Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Umuhango wo gushyingura Aimable Karasira watangiye, murumuna we yahawe ijambo…

Ubwo murumuna we yahabwaga ijambo ngo avuge, ibyo yavuze byatumye bahita barimwambura.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Abatabazi bariko barondera abantu munsi y’ibisigarira vy’inzu zo muri Kyiv inyuma y’ibitero bikomeye vy’Uburusiya

    Abantu babiri bishwe, abandi 40 barakomereka inyuma y’aho Uburusiya bugiriye ibitero bikomeye kuri Ukraine mw’ijoro ryakeye, nk’uko abategetsi babivuze.

    Umushikiranganji wa mbere wa Ukraine, Yulia Svyrydenko, yavuze ko ryari “ijoro ritoroshe cane kuri Kyiv”, aho abatabazi bariko barondera abantu munsi y’ibisigarira vy’inyubakwa z’amazu yabamwo abantu inyuma y’igitero cakozwe hakoreshejwe ibisasu vya misile hamwe n’ama drones kuri uwo murwa mukuru.

    Ivyo bitero vy’ijoro vyakurikiye ikindi gitero gikomeye cabaye ku wa gatatu — kimwe mu bitero bikomeye cane Uburusiya bwagabye kuva butanguye intambara y’ukwigarurira Ukraine mu 2022, aho bwakoresheje ama drones 892.

    Ni umunsi ugira gatatu ukurikirana Ukraine ivuga ko hari abantu bapfuye, mu gihe Moscou iriko yongerezaa ibitero vyayo inyuma y’aho agahengwe k’imisi itatu kari karangiye ku wa mbere.

    Mu murwa mukuru Kyiv, ibikorwa vyo kurondera no gutabara vyatanguye kare ku wa kane kugira barondere abantu bari munsi y’ibisigarira vy’inyubakwa y’amagorofa icenda yatewe mw’ijoro.

    Umukuru w’igisagara ca Kyiv, Vitaliy Klychko, yagiye kuraba iyo nyubakwa, yavuze ko amazu 18 yasambuwe burundu. Yavuze kandi ko ico gitero catumye haba ihagarikwa ry’amazi mu gisagara.

    Umukuru w’igihugu ca Ukraine, Volodymyr Zelensky, yavuze ko abantu benshi bamaze gukurwa muri iyo nyubakwa ari bazima.

    Yongeye avuga ko hari n’izindi nyubakwa z’abanyagihugu, ishure, ivuriro ry’ibikoko hamwe n’ibindi bikorwa remezo vyononekaye.

    Zelensky yavuze ko ico gitero gikomeye c’Uburusiya “atari ibikorwa vy’abemera ko intambara iri hafi kurangira.”

    Yasavye ibihugu bifasha Ukraine kutaguma cecetse kuri ico gitero.

    Ivyo bitero bishasha vyabaye haciye igihe gito agahengwe k’imisi itatu kari katunganijwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika karangiye ku wa mbere mw’ijoro.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Umuhango wo gushyingura Aimable Karasira watangiye, murumuna we yahawe ijambo…

    Mu gace ka Biryogo mu mujyi wa Kigali mu cyumba cy'inama cya EER Biryogo niho hatangiriye umuhango wo gusezera kuri Aimable Karasira wapfuye mu cyumweru gishize. Ubwo murumuna we yahabwaga ijambo ngo avuge, ibyo yavuze byatumye bahita barimwambura.

    Karasira yari azwi nk’umuhanzi, umwalimu wa kaminuza, n’umuntu wakoraga ibiganiro birimo ibinenga ubutegetsi bw’u Rwanda kuri YouTube, yapfuye mu cyumweru gishize ku munsi yari gusohokaho muri gereza.

    Urwego rushinzwe amagereza mu Rwanda rwavuze ko yapfiriye kwa muganga nyuma yo gufata imiti irenze urugero yari asanzwe afatira muri gereza ubwo yari ayihawe yose icya rimwe kuko yari agiye gutaha.

    Umuhango wo kumusezera mu Biryogo witabiriwe n’abantu ‘bacye’, Me Gashema Felicien na Bruce Bikotwa bamwunganiye ubwo yaburagana babonetse muri uyu muhango.

    Karasira yari gufungurwa ku wa gatatu ushize ashoje igifungo cy’imyaka itanu yakatiwe ku cyaha cyo gukwirakwiza amacakubiri.

    Aburana yavugaga ko afite uburwayi bwo mu mutwe, ariko abaganga banzuye ko uburwayi afite “butamubuza gutekereza”.

    Karasira wari ufite imyaka 48 asize murumuna we Aimé Uyisenga.

    Uyu ahawe indangururamajwi ngo agire icyo avuga yabanje kuvuga bicye kuri mukuru we n'ibyo babayemo mu gihe cya jenoside, maze ati: “Twiciwe n’Inkotanyi kandi tuzageraho tubone 'freedom'”.

    Uwari amuri iruhande yahise amukuraho indangururamajwi amubuza gukomeza, nubwo yasaga nusoje ijambo rye. Byavuzwe ko uyu murumuna we afite ihungabana kandi ibyo avuga ari ryo ribimutera.

    Amagambo yavuzwe na murumuna wa Karasira ni amwe mu yo na we yagiye agarukaho kuri YouTube mbere y’uko afungwa mu 2021.

    Ikigo Human Rights Watch (HRW) cyasabye abategetsi b'u Rwanda ko hakorwa iperereza "ryigenga kandi ririmo umucyo" ku rupfu rwa Aimable Karasira

    Mu 1994 mu Rwanda habaye jenoside yari igambiriye kurimbura Abatutsi, hishwe n'Abahutu batari bashyigikiye ubwo bwicanyi.

    Ubutegetsi bw'u Rwanda bwemeza ko hari abasirikare b'Inkotanyi icyo gihe bakoze ubwicanyi bwo kwihorera kandi babihaniwe.

    Bamwe mu bakorewe ubwo bwicanyi bakunda kuvuga ko bacecekeshwa kandi badahabwa umwanya wo kwibuka no kuvuga uko ababo bishwe.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Trump yavuze ko ibiganiro na Xi byari “byiza cyane” mu gihe Beijing iri kwihaniza Amerika kuri Taiwan

    Donald Trump yavuze ko ibiganiro yagiranye na Xi Jinping byari “byiza cyane”, nyuma y’inama yamaze hafi amasaha abiri yabereye i Beijing kandi yari iteye amatsiko menshi.

    Ariko nk’uko umunyamakuru wacu ku nkuru z'ubucuruzi abyandika, haracyari ukutumvikana gukomeye ku misoro ku bicuruzwa ndetse no ku igenzura ry’ikoranabuhanga ryoherezwa hanze.

    Hashize igihe gito ibiganiro bitangiye, Beijing yahise isohora amagambo ya Xi yongeye kuburira ko hashobora kubaho “amakimbirane” hagati y’u Bushinwa na Amerika kubera ikibazo cya Taiwan.

    Intambara iri muri Iran, yateje ikibazo gikomeye ku rwego rw’isi mu bijyanye n’ingufu, yari itegerejwe kuvugwa cyane muri ibi biganiro by’uyu munsi.

    Ariko nk’uko byatangajwe na Minisiteri y’Ububanyi n’Amahanga y’Ubushinwa ku nama ya Trump na Xi, icyo kibazo nticyagarutsweho cyane muri ibyo biganiro.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Xi araburira ku 'makimbirane' ashobora kubaho hagati y'Amerika n'Ubushinwa kubera Taiwan

    Perezida Xi Jinping yaburiye ko hashobora kubaho “amakimbirane” hagati y'Amerika n’Ubushinwa kubera ikibazo cya Taiwan, nk’uko igitangazamakuru cya leta y’Ubushinwa kibitangaza.

    Amakuru avuga ko uwo mutegetsi yavuze ko iki ari “ikibazo cy’ingenzi cyane mu mubano hagati y’Ubushinwa na Amerika.”

    Nk’uko igitangazamakuru cya leta kibivuga, Xi yagize ati: "Niba iki kibazo gikemuwe neza, umubano hagati y’ibihugu byombi ushobora gukomeza kuba mwiza muri rusange.

    "Ariko nikidakemurwa neza, ibihugu bishobora kugongana ndetse bikagera mu makimbirane, ibyo bigashyira umubano wose hagati y’Ubushinwa na Amerika mu kaga gakomeye cyane.”

    Yanavuze ko ubwigenge bwa Taiwan “uko bimeze ntibushobora kujyana n’amahoro” mu muhora wa Taiwan.

    Xi yavuze kandi ko amahoro muri Taiwan ni “ikintu gikomeye cyane Ubushinwa na Amerika bahuriraho.”

    Ubusanzwe: Taiwan ni ikirwa kiyobora ubwacyo, ariko Beijing ivuga ko ari ubutaka bw’Ubushinwa kandi ntiyigeze ikuraho amahitamo yo kugifata ku ngufu za gisirikare. Mu myaka ya vuba, Ubushinwa bwakajije imyitozo ya gisirikare ikikije icyo kirwa, harimo n’imyitozo isa no kugishyira mu kato, ibintu byateye impungenge abategetsi ba Taiwan ndetse n’ibihugu biyishyigikiye. Mu mwaka ushize, ubutegetsi bwa Trump bwatangaje ko buzagurisha kuri Taiwan intwaro zifite agaciro ka miliyari 11 z’amadolari, icyo gihe Beijing ibyamagana cyane ndetse inaburira Amerika mbere y’inama y’uyu munsi.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Trump mu Bushinwa: Abanyamitahe bakomeye bo muri Amerika bari mu birori vy'ukwakirwa

    Ikinyamakuru ca reta y’Ubushinwa CCTV cashize ahabona amasanamu y’abakuru bamwe bamwe bakomeye b’abadandaza n’abarwizatunga bo muri Amerika bari kumwe na Trump, binjira mu nzu aho abo bakuru b’ibihugu babiri bariko barahurira.

    Mu nyuma babonetse basohoka muri iyo nzu maze abamenyeshamakuru barababaza ico bavuga kuri uwo mubonano.

    Urutonde rw'abategetsi ba Amerika bari mu biganiro hagati y'ivyo bihugu

    Uretse Trump, aba ni bo bategetsi bandi ba Amerika bitavye ibiganiro hagati y'Ubushinwa na Amerika, nk’uko vyatangajwe n'igitangazamakuru CCTV c’Ubushinwa:

    • Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Marco Rubio
    • Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Pete Hegseth
    • Uwuserukira Amerika mu vy’ubudandaji, Jamieson Greer
    • Umushikiranganji ajejwe ubutunzi, Scott Bessent

    Ico gitangazamakuru c'Ubushinwa nticatangaje urutonde nk’urwo rwo ku ruhande rw’Ubushinwa.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Xi yasabye ko Ubushinwa n'Amerika biba 'abafatanyabikorwa aho kuba abacyeba' mu gihe ibiganiro bikomeye na Trump bitangiye

    Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping yasabye ko Ubushinwa n’Amerika biba “abafatanyabikorwa aho kuba abacyeba”, mbere yuko ibiganiro bikomeye na mugenzi we w’Amerika bitangira mu murwa mukuru Beijing.

    Mu kumusubiza, Perezida w’Amerika Donald Trump yasobanuye Xi nk'"umuyobozi mwiza cyane" ndetse avuga ko umubano hagati y’ibi bihugu bikomeye cyane ku isi uzaba “mwiza cyane kurusha mbere hose”.

    Ariko ingingo zikomeye zo kuganiraho birashoboka ko ziza kuvugwaho mu biganiro bagirana, zirimo nk’imisoro ku bicuruzwa byinjira mu gihugu, ihangana mu by’ikoranabuhanga, intambara yo muri Iran hamwe n’ingingo ijyanye na Taiwan.

    Mbere y’inama yabo, Xi yahanye ikiganza na Trump ku mucyeka utukura hanze y’inyubako ya leta yitwa ‘Great Hall of the People’ (inzu nini cyane y’abaturage, ugenekereje mu Kinyarwanda) iri i Beijing – banasuhujwe n’abana bateraga hejuru mu byishimo, ndetse abategetsi bombi bagenzura ingabo.

    I Beijing, Trump yajyanyeyo n’abakuru b’ibigo bikomeye by’ikoranabuhanga, barimo nka Elon Musk wa kompanyi Tesla, na Jensen Huang ukuriye kompanyi Nvidia – mbere yo kugerayo yavuze ko azasaba Ubushinwa “gufungura” amarembo ku nganda z’Amerika.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.