Musk avuga ko leta y'Amerika ishobora kuba iri inyuma y'igabanuka ry'umuvuduko wa 'drone' za Ukraine

Ukraine ivuga ko kugera ku muyoboro wa internet wa Starlink byateye intambwe ariko ko igifite ikibazo cy'umuvuduko ntarengwa, kikaba kirimo kubangamira "ubutumwa" bwayo bwo ku rugamba.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Mwakoze kubana natwe!

    Amakuru y’ikibiriraho ni aha tuyarangirije uyu munsi, ni ah’ejo.

  2. Infantino yasavye imbabazi Inama Nkuru ya FIFA, ariko bamubwira ko atakibereye kuyirongora

    Umukuru wa FIFA, Gianni Infantino,

    Umukuru wa FIFA, Gianni Infantino, yasavye imbabazi abagize Inama Nkuru ya FIFA kubera umugambi wiwe wo gushaka guha ishirahamwe ry’abikorera utwabo igice c’uburenganzira bwo kudandaza inkino z’igikombe c’Isi.

    Ariko Debbie Hewitt, icegera c’umukuru wa FIFA kikaba n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Bwongereza, yavuze ko Infantino atakibereye kurongora FIFA niyanka gutanga inyandiko zose zijanye n’uwo mugambi no kwishura ibibazo yawubajijweko.

    Inama Nkuru ya FIFA yakoraniye i Zurich mu Buswise kuri uyu wa kane, ku ncuro ya mbere kuva umugambi Fifa Forward Enterprise, FFE, umenyekanye.

    Uwo mugambi wari gutuma igice c’uburenganzira bwo kudandaza amahiganwa ya FIFA gihabwa ishirahamwe ry’abikorera utwabo. Infantino yawuhagaritse haciye imisi mike ugiye ahabona.

    Hewitt yavuze ko Infantino yasavye imbabazi kubera atabanje kumenyesha uwo mugambi Inama Nkuru ya FIFA. Ariko yavuze ko ibibazo vyinshi ata nyishu bifise, harimwo n’igituma FIFA itarashikiriza inyandiko zijanye na FFE.

    Yagize ati: “Niyanka kwishura ivyo bibazo ubu, ntakibereye kuba umukuru wa FIFA.”

    Muri iyo nama yamaze amasaha atatu n’igice, Infantino yabajijwe kandi ku bihano vy’umukinyi wa Amerika Folarin Balogun, agashimwe k’amahoro ka FIFA no ku mafaranga ahabwa amashirahamwe y’umupira w’amaguru yo mu bihugu.

    UEFA, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru i Buraya, ni rimwe mu yaraneguye cane Infantino kandi ryaramusavye gutanga imihoho. Ryaratanguye kandi gukoresha amategeko kugira inyandiko zose zijanye na FFE zishirwe ahabona.

    Infantino azokwitoza ikiringo ca gatatu ku burongozi bwa FIFA muri Ntwarante (3). Gushika ubu, nta mukandida akomeye araseruka ngo bahiganwe.

    Bamwe mu bategetsi b’umupira w’amaguru i Buraya bipfuza ko Arsène Wenger yitoza, ariko ntibiramenyekana nimba azovyemera. Abipfuza guhiganwa na Infantino bategerezwa gutanga amazina yabo bitarenze ku wa 18 Munyonyo (11).

  3. Ubwongereza bugabisha ko bushobora kubuza Abanya-Eritrea kwinjira mu gihugu

    Ubwongereza bugabisha ko bushobora kubuza Abanya-Eritrea kwinjira mu gihugu

    Umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe intwaro yo hagati, Shabana Mahmood, yagabishije ko Abanya-Eritrea bose bashobora kubuzwa kwinjira muri ico gihugu, Eritrea niyabandanya kwanka kwakira abimukira basubizwayo.

    Kuva kuri uyu wa kane, abaserukira Eritrea mu Bwongereza ntibazokwemererwa kurenga ibirometero 60 bavuye i Londres batabanje kuronka uruhusha. Gutanga ningoga impusha zo kwinjira mu gihugu ku bategetsi bakuru bo muri Eritrea na vyo birahagarikwa.

    Reta y’Ubwongereza ivuga ko izo ngingo zihuye n’izafashwe kuri bamwe mu bayiserukira i Asmara, umurwa mukuru wa Eritrea.

    Mahmood yavuze ko Eritrea yahawe umwanya ukwiye wo kwemera kwakira abanyagihugu bayo bakoze ivyaha canke badafise uburenganzira bwo kuguma mu Bwongereza, ariko ikavyanka.

    Ubuserukizi bwa Eritrea i Londres ntiburagira ico buvuga kuri iyo ngingo.

    Abanya-Eritrea ni bo bari benshi mu bimukira bashitse mu Bwongereza bakoresheje ubwato butoyi mu mezi 12 yarangiye muri Ruheshi (6), bangana n’ibice 18% vy’abashitse bose.

    Ariko Madeleine Sumption, umukuru w’ikigo ca Kaminuza ya Oxford gikurikirana ivy’abimukira, avuga ko izo ngingo zishobora kutagira ico zihinduye kinini. Avuga ko ibice 84% vy’Abanya-Eritrea basaba ubuhungiro mu Bwongereza babwemerewe kuva ku ngingo ya mbere.

    Benshi mu rwaruka rwo muri Eritrea bahunga ibikorwa vya gisirikare vy’agahato bishobora kumara imyaka mirongo.

    Kuva uyu mwaka utangura, abantu barenga 20.400 bashitse mu Bwongereza bakoresheje ubwato butoyi, igitigiri cagabanutse ibice 40% ugereranije n’ico mu gihe nk’ico umwaka uheze.

  4. Kenya yadugije ibiciro vy’ibitoro kubera intambara yo mu Buseruko bwo Hagati

    umuntu ariko arashira igitoro mu modoka

    Kenya yadugije ibiciro vy’ibitoro kuva kuri uyu wa kane, kubera amafaranga yo kubikura mu mahanga yiyongereye bivuye ku ntambara yo mu Buseruko bwo Hagati.

    Urwego EPRA rujejwe kugenzura ivy’amasoko ntanganguvu rwatangaje ko igiciro ca essence caduze ibice 6%, ica mazutu na co kiduga ibice 4,5%.

    I Nairobi, ilitiro ya essence igiye kugurwa amashilingi 226,96, mazutu igurwe 227,76, mu gihe igitoro co gutekesha kizogurwa amashilingi 219,87. Ivyo biciro bizokurikizwa kuva ku wa 15 Gitugutu (10) gushika ku wa 14 Munyonyo (11).

    Kenya ikura hafi ibitoro vyayo vyose mu karere k’Ubuseruko bwo Hagati. Intambara ibandanya muri ako karere yatumye ikiguzi co kubizana mu gihugu congerekana.

    Reta yavuze ko yagumije ikori ryo ku gaciro kiyongereye ku bitoro ku bice 8%, aho kuba 16%, gushika ku wa 14 Nzero (1).

    Iduga ry’ibiciro vy’ibitoro rishobora kugira ingaruka ku kwiyunguruza, uburimyi, ubwubatsi no ku biciro vy’ibindi bidandazwa.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Trump: Abamena amabanga y’ibikorwa vya gisirikare bakwiye kuraswa

    Perezida wa Amerika Donald Trump yambaye ikoti yubururu

    Perezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko abantu bashikiriza ibimenyeshamakuru amakuru y’ibanga yerekeye ibikorwa vya gisirikare bakwiye kuraswa.

    Trump yabivugiye mu nama yo kwiyamamaza yabereye i Bullhead City, muri reta ya Arizona, ku wa gatatu.

    Yagize ati: “Ku bwanje, abamena amabanga bakwiye kuraswa. Kera twarabica, na canecane iyo batangaje isaha igihugu kizogabwako igitero.”

    Trump yavuze ko hari umuntu yashikirije New York Times na CNN amakuru yerekeye igihe indege za gisirikare za Amerika zari guhagurukira n’igihe zari gushikira muri Iran, mu gitero co muri Ruheshi (6) 2025.

    Yavuze ko yabajije umukuru w’ingabo za Amerika, General Dan Caine, nimba ico gikorwa cobandanya, na we amwishura ko cari kigishoboka.

    Naho Trump yavuze ko ayo makuru yari yatumye igihe c’ico gitero gihindurwa, Amerika yaragavye ibitero ku bigo vya nikleyeri vya Iran muri uko kwezi. Nta vyemezo yashikirije vyerekana uwoba yaramenye ayo mabanga canke ingaruka vyagize kuri ico gikorwa ca gisirikare.

    Trump yise abamena amabanga “abantu babi kurusha abandi kw’isi”, avuga ko bakwiye guhanwa bimwe bikomeye. Yaneguye kandi ibimenyeshamakuru bitangaza ayo makuru.

  6. Pakistan: Abantu 34 baramaze gupfa inyuma y’aho igisenge c’ishure kibaguyeko

    umwe mubatabara ateruye umwana , iruhande yiwe hari abandi bantu benshi

    Abantu 34, barimwo abana 33 n’umwigisha umwe, bapfuye inyuma y’aho igisenge c’ishure ryigenga kibaguyeko mu gisagara ca Peshawar muri Pakistan.

    Iyo mpanuka yabaye kuri uyu wa kane mw’ishure Al-Khair riri mu gace ka Dir Colony, igihe abanyeshure bariko bariga.

    Abandi bantu 19 bakomeretse, batanu muri bo bakaba baremvye. Benshi mu bana bakomeretse bafise ibikomere mu mutwe. Abana bahuye n’iyo mpanuka bari bafise imyaka iri hagati y’itandatu na 12.

    Abatabara bamaze amasaha ari hagati y’ane n’atanu barondera abari baguweko n’ibihomoka. Bavuze ko ibikorwa vyo gutabara vyarangiye, naho ibisigarira vy’iyo nyubakwa bikiri aho.

    Igipolisi cafashe nyene iryo shure. Amatohoza yatanguye yerekana ko iyo nyubakwa itari ikomeye, ivyo bikaba bishobora kuba ari vyo vyatumye igisenge gikoroka.

    Perezida wa Pakistan Asif Ali Zardari yavuze ko iyo mpanuka yatuntuje igihugu cose. Umushikiranganji wa mbere Shehbaz Sharif yasavye ko haba amatohoza yimbitse, avuga ko umutekano w’abana mu mashure udakwiye gufatwa minenegwe.

    Abategetsi bo mu ntara ya Khyber Pakhtunkhwa bategetse ko inyubakwa z’amashure yose zigenzurwa kugira hamenyekane izishobora guteza impanuka.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Zelensky avuga ko Ukraine igiye gusubira kugaba ibitero ku nganda z'Uburusiya zitunganya igitoro

    Ifoto yegereye yerekana Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, igihe yariko abonana na Andy Burnham, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza ku biro vya Downing Street
    Insiguro y'isanamu, Zelensky yagiriza Uburusiya kuba bwarirengagije amasezerano y'agahengwe

    Ukraine igiye gusubira kugaba ibitero ku bikorwa remezo n’inganda z’Uburusiya zitunganya igitoro, nk’uko bimenyeshwa na Perezida w’ico gihugu, Volodymyr Zelensky.

    Yabivuze mu gihe yagiriza Reta Zunze Ubumwe za Amerika kuba ziriko zirasokora ubufasha buhambaye zahora ziha igihugu ciwe.

    Umukuru wa Ukraine yavuze ko yari yahagaritse ivyo bitero mu kiringo c’imisi itatu abisabwe na Washington, mu gihe yemeza ko Uburusiya bwo bwabandanije bubigaba ku bibanza n’ibikorwa remezo bijanye n’amasoko ntanganguvu vya Ukraine. Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuruthe Financial Times co mu Bwongereza, yagize ati: "[Ivyo kwihangana] vyarangiye."

    Zelensky kandi yagirije Amerika kuba yarahagaritse gusabikanya na Ukraine amakuru y’iperereza yerekeye ibitero vy’Uburusiya, hamwe no kugabanya umuvuduko wa internet y’ibigendajuru vya Starlink, isanzwe ikoreshwa n’igisirikare ca Ukraine.

