Australia: Ubwenge buhinguwe(AI) bwa OpenAI bwarinjiye ata ruhusha mu rubuga rwa reta
Umushikiranganji wa mbere wa Australia, Anthony Albanese, yavuze ko ubwenge buhinguwe bwakozwe na OpenAI bwinjiyeata ruhusha mu rubuga rwa reta muri Ruheshi (6).
Ubwo bwenge buhinguwe, bushobora gukora ibikorwa bwonyene bumaze guhabwa ico bukora, bwarinjiye mu rubuga rw’ibiharuro rwa Medicare, umugambi wa reta ufasha Abanya-australia kuronka ubufasha bwo kwa muganga.
Albanese yavuze ko urwo rubuga rwarimwo amakuru atari ibanga cane. Ariko ubwo bwenge bwarashoboye kubona amadosiye yari ku mugaragaro hamwe n’ayari agenewe abakozi ba reta gusa.
Nta kimenyetso kiraboneka c’uko amakuru y’abarwayi yoba yarasohotse, ariko amatohoza aracabandanya.
Albanese yavuze ko yagiranye ibiganiro “bikomeye cane” n’umuyobozi wa OpenAI, Sam Altman, ku gituma ico kigo catevye kumenyesha Australia ivyabaye.
OpenAI yavuze ko yamenye ico kibazo muri Myandagaro (8), igihe yariko irasuzuma ibikorwa bidasanzwe vy’ubwenge buhinguwe bwayo. Yabimenyesheje abategetsi ba Australia italiki 10 Nyakanga (9).
Albanese yavuze ko ivyabaye bitemewe kandi ko bishobora gukurikiranwa n’amategeko. Yongeyeko ko Altman yemeye ko hari ingorane zabaye mu gukurikiza amategeko y’umutekano ya OpenAI.
OpenAI yavuze ko ubwo bwenge bwariko burondera inyishu n’ibiharuro ku bibazo vyerekeye Australia mu gihe c’igeragezwa ryabereye muri ico kigo, ariko bugaca bukora ivyo butari bwategetswe.
Amakuru bwashitseko yarimwo ibiharuro rusangi vyerekeye amagara y’abantu hamwe n’amazina y’amadosiye yo mu nzego za reta.
Albanese yavuze ko urwego rw’igihugu rujejwe amagara y’abantu n’izindi nzego zibiri zo muri leta za New South Wales na Victoria zishobora kuba zarashitsweko hanyuma amakuru yaho akabonwa n’ubwo bwenge buhinguwe.
Urwego rwa Australia rujejwe umutekano wo ku buhinga bwa none, Australian Signals Directorate, ni rwo ruriko rurakora amatohoza kugira rumenye nimba hari izindi nzego za reta zinjiwemwo.
Abahinga mu mutekano wo ku buhinga bwa none bagabishije ko iki kibazo gikwiye gukangura amareta, kuko ubwenge buhinguwe bushobora gukora ibikorwa bwonyene buriko burarushiriza gukoreshwa na benshi.
Izindi nkuru wosoma: