Fondation Bonne Action Umugiraneza ya Angeline Ndayishimiye yatahukanye agashimwe ka UNFPA
Ishirahamwe ry’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Fondation Bonne Action Umugiraneza, ni ryo ryaraye ritahukanye agashimwe k’ishami rya ONU ryitaho irondoka rijanye n’amagara meza, UNFPA.
Angeline Ndayishimiye yashinze iryo shirahamwe mu 2019, mu ntumbero yo gufasha abatishoboye kurusha abandi no guterera mw’iterambere rirama mu Burundi.
Fondation Bonne Action Umugiraneza rifasha mu bijanye n’amagara y’abantu, ivy'amashure hamwe n’imibereho y’abana.
Rirafasha kandi abagore n’imiryango y’abatishoboye gusumba abandi, nk’uko biri ku rubuga ngurukanabumenyi ntangamakuru rwa ONU.
Mu mwaka wa 2022, iri shirahamwe ryaruguruye ivuriro Polyclinique Umugiraneza mu ntara ya Gitega, mu ntumbero yo gutanga ubutabazi n'ubuvuzi bwihariye harimwo ubw'abana n'abafise ingorane zijanye n’irondoka.
Iri shirahamwe rifasha kandi abagore bafise indwara zo mu kigo, abana bafise ubumuga mvukanwa hamwe n’abakorewe amabi ashingiye ku gitsina.
Ryaratanguje kandi n’ishure ryiswe “Socle du Savoir”, rifasha mu vy’inyigisho, imfungurwa hamwe no kumenyeshwa ingaruka zo gutwara inda hakiri kare.
Mw’ijambo yashikirije ahejeje kuronswa aka gashimwe, Angeline Ndayishimiye, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ari na we arongoye iri shirahamwe, yavuze ko kuronka aka gashimwe k’ishirahamwe ONU ari “iteka hamwe n’akamo ko kubandanya dukorana umwete”.
Yongeyeko ati: “Biradutera intege zo kubandanya igikorwa cacu n’umwete w’ukwitanga tutiziganya”.
Aka gashimwe ka UNFPA gatanzwe ku ncuro ya 41 kashinzwe mu mwaka wa 1981 n’inama nkuru ya ONU. Gahabwa abantu n’amashirahamwe yatanze intererano idasanzwe mu bijanye n’igwirirana ry’abanyagihugu hamwe n’irondoka rijanye n’amagara meza.
Ayandi makuru kuri Angeline Ndayishimiye: