Urukundo kuri internet: Abakenyezi bariko baraheba ivy'amarangamutima bakarondera abagabo b''agaciro kanini'

    • Umwanditsi, Dalia Ventura
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC News Mundo
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 9

Umugabo ategerezwa kuba umuntu w'indero kandi yiyubaha. Umugore na we akwiye gukundwakazwa, akitabwaho. Umugore ategerezwa kwikora akigira mwiza, umugabo na we akariha ivya nkenerwa vyose vyakoreshejwe. Mu vy'urukundo, umugabo ni we afata iya mbere, umugore na we akagerageza gukora ibituma yipfuzwa, ibikwega umugabo. Kandi ntihakwiye kubaho imibonano mpuzabitsina hatabanje kuba ukwiyemeza ko mukundanye canke muzobana.

Izo ni impanuro abakenyezi benshi batahuye, haba kera igihe amategeko akomeye yagenga uburyo bwo kureshanya yari acubaharizwa, canke mu nyuma, n'ubwo hari impinduka zijanye no kwibohora kw'abagore hamwe n'izerekeye ubwisanzure mu vy'imibonano mpuzabitsina zakurikiye.

Nk'akarorero, igitabu "The Rules of Engagement" canditswe na Ellen Fein na Sherrie Schneider, casohotse mu 1995, carakunzwe cane kubera ko catanga impanuro ku kuntu umugore yoshobora gukwega umugabo yipfuza. Ico gitabo gihanura umugore kutigera aba uwa mbere mu kuvugisha canke guterefona uwo mugabo. Nta kuriha ivyakoreshejwe, nta no kumusoma mu buryo bugaragaza amarangamutima mu bihe vya mbere.

Yamara, ubu tugeze mu gihe ca internet… hamwe no guhinyura ukuri kw'ibintu bimwe bimwe. Ibintu vyose bigendera ku kurenza urugero, kandi bigatera bicika umururazi.

None haba hasigaye iki iyo impanuro za ba sokuru na ba nyokuru zirushijwe inguvu n'ivyiyumviro bicishwa ku bwinshi ku mbuga ngurukanabumenyi zikanavuguruzwa mu kivunga n'abakurikira izo mbuga?

Reka rero tuje kw'ijambo "fémosphère". Ni nk'ihuriro ry'imirwi n'imihari myinshi isa n'iyigize umuryango ugenda waguka w'aba 'influenceuses'(abakobwa n'abagore) batunganya ibiganiro, ibiyago, ama 'podcasts' ku mbuga zitandukanye, bagasabikanya impanuro zijanye n'ivy'urukundo. Ahanini, baganira ingene bokwirinda amarangamutika no gusubira kwihweza gushasha ibijanye n'urukundo bakavavanura n'ibintu bimwe bimwe.

Uwo muhari ukoresha imvugo ngereranyo: "kunywa ikinini c'ibara ry'umuyugubwe" ("prendre la pilule rose", mu rurimi rw'Igifaransa). Iyo mvugo isigura ko umuntu ahindura ingene yiyumvira. Ni imvugo yakuwe muri 'film' yitwa Matrix, ikoreshwa hafatiwe ku yindi mvugo: "kunywa ikinini gitukura" ("prendre la pilule rouge"), isobanura kwugurura amaso ukabona ukuri.

Uwo muhari w'aba 'influenceuses' ubona ko imibonano mpuzabitsina hagati y'umugabo n'umugore ihengamiye ku nyungu z'umugabo. Ku bwawo, umukenyezi akwiye kwiga kumenya no gutahura ingeso n'uburyo abagabo bitwara, akongereza urugero rw'ivyo asaba ku wo bazobana, kandi akirinda imigenderanire imugirako ingaruka mbi kurusha ivyiza imuzanira.

Iyo ngereranyo ikomoka muri film Matrix, yari isanzwe imaze kwigarurirwa n'icitwa "manosphère", umuhari w'imirwi y'abagabo bakorera ku mbuga ngurukanabumenyi na nyagiro bumva ko iterambere ry'abagore mu vy'uburenganzira ribageramiye kandi rishobora kubaka ububasha mvukanwa mu kibano.

