimpundu

  1. Videwo: Reba uko abafana bitwaye igihe ibitego by'umukino w'Ubwongereza na Mexique byinjiraga

    Ubwongereza bwageze muri kimwe cya kane cy'irushanwa ry'igikombe cy'isi, butsinda Mexique ibitego 3-2.

    Abafana bo mu mujyi wa Mexico no mu Bwongereza hose bishimiye amakipe yabo.

  2. Amerika : Indege ya Delta yakubiswe n'ibiturika biterwa mu kirere mu gihe c’umunezero

    Abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika batangaje ko indege itwara ingenzi ya kompanyi Delta Air Lines yahuye n'ikintu giturika igihe yariko irururuka ku kibuga c’indege c’i Chicago, nk’uko bishikirizwa na BBC Persian, ishami rya BBC ryandika mu rurimi rw’igi-perse.

    Amakuru avuga ko iyo ndege yakubiswe na bimwe bikoreshwa mu misi mikuru mu gihe c’umunezero bizwi nka “feu d’artifice”.

    Abari muri yo bavuze ko bumvise urwamo rwinshi cane igihe ico kintu cagema indege barimwo, bamwe mbere bakadondora urwo rwamo nk’ “uguturika kudasanzwe".

    Ariko gushika ubu ntibiramenyekana neza aho ico giturika cazananye canke ingene cinjiye mu nzira indege icamwo.

    Abajejwe umutekano mu vy'indege muri Amerika bavuga ko batanguye amatohoza kugira batahure inkomoko yaco n'ingene vyagenze.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Ibitero ku banyafrika muri Afrika y’Epfo: Nigeria ivuga ko abantu bayo babiri bishwe

    Nigeria iriyamiriza igandagurwa ry’abanyagihugu bayo babiri muri Afrika y’Epfo, igasaba ko haba amatohoza yihuta, mu gihe abanyamahanga bavuga ko babandanya batotezwa muri ico gihugu.

    Mw’itangazo ryabwo, ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Nigeria buvuga ko Emeka Charles Iroegbu yishwe kw’igenekerezo rya 28 Ruheshi (6), kandi ko yapfiriye mu minwe y’igipolisi cakoresheje “uburyo bwo kumuboreza igufa mu kumubaza ibibazo”. Ubu bushikiranganji buvuga kandi ko uwo musi nyene, Musa Yunana Joe yari afise iduka yishwe n’abantu bataramenyekana.

    Gushika ubu, abategetsi ba Afrika y’Epfo ntaco barashikiriza kuri ubu bwicanyi buvugwa.

    Ibi bitero ku banyamahanga vyatumye abantu bababa 25.000 bava mu bindi bihugu vya Afrika basubizwa iwabo, harimwo n’Abanya-Nigeria bashika 700.

    Abanyagihugu ba Afrika y’Epfo bakora imyiyerekano bamaze igihe basaba reta gufata ingingo ruhasha zo kurwanya ubwimukira buteye kubiri n’amategeko. Bavuga ko abanyamahanga babanyaga akazi kandi bakungukira mu buryo butari bwo mu bikorwa vya reta bifasha abanyagihugu.

    Nigeria ivuga kandi ko izosaba Afrika y’Epfo kuyiha indishi ku banyagihugu bayo bavuye muri ico gihugu, ikavuga ko reta ya Abuja (ubutegesi bwa Nigeria) yatanguye gukora urutonde rw’amaduka n’amatungo vyatawe n’Abanya- Nigeria.

    Ariko rero, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cabaye ku wa gatanu, umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu muri Afrika y’Epfo, Khumbudzo Ntshavheni, yavuze ko reta yiwe ata ndishi iyo ari yo yose izotanga. Yavuze ko Abanya-Nigeria bashobora kugurisha amatungo yabo azwi n’amategeko basize muri Afrika y’Epfo kw’isoko ryo muri ico gihugu.

  4. Igikombe c’isi: ‘Bahejeje kwerekana ibintu vyose umuntu yipfuza kubona ku Bwongereza’

    Rwari rumwe mu nkino zikomeye kandi ziryoheye ijisho. Berekanye ko bari biteguriye urugamba, ukwihangana, intego yo gutsinda, eka n’ibindi vyose umuntu yipfuza kubona ku mugwi w’Ubwongereza, ibi vyose bavyerekanye mu gaturuturu ko kuri uno wa mbere.

