Uganda
yashize ahabona igishusho ya Yonatan Netanyahu, mwenewabo wa Benjamin
Netanyahu, Umushikiranganji wa Mbere wa Israel, yishwe mu gikorwa co gutabara
abantu bari bafashwe bugwati ku kibuga c’indege ca Entebbe muri Uganda, haraciye imyaka 50.
Umukuru w’ibiro
bikuru vy’igisirikare ca Uganda, Jenerali Muhoozi Kainerugaba, yavuze ko ico gishusho
ari ico guha icubahiro ubutwari bwa Yonatan Netanyahu n’ukwitangira abandi.
Netanyahu
ni we musirikare wenyene wa Israel yapfiriye muri ico gikorwa co gutabara
abantu barenga 100 bari bafashwe bugwati, inyuma y’aho Abanyapalestina babiri
n’Abadagi babiri banyururije indege ya Air France yari ivuye i Tel Aviv bakayitegeka kuja ku kibuga
mpuzamakungu c’indege ca Uganda.
Kainerugaba
yavuze ko ico gikorwa ari “kimwe mu bikorwa bihambaye cane mu gihe ca none”,
yongera avuga ko ubucuti bwa hafi cane hagati ya Uganda na Israel muri iki gihe
ari “urugendo rudasanzwe”.
Iki
gishusho ca Netanyahu kimwerekana afoye inkoho, kiri hanze y’inyubakwa ya kera
y’ico kibuga c’indege aho ico gitero c’ubutabazi cabereye.
Muri ico gitero,
abantu batatu bari bagizwe imbohe, ari bo Jean-Jacques Mimouni, Pasco Cohen na
Ida Borochovitch, na bo nyene barahasize ubuzima. Uwundi na we, Dora Bloch, yagiye kwicirwa mu bitaro i
Kampala aho yariko aravurirwa.
Abari
banyuruje iyi ndege hamwe n’abandi batatu bifatanije na bo bageze muri Uganda
na bo nyene barishwe, hamwe n’abasirikare ba Uganda nibura 45, mu ntambara
yabahuje n’ingabo za Israel.
Mu kwemera
ko abo basirikare ba Uganda bapfuye, Kainerugaba yagize ati: “Barwanye n’ubutwari
bwinshi bazi ko bariko barwanira ukuri. Gusa uno musi turazi ko ubutegetsi bwa
Idi Amin bakorera bwari ubutegetsi bw’agahotoro kandi butaserukira abanyagihugu
ba Uganda”.
Iyo ndege
yari igiye i Paris yari yahagurutse i Tel Aviv muri Israel ku wa 27 Ruheshi (6)
1976, maze ihagarara i Athens mu Bugiriki, aho abayinyuruje - bo mu muhari Popular
Front for the Liberation of Palestine (PFLP) - buririye.
Baciye
bigarurira iyo ndege maze bayitegeka kuja muri Libya, aho yabanje kunywera
igitoro. Inyuma y’aho, iyo ndege yo mu bwoko bwa Airbus A300 yafashe urugendo rwayishikanye
muri Uganda, aho Perezida Idi Amin yayakiriye igeze ku kibuga c’indege.
Abari banyuruje
iyi ndege basaba imiriyoni 5 z’amadolari y’Abanyamerika hamwe n’ukurekurwa
kw’abanywanyi b’uno muhari 53 bari bapfungiwe muri Israel, mu Bufaransa, mu Budagi,
mu Busuwisi no muri Kenya, kugira barekure izo ngenzi bari bafashe bugwati. Bamwe
muri zo bararekuwe ku wa 30 Ruheshi no ku wa 1 Mukakaro (7), ariko Abanya-Israel
hamwe n’Abayahudi ntibarekuwe.
Ku wa 3
Mukakaro, abacommando badasanzwe ba Israel bavuye muri Israel baca muri Kenya
hanyuma bashika i Entebbe maze batangura ico gitero co gutabara, camaze iminota
itarenga 90.
Ico gikorwa
carahimbajwe cane muri Israel, ariko cabaye akamaramaza gakomeye kuri Idi Amin.
Haraciye
imyaka cumi, Umushikiranganji wa Mbere wa Israel Benjamin Netanyahu agendeye
Entebbe, aho yavuze ati: “Narigiye kuri mwenewacu ko kugira utsinde abakora iterabwoba
bisaba ibintu bibiri: ugusobanukirwa n’ubutwari”.
Kainerugaba
yavuze ko ivyabaye ico gihe, haraciye imyaka 50, ari “igice kibabaje kuri
kahise kacu”, ariko ko imigenderanire hagati ya Uganda na Israel ubu yahindutse
“ubucuti bwubakiye ku kwizigiranira, ukwubahana no gufashanya”.
Ayandi makuru ushobora gusoma: