Uburyo butanu urwaruka rushobora kuronkamwo amafaranga menshi

Ibiganza bifise inoti nyinshi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibiganza bifise inoti nyinshi
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Amahera ni nkenerwa cane mu buzima. Urwaruka n'abakuze bose barayakeneye kugira babeho neza. Kubura amahera, kenshi bitera ubwoba n'ingorane. Ni mu gihe kuyafita bituma mu rugo canke mu muryango haba amahoro n'itekane.

None umuntu yoronka amafaranga gute kandi ata murimo n'umwe afise uyamwinjiriza? Uwudakora canke adafise igikorwa c'ubutunzi kimuzanira amafaranga ntashobora kuronka inyungu.

N'iyo umuntu yoba ava mu muryango utunze canke yarazwe amatungo n'abavyeyi biwe, arakeneye gukorana umwete n'ubwira kugira akingire yongere ateze imbere ubwo butunzi, aho kubusesagura.

Ariko muri iki gihe, isi yarahindutse cane. Abatari bake mu rwaruka ntibagishaka gukora ibikorwa vy'iterambere canke gukorana umwete nk'uko bikwiye. Ivyo bishobora gutuma iteka ry'umuryango canke amatungo umuntu yarazwe bihomba canke bikazimangana kubera gusa atavyitondeye.

Mu ntumbero yo gufasha urwaruka gukingira iteka ry'imiryango yabo no kubungabunga ivyo bamaze gushikako, BBC yaraganiriye na Isma'il Muhammad Anchau, umwigisha muri Kaminuza y'Ubumenyi n'Ubuhinga i Kaduna muri Nijeriya.

Asigura uburyo butanu urwaruka rwokwiyubakira ubutunzi bwarwo.

Avuga ko ubumenyi, ubuhinga mu mwuga, gukorana umwete, ukwihangana no gukurikira inzira ibereye ari vyo nkingi zo kwubaka ubutunzi no kuronka amafaranga.

Ng'ubu rero uburyo butanu asigura.

1. Kwiga umwuga

Nk'uko Isma'ila Muhammad Anchau abivuga, ikintu ca mbere ni uko umuntu akwiye kubanza kuraba iyo akomoka n'iyo yakuriye, akirinda kwigereranya n'abandi canke kwipfuza kubaho nk'ababa ahandi, ibishobora gutuma afata ingingo zitari zo.

Avuga kandi ko umuntu akwiye kwibaza ati: "Nzokura hehe ubumenyi n'ubuhinga bizomfasha mu buzima?"

Kurondera inyishu y'ico kibazo ni intambwe ya mbere yoshobora gufasha urwaruka kuronka intumbero nziza y'ubuzima bwarwo bwo muri kazoza.

Anchau aratanga akarorero k'imyuga ikwiye kwigwa:

  • Kurondera ubumenyi mu bijanye n'ubuhinga bw'itumatumanako,
  • Gusanura amaterefone ngendanwa,
  • Gufotora no gutunganya amavidewo,
  • Gushona,
  • Ubusaramara,
  • Kuririmba n'ubundi buhinga bujanye n'umuziki.

2. Urudandaza

Nk'uko Isma'ila Muhammad Anchau abisigura, inzira ishikana ku ntsinzi ni iyo kurondera uburyo bushobora gutuma uronka amafaranga.

Bimwe mu vyo ushobora gutangura gukora ubwo nyene ni ibi bikurikira:

  • Gukorera akazi kuri internete,
  • Kudandaza ibicuruzwa ushobora guhingurira muhira canke ibindi vyose abantu bakenera cane,
  • Kworora.

3. Kwiga ivyerekeye ubuhinga bwa mudasobwa

Abantu bazi gusoma no kwandika baba bafise amahirwe menshi yo kwiga ivyerekeye internete kuruta abatabizi, nk'uko bishikirizwa na Omowe Anchau avuga.

Ashimangira ko urwaruka rukunda gusoma rutandukanye rwose n'urudafise uwo muco. Kubera iyo mvo, ivyiza biva mu gukoresha ubuhinga bwa none n'ukubumenya hakiri kare vyigaragaza cane kuri bamwe kuruta abandi.

Kugira urwaruka rushobore kwironkera amafaranga rukoresheje ubuhinga bwa none, avuga ko rukwiye kwiga ibi bikurikira:

  • Ubuhinga bwo gutegeka imashini ivyo ikora (programmation),
  • Ubucuruzi bwo kuri internete hamwe no kumenyekanisha ibidandazwa canke ibindi bikorwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none,
  • Gucisha ivyo ukora canke inyigisho zihariye kuri internete,
  • Gucapa hakoreshejwe mudasobwa (graphic design),
  • Ibijanye no kwegeranya ibiharuro,
  • Ubuhinga bwo gusesangura amakuru (data analysis).

4. Kuziganya amahera no kuyashira mu bucuruzi

Umuhinga Anchau avuga ko hari uburyo bubiri buhambaye umuntu ashobora kuronkamwo amafaranga akongera akayakoresha neza.

Ubwa mbere ni ukuziganya igice c'amafaranga aronka buri kwezi canke aronka kenshi, aho kuyakoresha yose.

Uburyo bwa kabiri ni ugushira amafaranga mu bucuruzi bwemewe n'amategeko, ariko bikaba umuntu yabanje kubwiga no kubutahura neza, kugira ashobore gufata ingingo zibereye no kugabanya akaga ko guhomba.

5. Kugira imigenderanire myiza n'abantu

Mu nyuma, Omowe Anchau yavuze ko ari ngirakamaro kugira imigenderanire myiza n'abantu. Avuga ko ari vyiza kuganira n'abayobozi b'amashirahamwe y'ubudandaji canke abarwizatunga. Abona kandi ko ari vyiza kwama witaba inyigisho n'amahugurwa bitangwa n'abahinga mu bisata vy'umwuga uba ukeneye guteramwo imbere. Ikindi, ni ukuganira n'abahinga kugira uronke impanuro n'intumbero zijanye n'ivyo ukora.

Ibintu wokwirinda

  • Gukoresha amafaranga mu kajagari ata nteguro,
  • Gusaba ingurane udafise integuro y'ingene uzoyisubiza,
  • Kugura ibintu bidakenewe cane,
  • Gukina akamari canke gutigira witeze kuronka amahera menshi ningoga,
  • Kureka kuziganya canke kureka kurondera uburyo bwo kwongereza amafaranga winjiza.