    Avuga ko ivyo vyakozwe kugira Washington ihatire Kyiv guhagarika burundu ibitero ku nganda n’ibibanza vy’Uburusiya bitunganya igitoro, inyuma y’uko igiranye na bwo amasezerano yo kwinjiza igitoro co mu bwoko bwa mazutu.

    Imbere y’aho, Zelensky yari yavuze ko yiteguriye kwemera agahengwe kari katangajwe na Trump hagati y’impande zompi, ariko Uburusiya na bwo nyene bubanje kwemera kukubahiriza.

    Yagirije Uburusiya kuba bwarirengagije ayo masezerano y’agahengwe inyuma y’amasaha make gusa atangajwe. Ibitero vy’Uburusiya vyatumye ibihumbi amajana vy’Abanya Ukraine basigara badafise umuyagankuba.

    Reta y’Uburusiya ntiyigeze itangaza ko yemeye ayo masezerano.

    Kremlin – ibiro vya Perezida w'Uburusiya – vyavuze ko Ukraine "yagerageje [kugaba] igitero kinini" ku nganda zitunganya igitoro zo mu bumanuko bwa Moscow mu gitondo co ku wa kane.

    Yishura ku bibazo vy'umunyamakuru Piers Morgan wo mu Bwongereza ku mugoroba wo ku wa gatatu, Zelensky yemanze ko yiyumva ko yahemukiwe na Amerika, inyuma y’uko Washington isa n’iyakuyeho bimwe mu bifasha Ukraine mu ntambara.

    Mu kiganiro yagiranye na the Financial Times, yavuze ko abategetsi ba Ukraine babwiwe na bagenzi babo bo muri Amerika bati: "Nimba mutazohagarika [ibitero], tuzohagarika kubaha amakuru y’iperereza."

    Igisirikare ca Ukraine kigendera ku makuru gihabwa hakiri kare na Amerika, bigatuma kimenya ibitero vy’indege Uburusiya buba bugomba bugabe, gutyo kigaca kimenya ingene kivyivuna canke kikagabanya urugero rw’ibishobora kwononekara.

    Muri iyo ntumbero nyene, internet ya Starlink irakoreshwa cane mu bikorwa bitandukanye bifasha Ukraine muri iyo ntambara.

    Hari abavuze ko ukugabanya umuvuduko wa internet ya Starlink kwoba kwatewe n’ingorane z’ubuhinga. Ariko Elon Musk, nyene kompanyi SpaceX itanga iyo internet ya Starlink, asa n’uwabihakanye, yerekana ahubwo ko bishobora kuba vyatewe n’ingingo ya reta ya Trump.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Abajenerali bari mu kiruhuko cy'izabukuru basabye Pentagon kuburizamo itangazwa 'rya kinyamaswa' ry'igihano cy'urupfu cy'uwari umusirikare

    Nidal Hasan mu mwambaro w'imfungwa w'ubururu, yicaye ku igare ry'ababana n'ubumuga
    Insiguro y'isanamu, Nidal Hasan mu mwaka wa 2010

    Itsinda ry’abari abajenerali, aba ‘admirals’ n’abandi basirikare bo hejuru bose hamwe 72, barimo kotsa igitutu leta y’Amerika ngo iburizemo gahunda yo gutangaza imbonankubone igihano cy’urupfu cy’uwari umusirikare ubwo kizaba kirimo gushyirwa mu ngiro n’itsinda ry’abasirikare bamurasa.

    Mu ibaruwa banditse, bagize bati: “Dusabye Perezida, Abagize inteko inshingamategeko, n’abaturage bagenzi bacu kugira icyo bakora mu kwirinda ko haba uko gukoresha nabi ubutegetsi mu buryo bwa kinyamaswa.”

    Banavuze ko gutangaza icyo gihano cy’urupfu imbonankubone ubwo kizaba kirimo gushyirwa mu ngiro byatuma uwo wari umusirikare wahamwe no gukora ubwicanyi bwo mu kivunge ahinduka “umumaritiri”.

    Mu cyumweru gishize, ibiro bikuru by’ingabo z’Amerika – Pentagon – byatangaje ko bizatangaza ku karubanda, ku itariki ya 3 Ukuboza (12) uyu mwaka, iyicwa rya Nidal Hasan, wari umuganga w’indwara zo mu mutwe mu gisirikare, ubwo rizaba ririmo kuba.

