"Barashe umubanyi wanje mu mutwe" – igisagara co ku nkengera z'ikiyaga cahungabanijwe n'intambara

Ahavuye isanamu, Reuters
Kwica abantu ata rubanza hamwe no gufata ku nguvu ni amwe mu mahano yakozwe n'umuhari w'abarwanyi wa M23 hamwe n'abasirikare b'Urwanda mu minsi bamaze bigaruriye igisagara ca Uvira kiri ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, nk'uko biri mu matohoza yakozwe n'ishirahamwe rikomeye riharanira agateka ka zina muntu.
Ishirahamwe Human Rights Watch (HRW) rivuga ko abatohoza baryo babonye ibimenyetso vyerekana ko abasivile 53 bishwe ata rubanza — abagabo 46, umugore umwe hamwe n'abahungu batanu — mu bitero vyakorewe ku mazu y'abanyagihugu mu bice bitandukanye vy'igisagara inyuma y'uko abo barwanyi, bashigikiwe n'Urwanda, bafashe Uvira mu kwezi kwa Kigarama (12).
Urwanda rwagumye ruhakana ko rushigikiye M23 canke ko abasirikare barwo barungitswe mu buseruko bwa RD Congo, igihugu kirangwamwo amabuye y'agaciro menshi .
Ariko HRW ivuga ko benshi mu bo yabajije bavuze ko babonye amahano yakozwe n'abasirikare b'Urwanda bambaye umwambaro ubaranga hamwe n'abarwanyi ba M23.
Umwe mu bantu 130 babajijwe na HRW yavuze ati: "Babanje kurasa umubanyi wanje mu mutwe,"
Uwundi yavuze ko yabonye abantu bane bo mu muryango wiwe bicwa. Yavuze ati : "Nta rusasu rwamfashe, rero narirutse ndaja ku kiyaga. Nabonye mwene wacu, umugore wiwe hamwe n'abana babo babiri bagwa hasi"
M23 na Reta y'Urwanda ntibarishura ubusabe bwa BBC bwo kugira ico bavuze.
Menya neza : Iyi nkuru irimwo insiguro zijanye n'ihohoterwa rishingiye ku gitsina.
M23 yafashe Uvira — iri ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika — haciye imisi mike Perezida wa Amerika Donald Trump afashije gushira umukono ku masezerano y'amahoro hagati ya Perezida wa RD Congo Felix Tshisekedi na mugenzi we w'Urwanda Paul Kagame mu kugerageza guhagarika intambara imaze igihe kinini muri ako karere kuzuyemwo amabuye y'agaciro.
Amerika hamwe n'ibihugu vy'i Buraya vyagiriza Urwanda — ruhana urubibe n'ubuseruko bwa DR Congo — gushigikira ibitero vya M23.
Abahinga ba ONU bavuze ko Urwanda "mu vy'ukuri'' rufise ku bikorwa vya M23. Bavuze kandi ko abashasha M23 yinjiza mu ngabo zayo bigishwa ku bugenduzi bw'Urwanda kandi bagafashwa n'ibirwanisho bigezweho vya gisirikare vy'u Rwanda.

Ahavuye isanamu, Reuters
M23 yavuye mu gisagara ca Uvira — gifatwa nk'irembo rijana mu Burundi, igihugu gifatwa nk'umufatanyabikorwa wa gisirikare wa mbere wa RD Congo — mu kwezi kwa Nzero (1) inyuma y'igitutu gikomeye c'abahuza ba dipolomasi.
Icegeranyo ca Human Rights Watch (HRW) ni co ca mbere kirimwo ido n'ido risigura ivyabereye muri ico gisagara igihe cari mu maboko ya M23. Abantu ibihumbi n'ibihumbi barahunze ingo zabo igihe uwo muhari wafata ico gisagara.
HRW ivuga ko yatohoje kandi yandika ivyaha umunani vy'ugusambanya abagore ku nguvu, vyagirizwa abo barwanyi hamwe n'abasirikare b'Urwanda mu gihe bari bigaruriye ico gisagara.
Umugore umwe yavuze ati: "Baranyambuye impuzu zose, bambohera amaboko inyuma bakoresheje impuzu zanje, hanyuma baransambanya ku nguvu,"
Yongeyeko ko igihe umugabo wiwe yagerageza kumutabara, yarashwe agapfa.
HRW ivuga ko muri Ndamukiza(4) yandikiye Reta y'Urwanda hamwe n'indongozi za M23 isaba ico bavuga kuri ayo mabi avugwa muri cegeranyo cayo, ariko nta n'umwe yabishuye.
Umwe mu bagore bafashwe ku nguvu yavuze muri iyo raporo ko abagabo bari mu mpuzu za gisirikare yabonye nk'abasirikare b'Urwanda bamubwiye bati: "Niwanka gukora ico nkubwiye, ndakwica."
Uwundi mugore yavuze ati: "Umunyarwanda yavuze ko bakwiye kunyica, ariko Umukongomani we avuga ati: 'Oya, ni mumufate ku nguvu.'"

Ahavuye isanamu, AFP
Human Rights Watch (HRW) ivuga ko yemera ko ayo mabi yakozwe — arimwo kunyuruza abantu, kuburirwa irengero hamwe no gutwara abantu mu gisirikare ku gahato — ashobora gufatwa nk'ivyaha vyo mu ntambara.
Abatohoza bayo kandi baragendeye ibibanza bitatu bivugwa ko birimwo ibinogo rusangi vyatawemwo abantu i Uvira, harimwo kimwe kiri ahantu hahora hacunzwe n'abasirikare ba ONU bashinzwe kugarukana amahoro.
Iyo raporo ivuga kandi ko abana nabo bagizweko ibitero bakaraswa n'uwo murwi inyuma yo kubagiriza ko bashigikiye leta.
HRW ivuga ko umuhungu umwe w'imyaka 12 yarokotse naho yari yarashwe n'abarwanyi ba M23, hanyuma "bakamucumita mu kuguru bakoresheje imbugita ya gisirikare kugira barabe ko yapfuye".
Icegeranyo ca HRW ni co ca vuba cerekanye mw'ido n'ido urugero rw'intureka ku basivile mu buseruko bwa RD Congo.
Mu kindi cegeranyo, Ishirahamwe rijejwe abana UNICEF rivuga ryasanze mu mezi icenda ya mbere ya 2025 habaye ivyaha birenga 35.000 vy'ihohoterwa rishingiye ku gitsina rikorewe abana, ahanini mu ntara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo aho M23 igenzura ibice vyinshi.
Ubwicanyi n'ihohoterwa bikibandanya mu buseruko bwa DR Congo vyatumye hafi abantu imiriyoni zibiri muri Kivu y'Epfo yonyene bahunga ingo zabo baja kurondera umutekano.











