Uburundi bwatsinze Kenya 2-0, buronka itike y’igice ca kabiri gishira icanyuma

Ahavuye isanamu, CECAFA
Umugwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abatarenza imyaka 20 watsinze uwa Kenya ibitsindo 2-0, mu rukino rwo mu mugwi C rwo gukuranamwo mu kwitegurira igikombe ca Afrika co mu 2027
Urwo rukino rwabereye ku kibuga ca Uhuru i Dar es Salaam muri Tanzania ku munsi w’ejo.
Umukinyi w’umurundi Amini Nshimirimana ni we yatsinze ivyo bitsindo bibiri: ica mbere ku munota wa cumi n’icenda, ica kabiri agitsinda ku munota wa 70.
Ni intsinzi igira kabiri y’Uburundi muri iryo higanwa. Mu rukino rwa mbere, Intamba mu Rugamba zari zatsinze Sudani y’Epfo ibitsindo 4-0.
Nshimirimana yari yatsinze ibitsindo bibiri no muri urwo rukino. Ubu amaze gutsinda ibitsindo bine mu nkino zibiri, akaba ari we ari imbere ku rutonde rw’abamaze gutsinda ibitsindo vyinshi muri iryo higanwa.
Uburundi burangije inkino zo mu mugwi C bufise amanota atandatu. Bumaze gutsinda ibitsindo bitandatu kandi ntiburinjizwa na kimwe.
Mu gice ca kabiri gishira icanyuma, Uburundi buzohura n’uwuzoba uwa mbere mu mugwi A. Tanzania yakiriye ihiganwa ni yo iboneka nk’iyishobora kuza imbere muri uwo mugwi, ariko uwo bazohura ntaramenyekana.
Imigwi ibiri izoshika mu rukino rwa nyuma ni yo izoserukira akarere ka CECAFA mu gikombe ca Afrika c’abatarenza imyaka 20 co mu 2027.
Izindi nkuru wosoma:

