Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Amerika ishobora kuba yarakoze ivyaha vy’intambara muri Iran- icegeranyo ca ONU

Abatoza bigenga bashizweho n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU bavuga ko hari ibimenyetso bituma bemera ko Amerika yakoze ivyaha vy’intambara mu bitero bibiri vyahitanye n’imiburiburi abasivile 177 muri Irani.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana

  1. Perezida wa Koreya y’Epfo: Ntituzoja mu ntambara na Iran

    Perezida wa Koreya y’Epfo, Lee Jae-myung, yavuze ko igihugu ciwe kitazorungika abasirikare mu ntambara na Irani.

    Mu mezi aheze, haravuzwe ko Koreya y’Epfo yoshobora kwifatanya na Amerika mu bikorwa vyo gukingira ubwato buca mu Kigobe c’aba Perse no mu Muhora wa Hormuz.

    Ariko Perezida Lee yashimangiye ko igihugu ciwe kitazogira uruhara canke ngo civange muri iyo ntambara. Yavuze kandi ko atazokwigera yemera ko abasirikare ba Koreya y’Epfo barungikwa kurwana mu ntambara yo mu kindi gihugu.

    Mu kiganiro yatanze mu mpera z’ukwezi guheze, Perezida wa Amerika Donald Trump yari yaneguye ko igihugu ciwe kironka “imfashanyo nke cane” ivuye mu bindi bihugu. Yatanze akarorero ka Koreya y’Epfo, kimwe mu bihugu bikorana cane na Amerika muri Aziya.

    Mu ndwi zibiri ziheze, umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Irani bujejwe imigenderanire, Ismail Baghaei, yari yaburiye Koreya y’Epfo ko uruhara urwo ari rwo rwose mu bikorwa vya gisirikare mu Muhora wa Hormuz rwobonwa nk’ugushigikira Amerika. Yavuze ko ivyo vyogira “ingaruka zikomeye”.

    Ku bijanye na Koreya ya Ruguru, Perezida Lee yavuze ko biboneka ko Trump ashaka ibiganiro, yongera avuga ko yipfuza ko umukuru w’igihugu wa Amerika aja muri ivyo biganiro.

    Ibi bibaye mu gihe igabanywa ry’imyimenyerezo ya gisirikare Amerika na Koreya y’Epfo bikorera hamwe ryateye amakenga ko Seoul yoshobora gushirwa ku ruhande, mu biganiro ku mugambi wa Koreya ya Ruguru ujanye n’ibirwanisho ruhonyanganda.

    Trump yavuze ko iyo myimenyerezo izimvye kandi ko ishobora kubangamira imigenderanire myiza avuga ko afitaniye n’umukuru wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong-un.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Abakuru b’ibihugu 10 bo muri Afrika bishwe bakiri ku butegetsi

    Kuva ibihugu vyinshi vyo muri Afrika vyikukira, harabaye ubwicanyi bwahitanye abakuru b’ibihugu n’abandi bategetsi. Bamwe bishwe mu gihe haba hariko haraba ihirikwa ry’ubutegetsi, abandi bicwa n’abari bajejwe kubacungera.

    Ngaba abakuru b’ibihugu 10 bishwe bakiri ku butegetsi:

    • Melchior Ndadaye – Burundi: Umukuru w’igihugu wa mbere yatowe n’abanyagihugu yagandaguwe ku wa 21 Gitugutu (10) 1993, amaze iminsi 102 ku butegetsi. Urupfu rwiwe rwakurikiwe n’intambara yamaze imyaka irenga cumi.
    • Cyprien Ntaryamira – Burundi: Yagandaguwe ku wa 6 Ndamukiza (4) 1994, igihe indege yarimwo hamwe na Perezida Juvénal Habyarimana yaraswa igira igwe i Kigali.
    • Juvénal Habyarimana – Rwanda: Yaguye muri ico gitero c’indege ari kumwe na Ntaryamira. Abagavye ico gitero ntibaramenyekana. Urupfu rwiwe rwaciye rukurikirwa n’ihonyabwoko mu Rwanda.
    • Sylvanus Olympio – Togo: Umukuru w’igihugu wa mbere wa Togo yarashwe ku wa 13 Nzero (1) 1963, mu gihe hariko haraba ihirikwa ry’ubutegetsi.
    • Murtala Mohammed – Nigeria: Yagandaguwe mu mutego w’abasirikare bagerageza guhirika ubutegetsi ku wa 13 Ruhuhuma (2) 1976.
    • Anouar el-Sadate – Misiri: Yarashwe n’abasirikare mu birori vy’igisirikare vyabereye i Cairo ku wa 6 Gitugutu (10) 1981.
    • Thomas Sankara – Burkina Faso: Yagandaguwe ku wa 15 Gitugutu (10) 1987, mu migumuko yashikanye Blaise Compaoré ku butegetsi.
    • Mohamed Boudiaf – Aljeriya: Yarashwe n’umusirikare ku wa 29 Ruheshi (6) 1992, ariko arashikiriza ijambo i Annaba.
    • Ibrahim Baré Maïnassara – Niger: Yarashwe n’abari mu barinzi biwe ku wa 9 Ndamukiza (4) 1999, mu gihe c’ihirikwa ry’ubutegetsi.
    • Laurent-Désiré Kabila – DR Congo: Yarasiwe mu biro vyiwe ku wa 16 Nzero (1) 2001, n’umwe mu basirikare bari bajejwe kumucungera.

    Igandagurwa ry’abo bategetsi ryarahinduye ingendo ya politike y’ibihugu vyabo. Hamwe na hamwe ryakurikiwe n’intambara, ihirikwa ry’ubutegetsi canke imyaka myinshi y’umutekano muke. Ku rupfu rwa bamwe muri bo, amatohoza ntiyashoboye gutanga inyishu zose ku bateguye canke bishe abo bategetsi.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Trump avuga ko ari mu gufata ingingo yo gusubira gutera Iran

    Perezida wa Amerika, Donald Trump, avuga ko ari hafi yo gufata ingingo ikomeye ku bijanye no gusubira kugaba ibitero bikomeye kuri Iran.

    Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Axios, Trump yavuze ati: “Mfise ingingo ikomeye ngiye gufata. Niba nzokwinjira nkabahonya canke nkareka? Ni ingingo ikomeye. Ikinti ico ari co cose kirashobora kuba.”

    Ayo majambo ayavuze imbere y’inama ategekanya kugirana ku wa kabiri n’abakuru b’ibihugu bitandatu vyo mu kigobe c’abarabu arivyo Arabie Saoudite, Emirats Arabes Unis, Qatar, Bahreïn, Koweït na Oman.

    Iyo nama izobera i New York mu gihe hazoba hariko haraba inama nkuru ya ONU. Bitegekanijwe ko izoshimikira ku ntambara na Iran no ku ngingo Amerika yoshobora gukurikizako.

    Trump yavuze ko ashaka kubanza kwumva ivyiyumviro vy’ivyo bihugu. Yagize ati: “Ndashaka kumenya uko ivyabo vyifashe. Twamye tubakingira cane.”

    Axios ivuga ko mu ntango za Myandagaro (8), Trump yari yabaye araretse gusubira kugaba ibitero bikomeye, inyuma y’uko Arabie Saoudite na Qatar bimuburiye ko Irani yoshobora kwihora mu gutera inyubakwa z’ivyo bihugu zirimwo amahinguriro y'ibitoro na gaz.

    Trump n’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Pete Hegseth, bategetse ko Amerika igumiza abasirikare n’ibikoresho vyayo muri ako karere gushika umwaka urangiye, biteguriye ko intambara ikomeye yosubira kwaduka.

    Abajijwe ko azobonana na Benjamin Netanyahu i New York, Trump yishuye ati: “Birashoboka.”

    Izindi nkuru wosoma:

  4. RD Congo: Urunani C64 ruriyamiriza ubwicanyi bwabaye mu myiyerekano yo ku wa kabiri

    Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na reta C64 rwaneguye ihohoterwa ryabaye mu myiyerekano yo ku wa 15 Nyakanga (9) muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

    Mw’itangazo ryo ku wa 17 Nyakanga(9), C64 yavuze ko Manassé Lomboto Bomengola, umunywanyi wa ADDCONGO, yapfuye inyuma yo gukomerekera muri iyo myiyerekano.

    Urwo runani rwagirije imigwi ishigikiye reta hamwe na bamwe mu gipolisi kugira uruhara muri iryo hohoterwa. Rwavuze kandi ko hari abakomeretse, abapfunzwe n’ivyahononekariye, ruca rusaba ko haba amatohoza yigenga.

    C64 yasavye ko abafashwe barekurwa, abagirizwa ihohoterwa bagakurikiranwa n’ubutungane, ikongera igasaba ko umugwi w’urwaruka witwa Force du Progrès usamburwa.

    Ariko abategetsi ba Kinshasa bavuga ko ata muntu yapfuye.

    Umushikiranganji w’intara ya Kinshasa ajejwe intwaro yo hagati, Jeannot Canon La Rose, yavuze ko abakomeretse ari bake ku mpande zompi, harimwo umukuru w’igipolisi c’intara, kandi ko abantu nka 20 bafashwe.

    Igipolisi cakoresheje ivyuka bikoroza amosozi n’amasasu yo kugabisha mu gusanzaza abari muri iyo myiyerekano.

    C64 yasubiriye kuvuga ko yiyamiriza ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro n’ikiringo ca gatatu ca Perezida Félix Tshisekedi, mu matora ategekanijwe mu 2028.

    Izindi nkuru wosoma :

  5. Uburundi bwatsinze Kenya 2-0, buronka itike y’igice ca kabiri gishira icanyuma

    Umugwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abatarenza imyaka 20 watsinze uwa Kenya ibitsindo 2-0, mu rukino rwo mu mugwi C rwo gukuranamwo mu kwitegurira igikombe ca Afrika co mu 2027

    Urwo rukino rwabereye ku kibuga ca Uhuru i Dar es Salaam muri Tanzania ku munsi w’ejo.

    Umukinyi w’umurundi Amini Nshimirimana ni we yatsinze ivyo bitsindo bibiri: ica mbere ku munota wa cumi n’icenda, ica kabiri agitsinda ku munota wa 70.

    Ni intsinzi igira kabiri y’Uburundi muri iryo higanwa. Mu rukino rwa mbere, Intamba mu Rugamba zari zatsinze Sudani y’Epfo ibitsindo 4-0.

    Nshimirimana yari yatsinze ibitsindo bibiri no muri urwo rukino. Ubu amaze gutsinda ibitsindo bine mu nkino zibiri, akaba ari we ari imbere ku rutonde rw’abamaze gutsinda ibitsindo vyinshi muri iryo higanwa.

    Uburundi burangije inkino zo mu mugwi C bufise amanota atandatu. Bumaze gutsinda ibitsindo bitandatu kandi ntiburinjizwa na kimwe.

    Mu gice ca kabiri gishira icanyuma, Uburundi buzohura n’uwuzoba uwa mbere mu mugwi A. Tanzania yakiriye ihiganwa ni yo iboneka nk’iyishobora kuza imbere muri uwo mugwi, ariko uwo bazohura ntaramenyekana.

    Imigwi ibiri izoshika mu rukino rwa nyuma ni yo izoserukira akarere ka CECAFA mu gikombe ca Afrika c’abatarenza imyaka 20 co mu 2027.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Amerika ishobora kuba yarakoze ivyaha vy’intambara muri Iran- icegeranyo ca ONU

    Abatoza bigenga bashizweho n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU bavuga ko hari ibimenyetso bituma bemera ko Amerika yakoze ivyaha vy’intambara mu bitero bibiri vyahitanye n’imiburiburi abasivile 177 muri Iran.

    Icegeranyo gishasha kivuga ko ivyo bitero vyagabwe ku wa 28 Ruhuhuma (2), umunsi Amerika na Israel batangura intambara kuri Irani.

    Igitero ca mbere caguye kw'ishure ry’intango rya Shajareh Tayyebeh, mu gisagara ca Minab, gihitana abantu 156, barimwo abana 120.

    Abo batohoza bavuga ko iryo shure ryari iruhande y’ikigo c’abasirikare barinda impinduka muri Irani, IRGC. Ariko bavuga ko ryari rizwi neza ko ari ishure kandi ko ata kimenyetso cerekana ko ryakoreshwa n’igisirikare. Bavuga kandi ko ryatewe incuro zibiri.

    Ikindi gitero caguye ku kibuga c’inkino n’amazu yo mu gisagara ca Lamerd, gihitana abasivile 21, barimwo abana indwi.

    Amerika yari yarahakanye ko yateye i Lamerd, ivuga ko ikiriko iratohoza ivyabereye i Minab. Umutegetsi wo mu bushikiranganji bwayo bujejwe imigenderanire yavuze ko Amerika itemera ivyashitsweko n’abo batohoji.

    Ico cegeranyo kivuga kandi ko abategetsi ba Iran bakoze ivyaha vyo guhohotera agateka ka zina muntu igihe babuza ku nguvu imyiyerekano yabaye muri Nzero (1). Iran ntiragira icivuga kuri ivyo birego, ariko yari yarigeze kubihakana.

    Izindi nkuru wosoma

  7. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.