Ku bwabo, "ikinini gitukura" gisobanura kugarura ubwenge no guhumuka kw'abagore n'abagabo "babona" amanyanga n'irementanya bikorerwa n'abagore mu guhenda abagabo bigatuma ikibano, uko gica cubakwa, giha inyungu nyinshi umugore kurusha umugabo.

Kubona rero abo mu muhari "fémosphère" bafata ayo majambo (pilule rouge) bakayaha insobanuro nshasha, si ikintu gishasha. Mu buryo bumwe, ni nk'inyishu ku nyifato n'imvugo zikaze ziva ku muhari w'abagabo ari wo "manosphère".

Ni co gituma, iyo wihweje neza izo mpande zibiri, uca ubona ningoga ko zifise aho zihuriye, ariko kandi zikagira n'aho zitandukaniye cane.

Itandukaniro rikomeye kuruta ayandi yose, nk'uko bivugwa na Dr Jilly Kay, ari na we yatoye ijambo "fémosphère", ni uko umuhari "fémosphère" udateza ubwoko bumwe bwo kubangamira ikibano canke bw'ihohotera rigaragara nk'ubwo umuhari w'abagabo "manosphère" uteza.

Yabwiye BBC Mundo ati: "N'ubwo hari imwe mu mihari ikoresha imikenyuro imwe imwe canke igasubiramwo amajambo amwe amwe, canke igacafuza abagabo nk'uko abagabo nabo nyene bacafuza abagore, ivyo ntibisobanura ko iyo mihari ingana canke isa."

Nk'uko uwo muhinga, wo muri Kaminuza ya Loughborough, yanonosoye ivy'imico n'itangazamakuru bifatiye ku ciyumviro c'uburinganire bw'abagore n'abagabo, abisigura, "manosphère" ni ukwongerekana n'ugukara kw'ihohotera abagabo bagirira abagore, ingorane ifise imizi miremire mu kibano.

Yongerako ati: "Ibisabwa mu kibano kugira umuhari 'fémosphère' nawo uteze ingorane n'ihohotera ku bagabo mu kivunga ntibirakwira."

Nk'uko Jilly Kay abivuga, icabaye ni uko imbuga ngurukanabumenyi na nyagiro zahaye abo bakenyezi akaryo ko gusabikanya n'abandi ivyo baciyemwo. Bamaze kubona ko ivyabashikiye bifitaniye isano rinini, bamwe muri bo bashitse ku ciyumviro c'uko "abagabo bose ari babi kandi bazokwama ukwo, kandi ko kubahindura biciye mu kibano canke mu vy'amarangamutima bidashoboka. Ni co gituma babonye ko bakwiye kuja hamwe bakaba umwe, bagakorera hamwe mu nteguro no mu bikorwa kugira barwanire inyungu zabo ata mpuhwe."

Ariko rero, Onyinyechi Ezeanowi, aharanira uburenganzira bw'abagore akaba n'umuhinga mu vya internet n'imbuga ngurukanabumenyi, ashimangira ati: "Nta kintu kingana na 'manosphère' ku ruhande rw'abakenyezi. Ntiturabona abakenyezi bariko bigisha abandi bakenyezi ingene bofata nabi abagabo canke ingene bobagirira ihohotera."

Mu kiganiro yahaye BBC Africa yagize ati: "Ico twigisha abakenyezi ni ukwigenga, kwirwanira no kurwanira uburenganzira bwabo hamwe n'ukungana."

N'ubwo Ezeanowi atemera ivyiyumviro vyinshi bishigikirwa n'abari muri 'fémosphère', aratahura intumbero. Na BBC Mundo nyene yaragerageje gutahura iyo ntumbero.

