Amerika yagavye ibindi bitero kuri Irani inyuma y’aho
Perezida Donald Trump amenyeshereje ko yiteguriye “kubakubita cane mw’iri joro”
inyuma y’aho izi mpande zompi zirasaniye ku wa kabiri.
Ibinyamakuru vyegamiye reta ya Irani bitangaza ko humvikanye
ibiturika mu duce two mu bumanuko bw’igihugu, harimwo Sirik na Bandar Abbas,
ibisagara biri ku nkengera y’ibahari ku Muhora wa Hormuz.
Inyuma y’ivyo bitero vya nyuma, Trump yanditse ku rubuga
Truth Social ati: “Iki ni igihano ku gitero Irani yagavye ku mato ejo. Ni yasubira,
ibintu bizorushiriza kuba bibi cane!”
Ibihugu vyo mu Kigobe c’Abarabu vyatangaje ko Irani yagavye ibitero
inyuma y’ibi vya Amerika, aho ku mugwa mukuru wa Bahrain, Manama humvikanye
ibiturika; Koweit nayo igasamira hejuru ibisasu vya misile n’indege zitajamwo abadereva
(drone); nayo Qatar itanga imburi y’umutekano.
Umukuru w’Inama nshingamateka ya Irani, Mohammad Bagher
Ghalibaf, akaba ari na we aserukira igihugu mu biganiro na Amerika, yanditse
kuri X ko Amerika itaratahura ko “gutera ubwoba no kutubahiriza amasezerano bidashobora
kwijana”.
“Reka ndabitomore neza: ni warasa, natwe tuzorasa”, ni ko
yanditse, anongerako ko Umuhora wa Hormuz uzokwugururwa ku gushaka kwa Irani,
si “kw’iterabwoba rya Amerika”.
Ubuyobozi bw’Ingabo za Amerika muri ako karere (CENTCOM)
bwatangaje ko ivyo bitero vyakozwe kugira ngo “bigabanye ubushobozi bwa Irani
bwo kubangamira ingendo” muri iyo nzira kirumara yo mu mazi.
Mw’itangazo, bwongeye buti: “Amerika iriko irumvisha Irani
ko yakoze amakosa ku bitero vyayo vya vuba bitagira ishingiro ku mato
y’ubudandaji no ku bakozi bayo bakoresha iyi nzira kirumara mpuzamakungu yo mu
mazi”.
Haravugwa kandi ibiturika bitari bike mu tundi turere two ku
nkengera y’ibahari ya Irani, harimwo ibisagara vya Konarak na Chabahar.
Imboneshakure ya reta ya Irani yatangaje ko habaye ibiturika
umunani muri Bandar Abbas, kandi ko ibisasu vya misire bibiri vyakubise ibivuko
vya Sirik na Jask, na vyo nyene biri mu bumanuko bwa Irani.
Yongeyeko ko ibisasu bibiri vyaguye kw’izinga rya Abu Musa, rimaze
imyaka myinshi riryanisha Irani na Emira Zunze Ubumwe bw’Abarabu (UAE), buri
ruhande ruryiyitirira.
Urugero rw’ivyononekaye muri ivyo bitero vya Amerika ntiruratomoka,
ariko ibinyamakuru vya Irani vyatangaje ko umuyagankuba wacitse muri Chabahar kandi
ko hadutse umuriro mu kigo c’igisata c’igisirikare kijejwe gukingira ubutegetsi
bwa Kisilamu (IRGC) ahitwa Bushehr.
Kuva ku wa kabiri gushika ejo ku wa gatatu, habaye ukurasana hagati ya Amerika na Irani ku rugero rutari bwaboneke kuva hasinywa
amasezerano y’umwimvikano ku wa 17 Ruheshi (6).