Umugwi w’amahoro wa Trump watangaje umugambi w’imiriyaridi 2,45 z’amadolari wo kwubaka Gaza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugwi w’amahoro wa Perezida wa Amerika Donald Trump watangaje umugambi w’imiriyaridi 2,45 z’amadolari wo gutangura gusubira kwubaka Gaza.
Uwo mugambi watangarijwe mu nama yabereye ku ruhande rw’inama mpuzamakungu ONU i New York. Ayo mafaranga azokoreshwa mu migambi 66 mu kiringo c’amezi atandatu.
Iyo migambi izoba irimwo kwubaka amazu, gutanga umuyagankuba hakoreshejwe mazutu no gukura imicafu.
Ariko uwo mugwi wavuze ko hagikenewe amafaranga menshi. Naho ibihugu n’amashirahamwe vyemeye gutanga imiriyaridi 18 z’amadolari, gushika ubu imiriyoni 280 ni zo zimaze kuboneka gusa.
Uwo mugwi uvuga ko gusubiza Gaza ku murongo no kuyubaka bushasha bizokenera imiriyaridi 71,4 z’amadolari mu myaka 10 iri imbere.
Jared Kushner, umukwe wa Trump akaba n’umwe mu bagize urwego nshingwabikorwa rw’uwo mugwi, yemeye ko uwo mugambi umaze gucererwa mu bitari bike. Ariko yavuze ko intumbero y’iyo nama yari iyo kwerekana ko biyemeje kuwushira mu ngiro.
Uwo mugwi uvuga ko hari intambwe imaze guterwa, harimwo uguhagarika intambara, naho bikiri ku rugero rwo hasi, hamwe n’ibikorwa vy’imfashanyo.
Ariko umugambi uracafise ingorane zikomeye. Harimwo gucungera umutekano w’abazokorera muri Gaza, gukuraho ibisasu bitaturitse, gusambura imihora yo munsi y’ubutaka no gutunganya uburyo bushasha bwo kurongora ako karere.
Umugwi w’amahoro washinzwe nk’igice c’umugambi wa Trump w’ingingo 20 wo kugarukana amahoro muri Gaza. Haciye iminsi, ibikorwa vyawo vyaraguwe kugira ufashe no mu yandi matati yo kw’isi.
Izindi nkuru wosoma :





