Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Gaza: Hamas yemeye gusubiza ibirwanisho mu mugambi w’amahoro wa Trump, ariko Israel ntaco irabivugako

Inyuma y'amezi atari make y'ibiganiro, umuhari Hamas watangaje ko wemeye gusubiza burundu ibirwanisho vyose muri Gaza, mu mugambi w’amahoro wa Trump, uzwi nka Board of Peace (Inama y'Amahoro).

Incamake

  • Inyuma y'amezi atari make y'ibiganiro, umuhari Hamas muri Gaza watangaje ko wemeye gusubiza burundu ibirwanisho vyose, mu mugambi w'amahoro wa Trump, uzwi nka Board of Peace (Inama y'Amahoro).
  • Amashirahamwe 55 ajejwe umupira w'amaguru i Buraya agize UEFA yatoye yemeza ingingo yo kwanka kwitaba Inkino z'igikombe c'Isi mu gihe FIFA yobandanya umugambi wo kugurisha imitahe mu mahiganwa yayo ku banyamitahe bigenga.

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira

  1. MONUSCO yemeza ko hari abantu 39 bari batahukanywe mu Rwanda basubijwe muri RD Congo

    Ubutumwa bw’amahoro bwa ONU muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (MONUSCO) bumenyesha ko ku wa 29 Mukakaro (7) 2026, abategetsi b'u Rwanda basubije muri Congo abantu 39 bari barasubijwe mu Rwanda, biciye mu mugambi wo kwaka ibirwanisho, guhungura, gusubiza mu buzima busanzwe no gusubiza mu vyabo (DDRRR) abari mu mirwi yitwaje ibirwanisho.

    Mw’itangazo yasohoye ejo ku wa kane, MONUSCO yemeza ko itari ihari igihe abo bantu basubizwa muri RD Congo kandi ko ata ruhara na rumwe yagize muri ico gikorwa.

    MONUSCO ntisigura ingene n’igihe yari yasubije mu Rwanda aba bantu, ariko imenyesha ko imbere yo guhungura abantu mu Rwanda, ibanza gukora igenzura ryimbitse ku ngero zitandukanye kugira ngo umuntu yemezwe ko akwije ibisabwa kugira ngo aje ku rutonde rw’abasubizwa mu Rwanda.

    “Abakozweko umwihwezo bagasanga barakwije ibisabwa ni bo bonyene bashirwa ku rutonde rw'abategerezwa gusubizwa mu gihugu cabo, uru na rwo rugaca rushikirizwa umurwi w’Urwanda ujejwe gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ari abarwanyi (RDRC) kugira ngo irwige yongere irwemeze ubwa nyuma imbere y'uko abo bantu bahaguruka bava muri RDC”, ni ko iri tangazo rivuga.

    Imvo zatumye basubizwa muri Congo ntizishirwa ahabona, ariko amakuru avuga ko abategetsi b'Urwanda basanze abo bantu atari Abanyarwanda, ko ahubwo basanze ari Abanyecongo.

    BBC Gahuzamiryango yabajije umuvugizi wa reta y’Urwanda imvo zatumye basubizwa muri Congo, ariko ntarashobora kwishura.

  2. Uefa ishobora kwanka kwitaba inkino z’Igikombe c'Isi ari nka hamwe integuro za FIFA zokwemezwa

    Amashirahamwe 55 ajejwe umupira w'amaguru i Buraya agize Uefa yatoye yemeza ingingo yo kwanka kwitaba Inkino z’igikombe c’Isi mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru, FIFA, ryobandanya umugambi wo kugurisha imitahe mu mahiganwa yaryo ku banyamitahe bigenga.

    Iyo ngingo yafatiwe mu nama yihutirwa yari yatumweko kugira ngo baganire kuri uno mugambi watangajwe na FIFA muri iyi ndwi.

    Concacaf, ishirahamwe rijejwe umupira w'amaguru muri Amerika y’uburaruko no hagati ari na ryo ryarakiriye ihiganwa ry’Igikombe c’Isi ry’uno mwaka, ryatangaje ko amashirahamwe 41 arigize “yanse” uwo mugambi washikirijwe n’umukuru wa Fifa, Gianni Infantino, inyuma y'inama yabaye ku wa kane.

    Hari n’amakuru avuga ko ibihugu biri muri Concacaf biriko biratakaza icizere vyari bifitiye Gianni Infantino.

    Uefa yari yamaze kwiyamiriza uno mugambi ibicishije mu matangazo abiri akomeye cane yanegura iyo ngingo, kandi yasubiye no kubishimangira cane.

    Ejo ku wa kane, Uefa yagize iti: "Igikombe c’Isi ntigishobora gufatwa k’urudandazwa rwo gushoramwo imitahe.

    “Ni kimwe mu bintu vyiza vyamye biranga umupira w'amaguru. Cubatswe mu bihe bitandukanye n'abakinyi, imirwi nserukirabihugu hamwe n'abakunzi b'umupira w’amaguru ku migabane yose. Nta ruhande na rumwe rushobora kugurishwa ku banyamitahe bigenga. Igikombe c’Isi si ico kugurishwa”.

    Iyo ngingo ya Uefa yo kwanka kwitaba amahiganwa yose Fifa, harimwo amahiganwa y’Igikombe c’Isi ku ruhande rw’abagabo no ku ruhande rw’abagore, hamwe n'Igikombe c'Isi c'imirwi y’umupira w’amaguru, kandi ikazoja mu ngiro mu gihe imigambi ya Gianni Infantino yoba yemejwe n'amashirahamwe ahurikiye muri Fifa.

    Igipimo ca mbere kizoba muri Gitugutu (10), mu gihe co gukuranamwo mu nkino zo kurondera itike y’igikombe c’Isi ku ruhande rw’abagore.

    Biravugwa ko umukuru w'Ishirahamwe ry'Umupira w'Amaguru mu Bwongereza (FA), Debbie Hewitt, hamwe n'umuyobozi nshingwabikorwa waryo Mark Bullingham, bari mu bashikirije amajambo muri iyo nama ya Uefa yaranzwe n’ishavu n'uburakari kubera ukuntu benshi baterekwa uwo mugambi.

    Naho Debbie Hewitt ari umwe mu vyegera umunani vy’umukuru wa FIFA, nta makuru yari afise ku biganiro Gianni Infantino yari amaze igihe agirisha ku bijanye n'uwo mugambi.

  3. Gaza: Hamas ivuga ko yemeye gusubiza ibirwanisho mu mugambi w’amahoro wa Trump, ariko Israel ntaco irabivugako

    Inyuma y'amezi atari make y'ibiganiro, umuhari Hamas muri Gaza watangaje ko wemeye gusubiza burundu ibirwanisho vyose, mu mugambi w’amahoro wa Trump, uzwi nka Board of Peace (Inama y'Amahoro).

    Perezida Trump yavuze ko ayo masezerano ari ay'akataraboneka kandi ko ari intambwe ihambaye cane iganisha kw’ishingwa ry’ubutegetsi bushasha bwa Palestina muri Gaza.

    Mu butumwa yacishije ku rubuga nyagiro rwiwe, Truth Social, Trump yagize ati: "Iyi ni intambwe ihambaye cane mu gushira mu ngiro Umugambi wa Trump ugizwe n'Ingingo 20. Aya masezerano azoshirwa mu ngiro mu bwitonzi kandi mu mice yateguwe.

    “Mu gihe igikorwa co gushira hasi ibirwanisho kizoba kirangiye, ingabo za Israel zizoca ziva muri Gaza, hanyuma Ingabo Mpuzamakungu zo Gutsimbataza Umutekano zizoc zikorana n'igipolisi gishasha ca Palestina kugira ngo zifate mu minwe umutekano wa Gaza ku bayibamwo no ku babanyi bayo”.

    Umutegetsi umwe wo hejuru wa Hamas yabwiye BBC ko uwo muhari wemeye umugambi wo gusubiza burundu ibirwanisho muri Gaza, kandi ko vuba hagiye itangazo ku mugaragaro.

    Yongeye ashimira Misiri, Qatar na Turukiya ku ruhara vyagize mu guhuza impande.

    Umunyamakuru wa BBC akorera i Cairo mu Misiri avuga ko uwo mugambi utegekanya kugira urutonde no kubika ibirwanisho biremereye vya Hamas bisigaye, bikagenzurwa n'abategetsi ba Palestina.

    Kugeza ubu, Israel ntiragira ico ibivugako, ariko Perezida Trump yavuze ko ingabo za Israel zizova muri Gaza igihe igikorwa co kwaka ibirwanisho Hamas n'iyindi mirwi yose yitwaje ibirwanisho kizoba kirangiye.

    Gusa, imbere y'uko ayo masezerano ashikwako, umwe mu bategetsi ba Israel yari yavuze ko uwo mugambi utari bwashitse ibisabwa na Israel.

    Iyi ntambara hagati ya Israel na Hamas yatanguye ku wa 7 Gitugutu (10) 2023, igihe abarwanyi b'uno muhari w'Abanyapalestina binjira muri Israel, mu gitero gikomeye cabaye giturumbuka, bica abantu bababa 1200, bongera banyuruza abandi bababa 250.

    Kuva ico gihe, Israel yaciye itera akarere ka Gaza ubu gasigaye karangwamwo ibihomoka gusa.

    Twibukanye bimwe bimwe kuri iki gitero ca Hamas catejeiyi ntambara:

  4. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.