Ibihugu icenda vya Buraya vyemeranije gushingira hamwe na Ukraine urunani rwo kwivuna misire za 'ballistique'
Ibihugu icenda vya Buraya aho vyari vyahuriye i Paris mu nama na Ukraine, vyaraye vyemeranije gushinga urunani rwo kwikingira ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa ballistique.
Nk'uko vyatangajwe n’ibiro vy’Umukuru w’Igihugu c’Ubufaransa Emmanuel Macron, Danemark, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuholandi, Norvege, Espagne, Suwede n’Ubwongereza vyemeranije gushingira hamwe na Ukraine urwo runani rusangi.
Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu c’Ubufaransa vyavuze ko ivyo bihugu vyemera ko akaga gaturuka kuri izo misire kariko kariyongera, ko rero biriko birashinga urwo runani rw’ukwivuna kugira ngo ruteze imbere uburyo buhanitse bwo guhangana nazo.
“Twemera ko hakenewe inyishu rusangi kugira ngo Uburaya bukingirwe neza – uburyo rusangi bwo gukinga no guhangana n’akaga ka misire gashobora kuzoba muri kazoza, buzotegurirwa hamwe, bushingiye ku gusangira ubuhinga no ku gufashanya mu bijanye n’amahinguriro”, ni ko ibi bihugu cumi bivuga mw’itangazo.
Iri tangazo rivuga kandi ko bazokwigira ku buhinga bwihariye bwa Ukraine, yakuye mu burambe imaze kugira mu ntambara n’Uburusiya.
Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) imaze igihe igendera kuri misire zo mu bwoko bwa Patriot z’Abanyamerika mu kwivuna ibisasu vya ballistique vy’Uburusiya, ariko izi misire zakeshe.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yashitse i Paris ku wa mbere afise intumbero yo kwihutisha ugufashanya n’ibihugu vya Buraya mu gutsimbataza uburyo bwa Ukraine bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere imbere y’igihe c’urushana, igihe c’umwaka Uburusiya busanzwe bwongereza cane ibitero vyabwo kugira ngo Abanya-Ukraine babure umuyagankuba, uburyo bwo gushusha amazu, hamwe n’amazi.
Yasavye abakuru b’ibihugu bitari bike vya Buraya kuja hamwe mu gutegura ingamba zo guhangana n’ibitero vya misire vy’Uburusiya vyasinzikaje cane Ukraine kandi vyatumye n’ibindi bihugu vya Buraya bigira amakenga ku migambi yagutse ya Moscou (ubutegetsi bw’Uburusiya) kuri uwo mugabane.