Uganda yerekanye igishusho c'umuvukanyi w’umushikirananji wa mbere wa Israel yaguye mu gitero c’ubutabazi i Entebbe

Ahavuye isanamu, GPO via Getty Images
Uganda yashize ahabona igishusho ya Yonatan Netanyahu, mwenewabo wa Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa Mbere wa Israel, yishwe mu gikorwa co gutabara abantu bari bafashwe bugwati ku kibuga c’indege ca Entebbe muri Uganda, haraciye imyaka 50.
Umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Uganda, Jenerali Muhoozi Kainerugaba, yavuze ko ico gishusho ari ico guha icubahiro ubutwari bwa Yonatan Netanyahu n’ukwitangira abandi.
Netanyahu ni we musirikare wenyene wa Israel yapfiriye muri ico gikorwa co gutabara abantu barenga 100 bari bafashwe bugwati, inyuma y’aho Abanyapalestina babiri n’Abadagi babiri banyururije indege ya Air France yari ivuye i Tel Aviv bakayitegeka kuja ku kibuga mpuzamakungu c’indege ca Uganda.
Kainerugaba yavuze ko ico gikorwa ari “kimwe mu bikorwa bihambaye cane mu gihe ca none”, yongera avuga ko ubucuti bwa hafi cane hagati ya Uganda na Israel muri iki gihe ari “urugendo rudasanzwe”.
Iki gishusho ca Netanyahu kimwerekana afoye inkoho, kiri hanze y’inyubakwa ya kera y’ico kibuga c’indege aho ico gitero c’ubutabazi cabereye.
Muri ico gitero, abantu batatu bari bagizwe imbohe, ari bo Jean-Jacques Mimouni, Pasco Cohen na Ida Borochovitch, na bo nyene barahasize ubuzima. Uwundi na we, Dora Bloch, yagiye kwicirwa mu bitaro i Kampala aho yariko aravurirwa.
Abari banyuruje iyi ndege hamwe n’abandi batatu bifatanije na bo bageze muri Uganda na bo nyene barishwe, hamwe n’abasirikare ba Uganda nibura 45, mu ntambara yabahuje n’ingabo za Israel.
Mu kwemera ko abo basirikare ba Uganda bapfuye, Kainerugaba yagize ati: “Barwanye n’ubutwari bwinshi bazi ko bariko barwanira ukuri. Gusa uno musi turazi ko ubutegetsi bwa Idi Amin bakorera bwari ubutegetsi bw’agahotoro kandi butaserukira abanyagihugu ba Uganda”.
Iyo ndege yari igiye i Paris yari yahagurutse i Tel Aviv muri Israel ku wa 27 Ruheshi (6) 1976, maze ihagarara i Athens mu Bugiriki, aho abayinyuruje - bo mu muhari Popular Front for the Liberation of Palestine (PFLP) - buririye.
Baciye bigarurira iyo ndege maze bayitegeka kuja muri Libya, aho yabanje kunywera igitoro. Inyuma y’aho, iyo ndege yo mu bwoko bwa Airbus A300 yafashe urugendo rwayishikanye muri Uganda, aho Perezida Idi Amin yayakiriye igeze ku kibuga c’indege.
Abari banyuruje iyi ndege basaba imiriyoni 5 z’amadolari y’Abanyamerika hamwe n’ukurekurwa kw’abanywanyi b’uno muhari 53 bari bapfungiwe muri Israel, mu Bufaransa, mu Budagi, mu Busuwisi no muri Kenya, kugira barekure izo ngenzi bari bafashe bugwati. Bamwe muri zo bararekuwe ku wa 30 Ruheshi no ku wa 1 Mukakaro (7), ariko Abanya-Israel hamwe n’Abayahudi ntibarekuwe.
Ku wa 3 Mukakaro, abacommando badasanzwe ba Israel bavuye muri Israel baca muri Kenya hanyuma bashika i Entebbe maze batangura ico gitero co gutabara, camaze iminota itarenga 90.
Ico gikorwa carahimbajwe cane muri Israel, ariko cabaye akamaramaza gakomeye kuri Idi Amin.
Haraciye imyaka cumi, Umushikiranganji wa Mbere wa Israel Benjamin Netanyahu agendeye Entebbe, aho yavuze ati: “Narigiye kuri mwenewacu ko kugira utsinde abakora iterabwoba bisaba ibintu bibiri: ugusobanukirwa n’ubutwari”.
Kainerugaba yavuze ko ivyabaye ico gihe, haraciye imyaka 50, ari “igice kibabaje kuri kahise kacu”, ariko ko imigenderanire hagati ya Uganda na Israel ubu yahindutse “ubucuti bwubakiye ku kwizigiranira, ukwubahana no gufashanya”.
Ayandi makuru ushobora gusoma:

