IKIBIRIRAHO, Abashingamateka ba Amerika batoye ingingo igabanya ububasha bwa Trump, mu kumucaha mu ntambara yo muri Iran

Muri iryo tora ryemejwe ku majwi 215 ku 208 atarishigikiye, aba Républicains bane bifadikanije n’aba Démocrates mu kwemeza iyo ngingo yari yarananiranye mu ncuro zitatu zatanguye.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo

  1. Israël na Liban bumvikanye gushira mu ngiro agahengwe, hamwe Hezbollah yohagarika ibitero

    Abagabo batatu n’umugore umwe, bose bambaye amakositime, bicaye ku meza inyuma yabo hakaba amabendera ya Amerika, Israël na Liban.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Muri ako gahengwe, bitegekanijwe ko abarwanyi ba Hezbollah bimurwa bakava mu karere kagenzurwa na Israël

    Reta zunze Ubumwe za Amerika, zibicishije ku bushikiranganji bwazo bw'imigenderanire, zatangaje ko Israël na Liban bumvikanye gushira mu ngiro agahengwe k’intambara.

    Ariko, iyo ngingo izoshirwa mu ngiro ari uko umuhari Hezbollah, ushigikiwe na Iran, uhagaritse ibitero vyose kuri Israël, ugashira mu ngiro n'ibindi vyose bisabwa.

    Iyi ntambwe ishitsweko inyuma y’aho ibitero vya Israël bihitanye n’imiburiburi abantu icenda mu bumanuko bwa Liban ku wa gatatu, mu gihe Hezbollah na yo yateye amabombe mu buraruko bwa Israël, ivyarushirije gushira mu kaga agahengwe kari kumvikanyweko muri Ndamukiza (4), kakaba kari gasanzwe kagoyagoya.

    Muri iryo tangazo, Amerika yagize iti:

    "Ibihugu vyompi vyasubiye kwemeza ko kazoza k’imigenderanire hagati ya Israël na Liban gakwiye gufatwa n’izo reta zibiri zigenga.

    "Vyaranse igerageza iryo ari ryo ryose ryo gufata kazoza ka Liban nk’ingwati, ryova ku gihugu canke ku wundi murwi utari reta."

    Muri ako gahengwe, hategekanijwe ukwimura abarwanyi bose ba Hezbollah bakava mu karere kari mu bumanuko bwa Liban kagenzurwa na Israël, kuva ku ruzi Litani gushika ku rubibe.

    Iri tangazo rivuga kandi ko Amerika izofasha mu gutunganya uturere twihariye, aho ingabo za Liban zizokwimenyerereza kugira zigire ububasha bwuzuye bwo kugenzura ubutaka bwose bw’ico gihugu, hatarimwo imigwi iyo ari yo yose yitwaje ibirwanisho.

    Rije kandi rikurikira agahengwe k’igice kumvikanyweko ku wa mbere, aho Liban yatangaje ko Israël igiye guhagarika gutera ibisasu ku murwa mukuru Beirut, Hezbollah na yo ikareka kugaba ibitero kuri Israël.

    Ivyo bihugu vyompi bizosubira guhura ku wa 22 Ruheshi (6) kugira bibandanye ibiganiro, mu ntumbero yo gushika ku masezerano yuzuye kandi arama.

    Gushika ubu, umuhari Hezbollah nturagira ico ushikirije ku mugaragaro kuri iri tangazo.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Mogadishu: Haraye kandi haramutse imirwano y’ingabo za leta n’abarwanyi b’abatavuga rumwe na perezida

    Ifoto yo mu murwa mukuru Mogadishu wa Somalia

    Ahavuye isanamu, Somali Gov

    Insiguro y'isanamu, Ifoto yo mu murwa mukuru Mogadishu wa Somalia

    Imirwano yatangiye ku wa gatatu nimugoroba mu murwa mukuru wa Somalia hagati y’ingabo za leta n’abarwanyi bo ku ruhande rw’abagabo batavuga rumwe na perezida yakomeje muri iki gitondo cyo ku wa kane.

    Urusaku rw’amasasu rurimo kumvikana mu duce twinshi twa Mogadishu, nk’uko abaturage baho babibwiye BBC.

