IKIBIRIRAHO, RDC yabujije ishorwa mu mahanga rya bumwe mu butare buba budatunganijwe

RDC ivuga ko iriko irongereza inguvu n’umurindi mu kugenzura neza igisata c'ubutare n'amabuye y'agaciro, ari na yo mvo hagenda hafatwa ingingo zibuza gushorera mu mahanga ubutare budatunganije.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Dinah Gahamanyi na Gildas Yihundimpundu

  1. ‘Ibintu vyifashe neza’ - Lauryn Hill na Wyclef, mu gihe abakunzi biteze ‘album’ nshasha inyuma y'imyaka 30

    Wyclef Jean na Lauryn Hill bariko barifotoza bahagaze imbere y'isinzi ry'abantu.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Wyclef Jean na Lauryn Hill bahuye n'abakunzi babo ku wa gatatu i Piccadilly Circus, i Londres

    Lauryn Hill na Wyclef Jean batumye abakunzi b'umurwi Fugees bagira umwizero ko ugiye gusohora ‘album’ nshasha inyuma y’ikiringo c'imyaka hafi 30. Hill avuga ko uno murwi waciye mu gihe kidasanzwe co gukira ibikomere no kwiyunga.

    Fugees uheruka gusohora album muri studio mu 1996, igihe washira ahabona urukurikirane rwitwa The Score. Ni imwe muri album zakunzwe cane muri ico gihe, ikabamwo n’indirimbo zamenyekanye ku rugero rwo hejuru nka Ready or Not, Fu-Gee-La na Killing Me Softly.

    Mu myaka iheze, Lauryn Hill na Wyclef Jean barasubiriye kuja baragirira hamwe ibiteramo bitandukanye. Hari n’igiteramo kinini cabo gitegekanijwe i Milton Keynes mu Bwongereza, kikaba ari ico kwibuka imyaka 30 iheze hasohotse The Score, nk’uko babishikirije mu kiganiro bahaye BBC News.

    Muri ico kiganiro, Wyclef Jean yavuze ko ubu "ibintu vyifashe neza cane", aca yikora mu gahogo mu kwerekana umunezero afise wo "gusubira gukorana n'uwo bahorana mu murwi."

    Vyaragaragaye ko umubano hagati yabo wasubiriye kuba mwiza. Babajijwe nimba hoba hari album nshasha iriko irategurwa, Wyclef yabanje gusubiramwo ikibazo ati: "Hazoba hari umuziki mushasha muri kazoza?" Lauryn Hill aca yishura ati: "Ego, ata nkeka."

    Wyclef yongeyeko ati: "Ico novuga gusa ni uko turi mu minwe y'Imana." Aca aririmba ati: "Ndasubiye gukorana na mugenzanje twahorana mu murwi!"

    Ashimangira ko ubu bari mu bihe vyiza cane, kandi ko inguvu nziza n'urukundo bafitaniye ari ngirakamaro, bakipfuza kubisangiza isi.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Meta yaciriwe kuriha miliyoni $567, ihadabu rya mbere rinini ku kunanirwa gukingira abana

    Mark Zuckerberg, yambaye amarori akingira izuba hamwe n'ishati yirabura. Ari hanze.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Ishirahamwe Meta, Mark Zuckerberg arongoye, ryugarijwe n'imanza zijanye n'ukudakingira abana ku mbuga ngurukanabumenyi

    Umucamanza wo muri reta ya New Mexico muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yategetse ku wa kane ko Meta iriha irindi hadabu rigera ku miliyoni 567 z’amadolari, ku mvo z’uko itaburiye abantu hakiri kare ku ngaruka zishobora guterwa n'imbuga ngurukanabumenyi zayo ku bana.

    Iri ni ryo hadabu rinini cane kurusha ayandi yose iyo sosiyete imaze gutegekwa kuriha mu manza zijanye n’umutekano w'abana.

    Umucamanza Bryan Biedscheid yavuze ko Meta ari "ikintu gihungabanya inyungu rusangi". Agereranya ingaruka zayo n'uguhumanya ikirere. Yategetse ko ayo mafaranga ashirwa mu kigega kizokoreshwa mu kugabanya izindi ngaruka zoshobora gushikira abana mu gihe kiri imbere.

    Iryo hadabu ryiyongera ku zindi miliyoni 375 z’amadolari Meta yari imaze gutegekwa kuriha muri urwo rubanza, bituma amafaranga yose hamwe agera ku miliyoni 942 z’amadolari.

    Umucamanza agereranya Meta n'uruganda, agasigura ko amatangazo yamamaza n'ibicishwa ku mbuga zayo ari vyo bicuruzwa vyarwo, mu gihe ingaruka ku magara yo mu mutwe no guhumbisha abana ari vyo bintu bihumanya bikwiye gukurwaho.

    Umuvugizi wa Meta, sosiyete isanzwe ari yo igaba ikanakoresha Instagram, Facebook, WhatsApp na Threads, ku wa kane yagize ati: "Ntitwemera iyo ngingo ya sentare kandi tuzokwunguruza."

