Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Imvo n'Imvano ku ngorane ziri mu gisata c'indero
Ikaze mu kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 ukwezi kw'icenda mu 2026.
Uyu musi turabira hamwe ingorane ziri mu gisata c'indero mu Burundi n'ingene reta iriko irazironderera inyishu.
Mu gihe mu ntango z'iyi ndwi ari ho umwaka mushasha w'ishure mu mashure y'intango n'ayisimbuye watangura, muri ico gisata havugwa ibibazo vyinshi harimwo ubumenyi ku banyeshure bwagabanutse, abarimu badakwiye, umurengera w'abana mw'isomero rimwe, n'ibura ry'intebe n'ibitabo haba ku banyeshure no ku barimu.
Indinganizo y'ivyigwa izwi nka Ecole Fondamentale imaze imyaka irenga 13 ikoreshwa mu mashure, iri mu vyasubije inyuma ubumenyi.
Reta ibi vyose iremera ko ari ko bimeze, ikavuga ko iri mu nzira yo kubitorera inyishu buhoro buhoro.
Ikibazo cerekeye abigisha nticoroshe. Ubushikiranganji bw'indero buvuga ko muri uyu mwaka w'ishure bukeneye abarimu barenga ibihumbi cumi, ariko ko bwahawe uburyo bwo guha akazi igice c'abakenewe gusa.
Ivyo bibazo n'ibindi vyinshi biri muri ico gisata c'indero mu Burundi ni vyo tugiye gushimikirako muri kino kiganiro mwateguriwe kandi mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.
Muri kino kiganiro turi kumwe na Antoine Manuma arongoye urunani rw'amasendika (syndicats) yo mu gisata c'indero n'inyigisho mu Burundi, FNASEEB.
Turi kumwe kandi na Séverin Nyamuyenzi arongoye ishirahamwe ry'abavyeyi.
Uwundi turi kumwe ni Denise Kandondo arongoye urunani rw'amashirahamwe akurikiranira hamwe ivyo indero, BAFASHEBIGE.