    Sharif Sheikh Ahmed wahoze ari perezida avuga ku birimo kuba yagize ati: “Niba Perezida n’abasirikare be bakeka ko dufite ubwoba cyangwa tugiye guhunga, ntabwo turi buhunge”.

    Mu butumwa yashyize ku rubuga X, Sheikh Ahmed yavuze ko imirwano irimo kuba idahagarika imyigaragambyo bateguye mu murwa mukuru.

    Avuga ko iyo myigaragambyo ari iy’abaturage “bagamije kurwanya akarengane, gutuma abantu bahunga, no gukoresha nabi ubutegetsi”.

    Igisirikare cyamaganye abantu bitwaje intwaro bateye za bariyeri zacyo ahatandukanye mu murwa mukuru w’iki gihugu kiri mu bigize umuryango w’ibihugu by’Afurika y’iburasirazuba, EAC.

    Iyi mirwano ivuye k’ubushyamirane bukaze n’ibiganiro byo kunga byananiranye hagati ya Sharif Sheikh Ahmed, na Perezida Hassan Sheikh Mohamud w’iki gihugu hamwe na Hassan Ali Khaire wahoze ari Minisitiri w’intebe.

    Ibyo biganiro byananiwe kumvikana guhagarika ubushyamirane ndetse n’imyigaragambyo iteganyijwe uyu munsi.

    Ku rubuga rwa Facebook, Hassan Ali Khaire yanditse ko we n’itsinda rye ari bo batewe n’ingabo za leta zoherejwe na perezida w’igihugu.

    Leta ya Somalia yashinje Hassan Ali gutegura ibi bitero ku ngabo za leta.

    Ubu bushyamirane bushingiye ku makimbirane amaze igihe aho abo bategetsi bananiwe kumvikana igikurikiraho nyuma y’uko manda ya Perezida Sheikh Mohamud irangiye mu kwezi gushize.

    Icyo gihe Perezida Mohamud yahise atangaza ko manda ye yongeweho umwaka umwe.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Abashingamateka ba Amerika batoye ingingo igabanya ububasha bwa Trump, mu kumucaha mu ntambara yo muri Iran

    Inyubakwa y’Inama nshingamateka ya Amerika (Capitol) igaragara neza, n’ikirere kigasa neza mu gihe c’impenshi, ku wa 30 Rusama(5) 2026 i Washington, DC.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Ni ubwa kane inama nshingamateka igerageje kugabanya ububasha bwa Trump bwo gutanguza intambara

    Inama nshingamateka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatoye ingingo igamije kubuza Perezida Donald Trump gusubira gufata izindi ngingo za gisirikare zo kurwanya Iran.

    Iyo ngingo yemejwe ku majwi 215 (ku batayemeje 208), inyuma y’uko abashingamateka bane bo mu mugambwe w’aba Républicains bifatanije n’aba Démocrates mu kugaragaza ko batemera iyo ntambara yatanguye muri Ruhuhuma (2) uyu mwaka.

    Ni ubwa kane inama nshingamateka igerageje kugabanya ububasha bwa Trump bwo gutanguza intambara, aho abatayishigikiye bavuga ko ata ruhusha yahawe n’inama nkenguzamateka ya Amerika.

    Iyo ngingo iracakeneye kwemezwa n’iyo nama nkenguzamateka (Sénat), isanzwe igenzurwa n’aba Républicains. N’ubwo yokwemezwa na Sénat, ntivyitezwe ko yoshobora guhagarika burundu ibikorwa vya gisirikare biriko birakorwa kuri Iran.

    Trump yoshobora kwanka iyo ngingo akoresheje ububasha bwo kwanka (veto), ivyo bikaba vyoca bisaba bibiri vya gatatu vy’amajwi mu nama nshingamateka na nkenguzamateka kugira bamubuze kubandanya.

    Mu kwezi guheze kwa Rusama (5), inama nkenguzamateka (Sénat) yari yemeje iyindi ngingo isa n’iyo inyuma y’aho ibigerageje akatari gake ata kivamwo imbere y’aho, ariko gushika ubu ntiratora ku mugaragaro iyo ngingo mu nama rusangi yayo.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.