    Uwo wari umusirikare w'ipeti rya majoro yishe arashe abasirikare 13 b’Amerika batari bafite intwaro, mu kigo cya gisirikare cya Fort Hood, muri leta ya Texas, mu mwaka wa 2009.

    Abagize inteko ishingamategeko b’amashyaka yombi – iry’abademokarate n’iry’abarepubulikani, n’abakuru b’amadini, banenze iyo gahunda.

    Mu cyumweru gishize, Perezida w’Amerika Donald Trump yavuze ko yemeje “rwose” iyo gahunda yo gutangaza icyo gihano cy’urupfu kirimo kuba, ariko bamwe mu bategetsi bo mu butegetsi bw’Amerika bafite ingingimira kuri iyo gahunda, nkuko bitangazwa n’igitangazamakuru CBS News, gikorana na BBC muri Amerika. CBS yatangaje ko kugeza ku wa kabiri Trump atari yafata icyemezo cya nyuma ku gutangaza icyo gihano cy’urupfu.

    Muri iyo baruwa ifunguye yatangajwe ku wa gatatu, abo bahoze ari abategetsi mu ngabo z’Amerika – barimo abajenerali 45, aba ‘admirals’ 12 n’abandi benshi bahoze ari abacamanza bakuru ba gisirikare – bavuze ko batarwanya ko icyo gihano cy’urupfu gishyirwa mu ngiro.

    Ariko bavuze ko kumwicira ku karubanda byahonyora ibirengerwa (ibirinzwe) byo mu itekonshinga ry’Amerika byo kubuza igihano cy’ubugome kandi kidasanzwe, ndetse bigatuma icyagakwiye kuba “igihano kiremereye cyane kandi gikaze cyane” gihinduka “ibirori byo gushimisha ababiha amaso”.

    Banditse bati: “Ubu buryo bwo gukoresha nabi itangazwa ry’amakuru – butesha agaciro icyubahiro cya muntu – buzasiga icyasha icyubahiro cy’igisirikare kibukoresha, n’igihugu cyemera ko bukoreshwa.”

    “Bizakoreshwa n’abanzi b’igihugu cyacu mu kubiba urwango, kugirira nabi abasirikare b’Abanyamerika n’Abanyamerika mu gihe kiri imbere, ndetse bizatuma Hasan ahinduka umumaritiri ku bwo gutera no kwica abasirikare bagenzi be.”

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Ububirigi: Habaye ibikorwa vyo gusaka mu mihana y'abo mu muryango wa Perezida Tshisekedi – ni ko amakuru avuga

    Perezida wa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo Félix Tshisekedi yambaye ikote, ikaravati n'ishati.
    Insiguro y'isanamu, Umuryango wa Perezida wa RDC ntaco urashikiriza haba kuri ivyo birego canke ivyo bikorwa vyo gusaka

    Parake yo ku rwego rw’igihugu mu Bubirigi ku wa gatatu yarakoze ibikorwa vyo gusaka imihana n’inzu bivugwa ko ari iza bamwe mu bagize umuryango wa Perezida wa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) Félix Tshisekedi, i Buruseri no mu micungararo y’uwo murwa mukuru.

    Nk’uko vyandikwa n’ibinyamakaru bitandukanye, harimwo urubuga rw’Iradiyo y’Abafaransa RFI n'ikinyamakuru La Libre co mu Bubirigi, ivyo bikorwa bifitaniye isano n’ibirego biherutse gutangwa ku bikekwa ko hoba harabaye “ukweza amafaranga y’inkomoko mbi” n’igikekwa ko hoba harabaye “ukwirundanirizako amatungo mu buryo buteye kubiri n’amategeko”, vyoba vyakozwe n’abo baryango ba Perezida wa RDC.

    Umuryango wa Perezida Tshisekedi ntaco urashikiriza haba kuri ivyo birego canke ivyo bikorwa vyo gusaka inyubakwa bivugwa ko ari iza bamwe mu bawugize.