    Hari mu rukino rwo mu gice c’umunani gishira ica nyuma hagati ya Mexique iri mu bihugu vyakiriye iri higanwa be n’Ubwongereza, urukino rwarangiye mu mwanya uheze Mexique isezerewe, Ubwongereza na bo bukabandanya mu gice ca kane gishira ica nyuma.

    Ntivyari vyoroshe igihe umukinyi Jarell Quansah w’Ubwongereza yahabwa ikarata itukura ku munota wa 54. Ariko abakinyi b’inyuma bari kumwe n’umunyegori Pickford bakoze akazi kadasanzwe.

    Imbere y’iyi karata, Ubwongereza bwaboneka ko ari bwo bufise urukino mu minwe, ariko ibintu vyahindutse cane, Mexique irasatira bikomeye, gushika ku munota wa nyuma ariko urukino ruza kurangira Ubwongereza butsinze 3-2.

    Stephen Warnock yahoze akinira umurwi nserukira gihugu w’Ubwongereza arakeza cane umumenyereza Thomas Tuchel: “Utegerezwa kumenya ingene uca ukenyura, kandi ugategerezwa guhindura umukino.

    “Iki ni co Thomas Tuchel yazanye muri uno murwi. Utegerezwa kumenya igihe co gusatira n’igihe co kuzibira. Ndibaza ko ibi bariko barabikora neza muri iri higanwa ryose.

    “Imikenyuro yiwe n’ingene ahindura bivanye n’urukino birakora neza, kandi ico ni ikintu gihambaye cane ku mugwi.

    “Ni iyindi ntsinzi ikomeye cane kuri Tuchel muri iri joro”.

    Hagati aho, Brezili yaraye isezeye muri iri higanwa inyuma yo gutsindwa na Norvège 2-1, ibitsindo vyompi bikaba vyinjijwe na wa musatirizi rurangiranwa Erling Haaland wa Manchester City, ku minota ya 79 na 90, ku mipira yompi ahawe na Andreas Schjelderup.

    Neymar ni we yinjirije Brezili iki gitsindo kimwe, kuri penalty yateye ku munota ugira cumi wa ya minota y’agasunuzo.

    Norvège n’Ubwongereza bizoca bihura mu gice ca kane gishira ica nyuma, hazoba ari ku wa 11 z’uku kw’indwi.

    Urundi rukino abatari bake babona ko ruza kuba rutoroshe ni uruza guhuza Portugal na Espagne ku mugoroba wo kuri uno wa mbere, aho hari ababona ko ruza kuba rusa na ‘finale’.

  5. Ukraine: Uburusiya bwaraye bucucagiye ibisasu kuri Kyiv, mu gihe hasanzwe hari ubwoba bw'igitero rutura

    Abategetsi ba Ukraine bavuga ko abantu nibura icenda bishwe abandi barenga 4o barakomereka mu gitero c’Uburusiya cabaye muri iri joro ku mugwa mukuru Kyiv.

    Amakuru avuga ko humvikanye nibura ibiturika cumi mu gitero ca kabiri gikozwe hakoreshejwe ibisasu vya misire na za ndege zitajamwo abadereva (drones) kuri Kyiv no mu nkengera zayo mu kiringo kidashika indwi imwe.

    Umukuru w’igisagara ca Kyiv, Vitali Klitschko, avuga ko hari abantu bari baheze imbere mu magorofa yo hejuru y’inyubakwa y’uburaro yarashwe muri ico gitero.

    Uburusiya na Ukraine, vyompi vyongereje akariro mu bitero vyavyo bikoresheje ibirwanisho birasa kure.

    Mu karere ka Crimée/Crimea kigaruriwe n’Uburusiya, umuyagankuba waracitse mu gisagara ca Sevastopol inyuma y’igitero ca Ukraine ku kigo ntanganguvu kiri hafi y’iki gisagara.

    Hagati aho, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine agabisha ko igendereza rishasha ryerekana ko Uburusiya buriko butegura igitero rutura ku wa 7 z’uku kw’indwi.

    “Ibi ni ibisanzwe kuri Putin … Uburusiya bushaka guteza ayandi mahano no kwica abantu benshi kurushiriza. Ndabasavye kwiyubara no kwumviriza inzamba zo kugabisha ibitero vyo mu kirere”.

  6. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.