Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Ku nshuro ya mbere Amerika yemeje ko yohereje intwaro mu isanzure

Minisitiri w'ingabo zirwanira mu kirere w'Amerika yavuze ko intwaro "ikorera mu kirere" ari ngombwa mu kurinda Amerika igikorwa cy'umwanzi.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Didier Bikorimana

  1. Aha niho dusoreje aya makuru y'ikibiriraho y'uyu munsi. Wakoze kubana natwe n'ahejo.

  2. RD Congo: Abatavuga rumwe na reta biyerekanye biyamiriza ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro

    Abagize urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na reta biyerekanye i Kinshasa, biyamiriza umugambi uwo ari wo wose wo guhindura ibwirizwa nshingiro rya Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

    Basaba ko integuro y’itegeko rigenga kamarampaka, ryasubijwe mu Nama Nshingamateka kugira risomwe ubugira kabiri, rikurwa mu nzira. Bagabisha ko badashigikiye ingingo iyo ari yo yose yoshobora gutuma ikiringo ca perezida kirenza ibiringo bibiri bisanzwe vyemewe.

    Iyo myiyerekano yari yatunganijwe mu gihugu cose. Ariko i Kinshasa, umugambi wo gukoranira no kuguma imbere y’ingoro y’Inama Nshingamateka warahagaritswe kugira ntuhungabanye iyugururwa ry’isasa rya Nyakanga (9). Mu zindi ntara, abategetsi barabujije amakoraniro n’imyiyerekano.

    Abatavuga rumwe na reta bavuga kandi ko ibiganiro birimwo impande zose ari vyo vyonyene vyogarukana amahoro mu buseruko bwa DR Congo.

    Mu mpera z’indwi iheze, Perezida Félix Tshisekedi yatangaje umugwi utegura ivyo biganiro. Ariko urwo runani rwarawiyamirije, ruvuga ko utashingiye ku gushiramwo bose.

    Tshisekedi yavuze ko yosubira kwitoza ari uko Abanyekongo babanje kuvyemeza muri kamarampaka. Abiyerekana bo bavuga ko ibwirizwa nshingiro ryemerera perezida ikiringo c’imyaka itanu, gishobora gusubirwamwo rimwe gusa.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. PAM: Kubura amafaranga bishobora gutuma tugabanya imfashanyo muri Sudan

    Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibifungurwa, PAM, rigabisha ko rishobora kurushiriza kugabanya imfashanyo ritanga muri Sudan mu ndwi ziri imbere, mu gihe ritoronka ayandi mafaranga.

    PAM ivuga ko abantu barenga imiliyoni 20 bugarijwe n’inzara ikomeye, mu gihe abandi bashika imiliyoni 14 bateshejwe izabo n’intambara.

    Umuyobozi wa PAM, Carl Skau, aherutse kuva muri Sudan, avuga ko yiboneye ingaruka zikomeye z’intambara.

    I El Fasher, umurwa mukuru wa Darfur y’Uburaruko, Skau yavuze ko igisagara casambutse cane inyuma y’amezi 18 y’imirwano hagati y’igisirikare ca Sudan n’umuhari witwara gisirikare wa RSF. Abantu bashika 200.000 baho bugarijwe n’inzara iri ku rugero rukomeye cane.

    I Tawila, aho benshi bahungiye inyuma y’ifatwa rya El Fasher, igitigiri c’abateshejwe izabo cegereye umuriyoni umwe.

    Ariko kubera ubukene bw’amafaranga, PAM ivuga ko ubu itanga inusu y’imfashanyo ikenewe.

    Intambara iriko irakomera kandi muri Kordofan, mu gihe uruzuba rubangamiye uburimyi muri Darfur. PAM ivuga ko ako karere katari bwigere kuma nk’uko bimeze ubu mu myaka 40 iheze.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. IRGC: Ubwato butwara igitoro bwaciye ku gisasu co mu mazi hafi ya Hormuz

    Igisirikare kirwanira mu mazi ca IRGC kivuga ko ubwato bunini butwara ibitoro bwitwa Algaya bwagonze ibisasu vyatezwe mu mazi mu nzira yo mu bumanuko bw’umuhora wa Hormuz, buca bufatwa n’umuriro.

    Mw’itangazo IRGC yasohoye, yavuze ko utwigoro two kuzimya uwo muriro tutashoboye kugira ico dushikako, bituma ubwato bwose busha.

    Irani ivuga ko guca muri iyo nzira yo mu bumanuko, Oman ivuga ko iri mu mazi yayo na Amerika ikavuga ko iyikingira, biteye akaga kandi binyuranye n’amategeko.

    IRGC yongeye gushimangira ko umuhora wa Hormuz “ugipfunzwe”.

    Ariko ubuserukizi bukuru bw'igisirikare ca Amerika muri ako karere, CENTCOM, yahakanye ivyatangajwe na IRGC. Yavuze ko inkuru y’uko ubwo bwato bwagonze igisasu co mu mazi hanyuma bugasha ari “ikinyoma”.

    Kugeza ubu, BBC ntirashobora kwemeza ukw’ukuri kw’ivyo impande zompi zivuga.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Kenya yatsindiye kuzokwakira amahiganwa y’isi yo kunonora imitsi mu 2029

    Kenya yatsindiye uburenganzira bwo kwakira amahiganwa y’isi yo kunonora imitsi, World Athletics Championships, azoba mu 2029, yarushije ibisagara vya vya Londres na Rome.

    Iyo ngingo ituma Kenya iba igihugu ca mbere muri Afrika kizokwakira ayo mahiganwa y’abakuze, naho uwo mugabane umaze igihe kirekire uronka abanonotsi rurangiranwa kw’isi.

    Umukuru wa World Athletics, Sebastian Coe, yavuze ko umugambi wa Nairobi wo kwakira ayo mahiganwa wari ukomeye kandi wabakoze ku mutima.

    Kuba Kenya ifise kahise gakomeye mu nkino zo kunonora imitsi vyarafashije mu gutorwa kwayo. Eliud Kipchoge, yatsindiye incuro zibiri umudari w’inzahabu mu gusiganwa marathon mu mahiganwa ya Olempike, ari mu bamenyesheje ivyiza vyo guha Nairobi ayo mahiganwa.

    Kenya yavuze kandi ko imaze kumenyera kwakira amahiganwa mpuzamakungu, harimwo ay’isi yo gusiganwa mu gahinga yabereye i Mombasa n’ay’abatarenza imyaka 18 na 20 yabereye i Nairobi.

    Perezida William Ruto yavuze ko iyo ntsinzi ari “akaryo ka Kenya n’aka Afrika”, asezerana ko igihugu ciwe kizotegura amahiganwa atazokwigera yibagirwa.

    Nairobi yari yasavye kwakira amahiganwa yo mu 2025, ariko itsindwa na Tokyo. Kenya ivuga ko ubu iriko irasanura ibibuga vyayo. Munich yo mu Budagi ni yo izokwakira aamahiganwa yo mu 2031.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Ubushinwa bwanenze igitekerezo cyuko buri mu 'irushanwa rigamije ikibi' ry'ubwenge buhangano

    Ubushinwa bwanenze bikomeye icyo bwise “imvugo z’igikangisho” zijyanye n’imiyoborere y’ubwenge buhangano (AI), ndetse bwaburiwe ku kwirinda “kujya mu ihangana no mu irushanwa rigamije ikibi”.

    Ibi bikurikiye ibyatangajwe na Dario Amodei, umuyobozi nshingwabikorwa w’ikigo Anthropic cya AI, wasabye ko hagabanywa umuvuduko mu ikorwa rya AI – ariko mu buryo bubuza Ubushinwa kujya imbere mu ihatana ryo mu rwego rwa AI.

    Mu cyumweru gishize, abazi ibibera imbere mu bigo bikomeye byo muri Amerika by’ubushakashatsi bwo muri AI baburiye mu magambo akarishye cyane ku nkeke AI iteje, bamwe muri bo bavuga ko ishobora guhanagura inyokomuntu ku isi.