    Amakuru ava mu Bubirigi avuga ko ari ibirego vyatanzwe n’ishirahamwe ryigenga muri Mukakaro (7), umwaka wa 2025. Iryo shirahamwe rivuga ko abo baryango ba Tshisekedi boba baranyonoye ubutare bongera bigarurira ibirombwe vyo mu ntara ya Katanga.

    Muri ivyo birego bivugwa ko biri ku mpapuro 80, haravugwamwo ivyaha vyikekwa ko bijanye n’ibiturire, kunyonora, n’ibindi bifitaniye isano n’ubutunzi.

    BBC Gahuzamiryango ntiyashoboye kubona urwo rwandiko rw'ibirego.

    Nk’uko biri mw’itangazo rya Parake (ubushikirizamanza), ivyo bikorwa vyo gusaka vyabereye mu karere ka Buruseri no mu makomine atandukanye y’intara za Brabant flamand na Brabant wallon.

    Muri Ndamukiza (4) umwaka wa 2025, ihuriro ryitwa DESC/RDC, rihurikiyemwo amashirahamwe aharanira uburenganzira mu vy’ubutunzi muri RDC, ryari ryasohoye icegeranyo ryiyamiriza “inyuruzwa” ry’ubutunzi kama bw’ubutare muri Katanga. Muri ico cegeranyo, iryo huriro ryatunga urutoke umuryango wa Tshisekedi n’abamwegereye.

    N’ubwo Félix Tshisekedi atarabwa n’ivyo birego mu buryo butaziguye, ico cegeranyo kidoma urutoke ku bantu bashika 10 bo mu muryango wiwe, harimwo uwo bavukana, nyina wiwe n’umugore wiwe.

    Urubuga rw’Iradiyo y’Abafaransa RFI ruvuga ko icenda muri abo bikekwa bafise ubwenegihugu bw’Ububirigi, ari yo mvo ibirego vyatangiwe i Buruseri.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Sri Lanka ivuga ko Arabie Saoudite yakuyeho igihano cy'urupfu ku mugabo wari wagikatiwe kubera ubutumwa bwo kuri Facebook

    Anojan Sivarasa ahagaze yambaye ikositimu y'umukara, karuvati itukura n'ishati y'umweru. Inyuma ye hari idirishya n'intebe ya rwego ibaje mu giti, hamwe n'ifoto iri muri 'cadre' iri ku rukuta iruhande rw'umutwe we.
    Insiguro y'isanamu, Urubanza rwe rwatumye abantu bagwa mu kantu muri Sri Lanka, bituma habaho ibikorwa bya dipolomasi byo kumusabira imbabazi

    Urukiko rw’ikirenga rwa Arabie Saoudite rwakuyeho igihano cy’urupfu ku mukozi w’umwimukira w’Umunya-Sri Lanka wari wagikatiwe kubera ubutumwa yatangaje ku rubuga nkoranyambaga rwa Facebook, nkuko bivugwa na Minisitiri w’ububanyi n’amahanga wungirije wa Sri Lanka, Arun Hemachandra.

    Anojan Sivarasa, w’imyaka 27, yakatiwe igihano cy’urupfu muri Nzeri (9) uyu mwaka, nyuma yuko urukiko rw’ubujurire rwa Arabie Saoudite rumuhamije gutuka idini rya Isilamu n’Intumwa y’Imana Muhammad, abinyujije muri ubwo butumwa.

    Urwo rubanza rwatumye abantu bagwa mu kantu muri Sri Lanka, bituma habaho ibikorwa bya dipolomasi byo kumusabira imbabazi.

    Ku wa gatatu, urukiko rw’ikirenga rwa Arabie Saoudite rwakuyeho icyo gihano, nkuko Hemachandra yabivuze mu butumwa yatangaje kuri Facebook, anashimira abategetsi n’amatsinda y’abanyamategeko b’ibihugu byombi ku bw’ibikorwa bakoze.

    Mu mpera ya Kamena (6) uyu mwaka, amashusho y’umuyisilamu w’umugabo wari urimo gutera imigeri imbwa nyuma y’ingendo nyobokamana z’abo mu bwoko bw’aba Hindu yarahererekanyijwe cyane ku mbuga nkoranyambaga, bituma kuri izo mbuga hagibwa impaka zo mu rwego rw’iyobokamana.

    Muri uko kujya impaka, umwe mu bakoresha izo mbuga yatangaje amagambo asebanya ajyanye n’imana y’aba Hindu, bituma Sivarasa asubiza mu rurimi rw’Igi-Tamil atuka Intumwa y’Imana Muhammad.

    Nubwo Sivarasa yahise yihutira gusiba ubwo butumwa ndetse agatangaza videwo asaba imbabazi, ifoto y’ubwo butumwa (ibizwi nka ‘screenshot’) yari yamaze kugezwa ku mukoresha we no ku bategetsi bo muri Arabie Saoudite, bituma atabwa muri yombi muri Nyakanga (7) uyu mwaka.

    Ntibisobanutse niba hari andi maburanisha azabaho cyangwa niba Sivarasa azakomeza gufungwa, ndetse n’igihe ibyo byamara. Mbere, urukiko mpanabyaha rwa Al-Ahsa rwari rwamukatiye gufungwa imyaka itanu no kuriha amande ya miliyoni eshatu z’ama riyal yo muri Arabie Saoudite – ayo arenga miliyari imwe uyavunje mu mafaranga y’u Rwanda.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Musk avuga ko leta y'Amerika ishobora kuba iri inyuma y'igabanuka ry'umuvuduko wa 'drone' za Ukraine

    Elon Musk arimo kuvuga ndetse areba iburyo, inyuma ye hari ibiti by’amababi y’icyatsi kibisi bitagaragara neza.

    Elon Musk yumvikanishije ko leta y’Amerika ishobora kuba ari yo yihishe inyuma y’umuvuduko ntarengwa zimwe mu ntwaro za Ukraine zishobora kugenderaho kandi zigakomeza kuba ziri ku muyoboro wa internet wa Starlink wa kompanyi SpaceX.

    Starlink ni igikoresho cy’ingenzi cyane gituma Ukraine ishobora kuyobora indege nto zayo z’intambara zitajyamo umupilote (zizwi nka ‘drones’) mu kurasa ku hantu ho mu Burusiya ndetse no mu kurinda ikirere cyayo, ariko mu ijoro ryo ku wa kabiri Ukraine yavuze ko ibipimo ntarengwa bishya bitari byitezwe byari birimo kubangamira “ubutumwa” bwayo bwo ku rugamba.

    Umujyanama wa Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko yemera ko ibyo bipimo ntarengwa bitabayeho gutyo gusa ndetse ko bifitanye isano n’igihu gishya cyadutse mu mubano wa Ukraine n’Amerika.

    Musk yavuze ko Starshield, umuyoboro ukora nka Starlink ariko wo wo ku rwego rwa gisirikare, ugenzurwa na leta y’Amerika, kandi ko “ibipimo ntarengwa ku muvuduko ibyo ari byo byose cyangwa ikoreshwa iryo ari ryo ryose bifatwaho icyemezo n’ingabo z’Amerika ndetse ubwo amaherezo [na Perezida w’Amerika]”.

    Mu butumwa yatangaje ku rubuga nkoranyambaga rwa X, Musk yari arimo gusubiza ku kwingingwa n’abategetsi bo muri Ukraine bamusabaga gusubizaho iyo murandasi (internet) yose, barimo na Zelensky wabwiye ibitangazamakuru byo mu Bwongereza ati: “Nizeye ko ari ikosa [ryabayeho], wenda [ni] ikibazo kinini cyane cya tekinike. Simbizi, ariko turimo gusaba ... gusubizaho [ko isubizwaho].”

    Starlink, ya kompanyi SpaceX ya Musk, ku wa kabiri nijoro yashyizeho umuvuduko ntarengwa wa kilometero 160 ku isaha (160km/h), ibyo bikaba bisobanuye ko intwaro iyo ari yo yose igendera ku muvuduko urenze uwo itakaza internet yayo ifatira kuri uwo muyoboro.

    Uwahoze ari Minisitiri w’ingabo wa Ukraine Mykhailo Fedorov yavuze ko kugeza ku wa gatatu nimugoroba, uwo muyoboro wa internet wari wasubijweho mu buryo bw’igice.

    Izindi nkuru wasoma:

  12. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’aka kanya.