Sénégal yatambagije igikombe cya CAN nubwo hari impaka kuri iki gikombe

Abakinnyi ba Sénégal batambagiza igikombe cy'Afurika cy'ibihugu.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Sénégal yajuririye mu rukiko nkemurampaka mu mikino (CAS) nyuma y'icyemezo cyo kuyambura igikombe cy'Afurika cy'ibihugu
    • Umwanditsi, Phil Cartwright
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC Sport
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Ikipe y'igihugu y'umupira w'amaguru ya Sénégal yatambagije igikombe cy'Afurika cy'ibihugu (CAN/AFCON) mbere y'umukino wa gicuti wo ku wa gatandatu wayihuje n'ikipe y'igihugu ya Peru i Paris kuri 'Stade de France' - nubwo muri uku kwezi hafashwe icyemezo cyo kuyambura icyo gikombe.

Maroc yatangajwe ko ari yo yatsinze irushanwa rya CAN ry'umwaka wa 2025, ubwo impuzamashyirahamwe y'umupira w'amaguru muri Afurika (CAF) yasesaga ibyavuye mu mukino wa nyuma wabaye muri Mutarama (1) uyu mwaka.

Abakinnyi ba Sénégal bavuye mu kibuga mu kwigaragambya ubwo, igihe amakipe yombi yari yaguye miswi ya 0-0, Maroc yakiriye iryo rushanwa yahabwaga penaliti mu minota y'inyongera y'umukino.

Ubwo basubiraga mu kibuga nyuma y'iminota hafi 17 yari ishize umukino ucyererewe, Maroc yaje kunanirwa kwinjiza iyo penaliti, nuko Sénégal itsinda igitego mu gihe cy'inyongera cy'umukino.

Nyuma y'ubujurire bw'ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Maroc (FRMF), CAF nyuma yanzuye ko Sénégal yatsinzwe uwo mukino, iha Maroc intsinzi y'ibitego 3-0.

Sénégal yajuririye mu rukiko nkemurampaka mu mikino (CAS), rwavuze ko ruzafata umwanzuro kuri iki kibazo "byihuse bishoboka".

Mbere y'uwo mukino na Peru, kapiteni wa Sénégal Kalidou Koulibaly na bagenzi be bakinana binjiye mu kibuga bafite igikombe cya CAN mu mutambagiro w'icyubahiro, nuko Koulibaly n'umunyezamu Édouard Mendy barazamuka batereka igikombe mu mwanya wagenewe abaperezida n'abandi banyacyubahiro kuri icyo kibuga.

Sénégal yanakinnye uwo mukino yambaye imyenda iriho inyenyeri ebyiri hejuru y'ikirango cyo kuri iyo mwenda, mu gusobanura ko imaze kwegukana ibikombe bibiri bya CAN - icyo mu irushanwa ryateje impaka ry'umwaka wa 2025 n'icyo mu irushanwa ryabanje ry'umwaka wa 2021.

Batsinze Peru ibitego 2-0 byinjijwe na Nicolas Jackson, watijwe mu ikipe ya Bayern Munich avuye muri Chelsea, n'igitego cya Ismaïla Sarr ukinira ikipe ya Crystal Palace.

Uwo mukino wa gicuti w'i Paris wari uwa mbere Sénégal ikinnye nyuma y'umukino wa nyuma wa CAN, ndetse uri muri gahunda y'imyiteguro y'igikombe cy'isi, gitangira muri Kamena (6) uyu mwaka.

Sénégal iri mu itsinda rimwe n'Ubufaransa, Norvège na Bolivia cyangwa Iraq.