    Ariko Perezida w’Amerika Donald Trump yavuze ko icyo ashyize imbere ari ugutuma Amerika ikora iryo koranabuhanga mu buryo bwihuse cyane kurusha Ubushinwa.

    Ku wa mbere, umuvugizi wa minisiteri y’ububanyi n’amahanga y’Ubushinwa Guo Jiakun yabwiye abanyamakuru ko “imvugo z’igikangisho, ihangana, n’irushanwa rigamije ikibi icyo [ibyo] bikora cyonyine ni uguhungabanya igikorwa cy’imiyoborere ya AI ku rwego rw’isi kandi nta muntu n’umwe ubyungukiramo”.

    Yongeyeho ati: “Impande zose zikwiye gukorera hamwe mu guteza imbere AI mu buryo bunyuze mu mucyo, budaheza, bwungukira bose, kandi buganisha ku [kintu] cyiza.”

    Ayo magambo ye agaragaza ingorane ziriho ku kuba habaho kumvikana hagati y’ibyo bihugu bya mbere bikataje cyane ku isi muri AI.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Indege z'intambara za OTAN zahanuye 'drone' yinjiye mu kirere cya Lithuania

    Perezida wa Lithuania yavuze ko abapilote b’indege z’intambara bo mu muryango wo gutabarana w’Uburayi n’Amerika (OTAN/NATO) mu ijoro ryacyeye bahanuye indege nto y’intambara itajyamo umupilote (izwi nka ‘drone’) yinjiye mu kirere cya Lithuania.

    Abategetsi bavuze ko iyo ‘drone’ ishobora kuba yinjiye mu majyepfo ya Lithuania, hafi y’umujyi wa kabiri ukomeye muri icyo gihugu wa Kaunas, ivuye mu gihugu cya Belarus gihana imbibi na Lithuania, nyuma gato ya saa sita z’ijoro ku wa kabiri.

    Perezida wa Lithuania Gitanas Nausėda yanditse itangazo ku rubuga nkoranyambaga rwa X agira ati: “Drone yinjiye mu kirere cya Lithuania yashenywe n’indege z’intambara za NATO.”

    Umuvugizi w’ikigo cya Lithuania cyo guhangana n’amakuba yavuze ko aho iyo ‘drone’ yaturutse hataramenyekana.

    Mbere yaho ku wa kabiri, impuruza zo kuburira ko hagiye kuza ‘drone’ zavugijwe hirya no hino mu murwa mukuru Vilnius wa Lithuania no mu karere kawukikije.

    Nyuma gato ya saa sita z’ijoro ku isaha yaho – ni ukuvuga nyuma gato ya saa tanu z’ijoro (23:00) zo ku wa mbere ku isaha yo mu Rwanda no mu Burundi – ubutumwa bw’impuruza bwoherejwe kuri telefone z’abo muri ako karere, baburirwa ko hashobora kuza ‘drone’ ndetse busaba abahatuye “gushaka ahantu hatekanye” ho kwikinga no “gutegereza ubutumwa bwuko ibintu byose byasubiye mu buryo”.

    Minisiteri y’ingabo ya Lithuania yavuze ko ingabo z’icyo gihugu hamwe n’abapilote b’Abataliyani bo mu butumwa bwa OTAN bwo kurinda ikirere “bagaragaje igisubizo cyihuse kandi gishyize mu gaciro” kuri icyo gitero cya ‘drone’.

    Ubutumwa Perezida Nausėda yatangaje ku mbuga nkoranyambaga bwongeyeho buti: “Mu gihe Uburusiya burimo gukaza umurego mu bushotoranyi bwabwo kuri Ukraine, guhora twiteguye nk’uku ni ingenzi cyane ku karere kacu. Hamwe n’Inshuti zacu zo muri NATO, Lithuania izarinda ikirere cyayo.” Lithuania ni umunyamuryango wa OTAN.

    Nta cyo Uburusiya bwatangaje ku byabaye.