Ukuri kugoye kwemera

Nk'uko abemera iciyumviro c' "ikinini c'umuyugubwe" (pilule rose) babivuga, iyo umuntu akimize, ikintu ca mbere atahura ni uko, n'ubwo abakenyezi bamaze igihe kinini baharanira uburenganzira bwabo, isi iguma ikorera mu nyungu z'abagabo.

Imanga hagati y'imishahara n'amahera y'izabukuru y'abagabo n'abakenyezi iracari nini. Ni abakenyezi bake bashoboye gushika mu mabanga akomeye mu bisata bitandukanye. Kandi ubutungane na bwo ntiburatanga inyishu zibereye ku bibazo vy'ihohoterwa rikorerwa mu ngo, ifatwa ku nguvu, canke ubundi bwoko bw'ihohoterwa.

Vyongeye, nk'uko bamwe mu muhari "fémosphère" babibona, abagore b'abafeministe bo mu bihe vyaheze bahimiriza abakenyezi kwigenza nk'abagabo, kandi ivyo vyaruhiye kubagirira akamaro.

Nk'akarorero, bavuga ko imibonano mpuzabitsina y'igihe gito idafatiye ku mubano urama ari yo abagabo benshi baba bipfuza. Vyongeye, no mu buzima bw'abubatse, ibikorwa vyo mu rugo hamwe n'umuruho wo kwitwararika ivy'umuryango biracari ku bitugu vy'abakenyezi, mbere n'iyo baba bafise akazi kabaruhisha cane.

Nimba muri ayo majambo mwumvamwo ivyiyumviro bisa n'ivya 'féminisme' ya kera, ntimwihenze. Mu vy'ukuri, benshi mu bantu bazwi bo mu muhari 'fémosphère' bavuga ko ari abafeministe. Ariko uburyo babona ibintu hamwe n'ingingo bafata biratandukanye.

Jilly Kay agira ati: "Baranka iciyumviro c'uko abagabo n'abakenyezi bangana muri vyose, kuko babona ataco cabafashije, ari na ho havuye iciyumviro co kwemera ukuri uko kuri: Ni ukwikangura tukemanga ukwo kuri kubabaje."

Nimba uburinganire hagati y'abagabo n'abakenyezi ari indoto zidashobora gushikwako, "ikintu conyene gisigaye ni ukwemera iciyumviro ca kera kivuga ko abagabo n'abagore bafise ivyo bajejwe mu kibano bizwi neza kandi bitandukanye."

Nk'uko bimeze ku bagabo, uruhande rw'abagore rubona ko abagabo n'abakenyezi batandukanye, haba ku mubiri no ku bijanye n'inyifato n'ukuntu biyumvira. Ivyo, ku ncuro ya mbere, bifatwa n'abo ku ruhande rw'abagabo nk'ikimenyetso c'uko abakenyezi bari musi y'abagabo, mu gihe ku ruhande rw'abagore nabo babona ko ikibazo nyamukuru ari abagabo.

Ariko aho kugerageza kubihindura biciye muri poritike nk'uko vyahora bikorwa muri kahise, umuhari "fémosphère" wigisha abakenyezi ingene bokenyura kugira baronke akarusho ku giti cabo.

Iciyumviro cabo ni uko iyo umugore wese yishishikara kandi akirinda kwishira mu bihe bidashimishije canke bishobora kumugirira nabi, amaherezo ibintu bizohinduka, kuko abagabo bafise inyifato mbi batazosubira kuronka abo bakoresha nabi canke abo bagirira nabi.

Aho ni ho duhurira n'imwe mu mvugo n'amazina menshi umuntu ategerezwa gutahura kugira ngo ashobore kwinjira no gutembera muri iyi si, ikorera cane cane ku mbuga ngurukanabumenyi, ariko kandi ikigaragariza no mu bitabu.

Amajambo, amajambo, amajambo

Ni ngirakamaro gutomora ko urwego rw'abaharanira uburenganzira n'agaciro k'umugore ari ahantu harimwo imirwi itandukanye. Ni ukuvuga ko imiryango yose yiyumvamwo umu 'influenceuse' runaka, canke iyikurikira amahuriro nk'ama 'podcast' yitwa Female Dating Strategy, ica yishushanya n'ivyo ikurikira. Ni ukuvuga ko idakurikira inzira imwe.

Kugira umuntu ashobore kubitahura neza, ni vyiza ko amenya imvugo zimwe zimwe zimaze kumenyekana cane muri iyo mirwi ku buryo bitaba bigikenewe no gusigura cane.

Muri iyo mihari y'abaharanira uburenganzira bw'abagore, abagore bahamagarirwa kuba abantu beza kuruta uko bari, biciye mu kugira imyimenyerezo ngororamubiri, kwiga, kwitaho uko basa, no kurengera ibikomere vyo mu mutima.

Barigishwa kandi kwigenga no kwibako mu kutareka ubuzima bwabo ngo buzunguruke ku marangamutima y'urukundo bogiriranira n'umugabo.

Aha, intumbero ni ukuba icitwa MAV (Femme de Grande Valeur - umugore w'agaciro kanini), ivyo bikaba bishika iyo umugore aretse kubona ko iterambere ryiwe ari nk'impano aha isi, ahubwo akabibona nk'itunga ridasanzwe rifise agaciro ku rugero rungana n'urw'abagabo.

Ariko, iyo umugore, n'ubwo yoba amaze gutera imbere biciye mu bikorwa vy'amaboko yiwe, aciye abandanya yemera duke ahabwa biciye mu rukundo afitaniye n'umugabo, canke akaguma arondera gukundwa, araheza agafatwa nk'umukobwa w' "ikitazi" canke "umukobwa yoroshe kuresha".

Rero, umugore w'agaciro kanini (MAV) ni umugore, inyuma yo gusuzuma neza kandi ata marangamutima ico ari, aheza akamenya agaciro kiwe gurtyo ntabe agikangwa n'abamuresha.

Abo bagore b'agaciro kanini (MAV) barondera abagabo b'agaciro kanini (HAV).

Umugabo bipfuza, hisunzwe ingene babona ibintu, ni uwufasha mu vy'ubutunzi, afise ubushobozi bwo kwitunga, akuze mu vyiyumviro, yubaha abandi, umwizigirwa, akingira uwo bakundana kandi agira ubuntu.

Igihushane c'uwo, ni umugabo w'ingumyi canke atifise mu vy'ubutunzi, adatekanye ku mutima no mu vy'inyifato, ntanagire umutima wo gukingira no kwitwararika umugore; ntaco aba yimarite ariko agashaka kwitabwaho ata kintu na kimwe atanga mu gusubiza.

Amategeko yo gukurikiza

Akenshi baranegurwa mu buryo butandukanye, nk'akarorero hafatiwe ku co bakunda kuvuga ngo « abagabo bose ni bamwe. »

Inyishu yabo igira iti:

« Ego ni ko, turazi ko abagabo bose batameze kumwe. Ariko none, hamwe nk'ubu, noguha akamwanya kuzuye imbombo nkakubwira ko 10% vyazo zirimwo uburozi… wozisuzuma zose witonze cane imbere yo kuzifungura, si vyo? »

Ivyo ni vyo bahanura abantu gukora, ata kwihanganira amakosa.

Ibipimo mfatirwako vyabo ntibiganirwako kandi ntibihinduka: MAV (Umugore w'agaciro kanini) ntaharira amakosa.

Iyo umugabo asavye ko bahurira ubwa mbere ahantu hatazimvye (nk'ugutembera canke gusangira ikawa) canke agasaba ko bacamwo kubiri, ku rugero rungana, amafaranga arihwa, baca bamwiyamiriza ubwo nyene.

Kubera iki umugabo ari we akwiye kuriha?

Impamvu batanga ni uko kenshi abagabo ari bo baba bafise ubushobozi bwo kugura ibintu buruta ubw'abagore, gushika no ku guharura amafaranga umugore akoresha mu kwisiga, ay'impuzu, mu gutunganya imishatsi kugira yitegure ukwo guhura.

Kwirinda kwiyumvamwo cane umuntu no kwigumya biri mu birwanisho vyabo: ntibakoreshwa no gushaka kwemerwa n'abandi canke kubera gutinya kuba bonyene.

Iyo umugabo agabanije utwigoro twiwe canke akagaragaza inyifato iteye amakenga, umugore w'agaciro kanini aca abivamwo ata kurinda kwinginga, ata nsiguro ata no gukorora amasozi.

Kandi nta vyo kurwa mu rukundo canke guhendwa.

Hagati yo gucika intege no kwemera uko ibintu bimeze

Ubushobozi bwo kuba, ica rimwe, ikintu kimwe n'ikindi bisa nk'aho ari ikiranga uwo muhari w'abagore.

Iyo dutangajwe n'amajambo akaze kandi atagira isoni bakoresha mu kuvuga ivy'urukundo, baba bavuze ikintu kidukora ku mutima. Iyo bavuze abagabo nk'ibintu bifise agaciro ko kw'isoko, dusanga na bo nyene bariko basaba guhabwa agaciro no kwubahwa.

Bashobora kutwigizayo mu kutwiyamiriza, ariko kandi bashobora no kudutwenza cane.

Ku bwa Kay, umuhari "fémosphère" wishura ku bintu vy'ukuri: ibijanye n'uguhura kw'abagabo n'abagore kugira bareshanye, abo bagore babona ko bigoye cane kuri bo, kubera ugukwiragizwa cane kw'amashusho y'ibiterasoni asuzugura abagore, imbuga zo kurondera abakunzi - zigaragaza uruhande rubi rwa kiremwa muntu - hamwe n'iterabwoba ryamaho ry'ihohotera rishingiye ku vyigitsina.

Ariko ingorane nyamukuru, Kay ashimikako, iri mu buryo ico kibazo gishirwamwo ahabona:

« Gufata ku nguvu n'ihohotera rishingiye ku gitsina kenshi bibonwa nk'inyifato abagabo bamwe bamwe baba baravukanye […] ni co gituma ata kindi umuntu ashobora kubikorako atari kwirinda abo bagabo babi, kuko bazokwamaho. »

Avuga ko, muri ico gihe, ata kibanza co kwiyumvira ko ikibano gishobora guhinduka kiba gisigaye; ihohotera rigahinduka ikintu gisa na mvukanwa, kidashobora kwirindwa.

Kay yongerako ati:

« Fémosphère ni uruvange rutangaje kandi rugoye rw'ivyiyumviro vy'uburenganzira bw'abagore, bigoye kwiyamiriza, ariko rugatanga inyishu zisa n'izisubiza inyuma ku kibazo. »

"Birazimiza, iri ni ryo jambo, ku bwanje, ribisobanura neza".

Ico Kay anegura, yamara, "ni iciyumviro gishingiye ku kuri, ariko amaherezo kikaba iciyumviro kirangwa no kwemera ko ata gihinduka. Ni iciyumviro kivuga ko dukwiye kureka politike no guheberana ibijanye no guteza imbere ikibano. »

Kandi atinya ko ivyo ari vyo abakobwa bakiri bato batanguye gutahura ku bijanye n'uburenganzira bw'abagore.

Ashimangira ko hariho n'iyindi mirwi idashigikiye ic'uko abagabo n'abagore bazokwama bari mu ntambara hagati yabo, kandi ko ata kintu na kimwe gishobora guhinduka.

Ariko asozera agira ati:

« Hari ikintu kiri mu mbuga ngurukanabumenyi gituma batwarwa canke bagahindurwa, vyoroshe, n'ivyiyumviro bihacishwa. »

Kandi aho ni ho umuhari 'fémosphère' uguma: hagati y'indinganizo y'ukwiteza imbere kw'umuntu ku giti ciwe no kubandanya urugamba, ariko mu mutima hakaguma hari ukurindira guhura n'uw'agaciro akwiye guhabwa urukundo, mugashobora kubana neza kandi muhimbawe ubuzima bwose.