    Yongeyeko ati: "Turakora ukwo dushoboye kwose kugira ngo abantu babe ku mbuga zacu batekanye. Twama kandi dukorera ku mugaragaro mu bijanye no kudoma urutoke, kumenya no gukuraho abazikorerako ivyaha hamwe n’ibizishirwako bishobora gutera ingorane. Turizeye ko twakoze vyinshi mu gukingira urwaruka rukoresha internet. Tuzobandanya twiregura ku birego bidahuye n'ukuri."

    Ku bijanye n'ihadabu rya mbere rya miliyoni 375 z'amadolari, naho nyene Meta yari yavuze ko izokwunguruza, aho yatanze insiguro nk'izo nyene. Ni ubwa mbere reta imwe muri Amerika ishoboye gutsinda Meta mu rubanza rujanye n'umutekano w'abana.

    Iyo sosiyete isanzwe kandi ihanganye n'ibihumbi vy'imanza. Hambavu y’urubanza rwo muri New Mexico, mu ntango z'uyu mwaka yaratsinzwe urundi i Los Angeles, ku birego nk'ivyo nyene.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Trump: Umuhora wa Hormuz urafunguye, ariko Irani ishobora kugaba ibitero cyangwa gutera ibisasu mu nyanja

    Ubwato burimo abasirikare, umwe atunze imbunda mu mazi

    Ahavuye isanamu, NurPhoto/Getty images

    Perezida wa Amerika, Donald Trump, yongeye kuvuga ku wa kane ko yizera ko inzira ya Hormuz "ifunguye ku rugero runaka," ariko ntatangaza amasezerano yo gufungura uwo muhora burundu.

    "Sinshaka kuvuga ko hari amasezerano, ariko (umuhora rwa Hormuz) ubu urafunguye gato," ni ko Perezida Trump yabwiye abanyamakuru ku wa kane tariki ya 5 Kanama (7) nyuma yo gusinya amategeko menshi y’ubuyobozi muri White House.

    Yongeyeho ati: "Turabigenzura, ariko igihe icyo ari cyo cyose bashobora kurasa ikintu cyangwa bagashyira ibisasu mu mazi. Ndetse n'igisasu kimwe kirahagije kugira ngo gisenye ibintu, kuko nta muntu ushaka gushyira mu kaga ubwato bwe bwa miliyari y'amadolari akubita ibisasu byatewe. Ariko, ndatekereza ko ibintu bigenda neza cyane."

    Perezida wa Amerika yavuze kandi ko yari mu biganiro bikomeje na Irani, ariko nta bisobanuro birambuye atanga.

    Mu rindi tangazo, yongeye gushimangira ko yemera ko intambara na Irani izarangira vuba kuko, nk'uko yabivuze, "adatekereza ko" Irani ishobora "gukomeza kubaho igihe kirekire."

    Nubwo bimeze gutyo, ingendo zo mu mazi zinyura mu muhora wa Hormuz ziracyafite imipaka ikomeye. Irani isaba amato kunyura hafi y'inkombe zayo no kubona uburenganzira mbere yo kunyuramo.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. RDC yabujije ishorwa mu mahanga rya bumwe mu butare buba budatunganijwe

    Kimwe mu birombwe vyo muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Repuburika ya Demokarasi ya Kongo yafashe ingingo ibuza gushora mu mahanga ubutare bw’umujumbu na cobalt buba budahinguwe neza, mu ntumbero yo guteza imbere ugutunganiriza ayo mabuye imbere mu gihugu.

    Itangazo ryasohowe n’umushikiranganji w’ubutare rivuga ariko ko bizoshika hagatangwa uruhusha, rw’umwaka umwe, rwo kuburungika hanze hatubahirijwe iryo tegeko. Yamara ntirisigura neza ingene bizogenda.

    RDC ivuga ko iriko irongereza inguvu n’umurindi mu kugenzura neza igisata c'ubutare n'amabuye y'agaciro. Ni na yo mvo, iriko ishiraho intumbero n’amabwirizwa bituma igice kinini c'ayo mabuye kibanza gutunganirizwa imbere mu gihugu imbere yo gushorwa.

    Iryo tegeko ritangura gukurikizwa buno nyene. Ariko ntirifata ubwoko bwose bw’ubutare. Muri iki kiringo, riraba gusa umujumbu na cobalt.

    Vyongeye, rishobora kugira ingaruka ku mashirahamwe n’amasosiyete akomeye acukura amabuye y'agaciro akorera muri RDC, harimwo ayaturuka mu Bushinwa, muri Canada no mu Buswisi.

    Muri kahise, RDC yarigeze kurekurira amashirahamwe amwe kubandanya ashora mu mahanga mwene ubwo butare, igihe ubushobozi bwo kubutunganiriza imbere mu gihugu butari bukwiye.

    Iryo tegeko riri mu mugambi wagutse ibihugu vyinshi vya Afrika, harimwo Guinée, Nijeriya, Zambiya na Zimbabwe, biriko birashira mu ngiro. Intumbero ni uko haboneke inyungu nini ituruka mu mabuye y'agaciro yinjira muri vyo.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.