    Igice kinini cy’umupaka wa Lithuania wo mu majyepfo no mu burasirazuba gikora kuri Belarus, iyi ikaba ari inshuti ikomeye y’Uburusiya.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. Umukire wa mbere muri Afurika yashyize ku isoko imigabane ya mbere myinshi muri Afurika

    Umunya-Nigeria Aliko Dangote utunze za miliyari z'amadolari y'Amerika yatangije igurisha ry'imigabane rya mbere rinini cyane muri Afurika ryo gutuma abaturage bagira umugabane mu ruganda rwe rutunganya ibikomoka kuri peteroli, mu gikorwa gishobora kubonekamo agera kuri miliyari 2.1 z'amadolari y'Amerika.

    Igurisha ry'imigabane rya mbere (rizwi nka 'initial public offering', IPO) rifite agaciro kagera hafi kuri 3% by'agaciro k'uruganda rwe 'Dangote Refinery' rutunganya ibikomoka kuri peteroli, uwo muherwe akaba avuga ko ashaka guha Abanya-Nigeria basanzwe amahirwe yo kugira icyo bungukira ku byo urwo ruganda rwagezeho.

    Inkuru irambuye hano

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Ku nshuro ya mbere Amerika yemeje ko yohereje intwaro mu isanzure

    Amerika yemeje ko yohereje intwaro mu kirere, bukaba bubaye ubwa mbere yemeye ko ifite ubwo bushobozi njya rugamba.

    Minisitiri w’ingabo zirwanira mu kirere w’Amerika Troy Meink yavuze ko intwaro “ikorera mu kirere” ari ngombwa mu kurinda ingabo z’Amerika igikorwa cy’umwanzi.

    Ku wa mbere, ubwo yavugiraga mu nama yiga ku kirere, isanzure no ku mutekano wo kuri murandasi (internet), Meink yavuze ko Amerika yiteguye “inkeke zigenda zihindagurika” ariko nta makuru arambuye yatanze ku bushobozi bw’iyo ntwaro cyangwa ku gihe yashyiriwe mu isanzure (mu kirere).

    Mbere, abategetsi bo ku rwego rwo hejuru bo mu ngabo z’Amerika bavuze ko bateganya kongera ubushobozi bwa gisirikare bwo mu isanzure, bakomoza ku kuba Uburusiya n’Ubushinwa birimo gukora uburyo bwo kugaba ibitero no guhungabanya ibyogajuru by’Amerika mu ntambara yabaho mu gihe kiri imbere.

    Ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump bwavuze ko ubushobozi bwa gisirikare bwo mu isanzure – na misile zo gusama ibisasu – ari ingenzi cyane muri gahunda y’ubwirinzi buhebuje bw’ikirere buteganyijwe buzwi nka ‘Golden Dome’, bwo kurinda Amerika ibisasu bya misile n’izindi nkeke zo mu kirere.

    Amasezerano yo mu mwaka wa 1967 yabujije gushyira mu kirere intwaro zirimbura imbaga. Kuva icyo gihe, ibihugu bikomeye birimo Amerika, Uburusiya n’Ubushinwa byakomeje kwiga ku bundi buryo bwo kugira ubushobozi bwa gisirikare butarebwa n’ayo masezerano, no kwibasira ibyogajuru by’igihugu bahanganye – ibyo byogajuru bikaba ari ingenzi cyane mu itumanaho rya gisirikare, mu kuneka no mu ngendo.

    Mu mwaka ushize, Perezida Trump yasohoye itegeko-teka risobanura umurimo w’ingabo z’Amerika zo mu isanzure, atari gusa mu kurinda imitungo y’Amerika, ahubwo nanone nk’umutwe njya rugamba.

    Ingabo z’Amerika zo mu isanzure – ishami rishya cyane ryo mu ngabo z’Amerika mu myaka irenga 70 ishize – zatangijwe mu mwaka wa 2019 nk’uburyo bwo kurinda imitungo y’Amerika yo mu isanzure, irimo ibyogajuru bibarirwa mu magana bikoreshwa mu itumanaho no mu butasi.

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.